Uganda: Umugore wa Bobi Wine aravuga amarorerwa yakorewe, aho ari mu bitaro

Barbara, umugore wa Bobi Wine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugore w'umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda Bobi Wine, Barbara Kyagulanyi ari mu bitaro inyuma y'uko abantu bitwaje ibirwanisho batereye inzu yabo bakayigira umusaka ku mugwa mukuru Kampala.

Ni igitero kibaye inyuma y'imisi mike habaye amatora y'umukuru w'igihugu atabonwa kumwe ku vyayavuyemwo.

Barbara avuga ko yari umwe igihe aba bagabo binjira ku nguvu mu nzu. Hari mw'ijoro ryo ku wa gatanu, babaza iyo umugabo wiwe yari ari, bongera barondera no kwinjira muri terefone yiwe.

Ari ku gitanda mu bitaro aho ariko aravurirwa, Barbara Kyagulanyi yabwiye abanyamakuru ko abateye - bamwe muri bo bari bambaye umwambaro wa gisirikare abandi nabo bambaye impuzu zisanzwe - bamukubaguye, baramutuka, bamubaza igituma yemeye kurongorwa na Bobi Wine.

Avuga ko abagabo babiri bamugumije, mu gihe abandi nabo bariko barasakambura inzu yose. Umwe muri bo yamusavye gutanga akajambo-kabanga (password) ka terefone.Avuga ko amaze kwanka yaciye amufata mu kanigo amukiriza hejuru.

Barbara, aho arwariye mu bitaro vyo ku mugwa mukuru Kampala, agira ati: "Mbandanya nifatafata kandi ntaka ntakambira umugabo wanje ngo ntave mu bwihisho".

Avuga mu rurimi rw'Ikiganda, Barbara Kyagulanyi yashimangiye ati: "Nimba bibaza ko bazokuronka wewe umugabo wanje bakoresheje ukuntoteza, igumire mu bwihisho".

Kuva Yoweri Museveni atangajwe ko ari we yatsinze ano matora ku majwi arenga 71%, umugabo wiwe Bobi Wine arihishije. Umugambwe wiwe National Unity Platform wariyamirije ivyavuye muri aya matora.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku muhingamo w'ejo ku wa gatandatu, aciye ku rubuga rwa X, Wine yamenyesheje abanywanyi biwe n'amakungu ukungene abajejwe umutekano bari bambaye udupfukamunwa bateye inzu yiwe, bagasakambura vyose, bakanakubita abantu bari muri iyo nzu harimwo umugore wiwe n'abana.

Ati: "Batoye terefone y'umugore wanje bamutegeka kubaha ijambo kabanga no kwugurura iyo terefone".

Avuga ko yanse kubaha ivyo barondera, baciye bamukubita, baramusinzikaza. Barbara abandanya kuvurwa avuga ko yakomeretse ku mubiri no ku mutima.

Imbere y'aho, Wine yari yamenyesheje ko afise ubwoba ku bishobora gushikira umugore wiwe yavuga ko yari yugaraniwe mu cumba kimwe, kandi ko atari azi intumbero y'abo bajejwe umutekano.

Umushingamateka Joel Ssenyonyi akaba ari umwe mu bategetsi bakuru b'umugambwe NUP, yanditse ubutumwa kuri X avuga ko yashitse ku muhana w'umukuru w'umugambwe wabo, uri ahitwa Magere kugira ngo amenye ivyariko biraba, inyuma y'uko amenyeshejwe ko igisirikare ca Uganda cari cinjiye mu nzu yiwe.

Yanditse ati: "Hari abasirikare baharurwa muri mirongo, be n'abandi bantu baboneka mu nzu. Benshi bambaye umwambaro wa gisirikare abandi bambaye impunzu zisanzwe".

SSenyonyi yavuze kandi ko abantu bari bafise ibirwanisho bari bamwankiye kwinjira.

Abarongoye umugambwe NUP bavuga ko bavuganye n'abategetsi bakuru b'igipolisi babaza igituma babandanya bafatira ingingo nk'izo umugore wa Wine aho gusohora itangazo ku mugaragaro ryo guhamagaza Wine we nyene canke umugore wiwe ku gituro c'igipolisi ico ari co cose muri iki gihugu.

Gushika ubu, igipolisi ca Uganda nta kintu na kimwe kiravuga canke ngo gishikirize kuri ibi bivugwa na Bobi Wine, umugore wiwe n'umugambwe wa NUP.