Kurambira ku butegetsi: Menya abafata iya mbere muri Afrika

Denis Sassou nguesso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ni ikintu kiboneka cane muri Afrika. Mu bihugu bimwe bimwe vyo kuri uno mugabane, umuntu arashobora kuvuka, agakura, akiga amashure y'intango gushika n'aho agera kuri kaminuza akiga agaheza, agakora akazi imyaka 15 canke 20 abona umukuru w'igihugu umwe rudende.

Mu vy'ukuri, hari abakuru b'ibihugu bamaze imyaka irenga 40, ingendo yo kurambira ku butegetsi idakunze kuboneka ahandi.

Ng'aba abategetsi ba Afrika bafata iya mbere mu barambiye ku butegetsi.

1. Teodoro Obiang Nguema Basogo w'imyaka 83, wa Guinée Equatoriale

Teodoro Obiang Nguema

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ufatiye ku myaka, si we mukuru w'igihugu wa mbere ashaje kuruta abandi bose muri Afrika. Ariko ku bijanye no gusazira ku butegetsi, ni we aza imbere y'abandi bose.

Nk'umukuru w'igihugu ca Guinée Equatoriale kuva mu 1979, Teodoro Obiang Nguema Basogo w'imyaka 83, arakwije imyaka 44 ari we wenyene aramutswa igihugu.

Muri iki gihugu co muri Afrika yo hagati, Teodoro Obiang Nguema Basogo ni we yica agakiza.

Aherutse kugena umuhungu wiwe Teodorin Nguema Obiang nk'icegera ciwe, amabanga abandanya arangura nubwo yagirijwe akanagirwa n'icaha co gukoresha itunga ry'igihugu ku nyungu ziwe bwite, hari mu rwego rwo kurwanya amatungo yo mu kinywabi.

Teodorin afatwa ko ari we azosubirira se wiwe ku butegetsi.

2. Paul Biya w'imyaka 92, Kameruni

Paul Biya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku myaka 92, Paul Biya ni we mukuru w'igihugu wa mbere ashaje kuruta abandi bakuru b'ibihugu bose muri Afrika. Aracari ku ngoma yashitseko muri Munyoyo (11) 1982, ni ukuvuga ko amaze imyaka hafi 43 arongoye iki gihugu.

Nk'uwukurira abandi bakuru b'ibihugu bose muri Afrika, ntagugumwa nubwo igihugu ciwe cagiye gihura n'ibibazo vya poritike n'umutekano muke vyaranze intwaro yiwe.

Ku ncuro zitari nke, ubutegetsi bwiwe bwarahungabanijwe n'uwahoze atavuga rumwe na we John Fru Ndi, (yapfuye mu 2023) wo mu mugambwe Front Démocratique Social, hamwe n'inyeshamba z'umuhari Boko Haram wiyitirira idini rya Isilamu.

Ubutegetsi bwiwe kandi buhanganye cane cane n'ikibazo c'abanyagihugu bakoresha ururimi rw'icongereza bo mu bice vy'uburaruko bushira uburengero hamwe n'ubumanuko bushira uburengero, bihurikiye mu co vyise Ambazonie, bakaba barondera ko hashingwa igihugu cigenga, ariko Biya ntarekura.

Mu gihe muri Kameruni himirije amatora y'umukuru w'igihugu muri Gitugutu (10) uno mwaka, Paul Biya ntaramenyesha ku mugaragaro nimba azokwitoza canke atazokwitoza.

Umugambwe wiwe ubona ko azokwitoza ku giti cawo.

3. Denis Sassou Nguesso w'imyaka 82, Congo

 Denis Sassou Nguesso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Amaze imyaka 41 igabuyemwo imice ibiri arongoye igihugu ca Congo Brazzaville.

Denis Sassou Nguesso yarongoye Congo kuva mu 1979 gushika mu 1992, yongera abusubirako mu 1997 gushika uno musi.

Ingoma yiwe yabanje guhagarara mu kiringo c'imyaka itanu mu 1992 igihe haba amatora y'umukuru w'igihugu, aho yaje mu kibanza ca gatatu n'amajwi 16,9 %, inyuma y'abandi babiri bahiganywe na we bakamusumvya, ari bo Pascal Lissouba yahavuye aba umukuru w'igihugu, hamwe na Bernard Kolélas yahiganywe na we mu matora agira kabiri.

Mu 1997, Denis Sassou Nguesso yagarutse ku butegetsi asenyuye intwaro ya Pascal Lissouba inyuma y'intambara yo hagati mu gihugu.

Kuva ico gihe, ntarigera asubira kuburekura, aho uwudugije umutwe ngo agomba kumuhangara atigera aronka amaragamo.

4. Yoweri Museveni w'imyaka 81, Uganda

Yoweri Museveni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Muri Uganda, Yoweri Museveni ni we wenyene yiganziye poritike y'igihugu kuva mu 1986.

Amaze imyaka 39 yose hamwe, arongoye igihugu ca Uganda.

Aherutse gushira ahabona ko yipfuza kwitoreza ikiringo kigira indwi kw'izina ry'umugambwe wiwe NRM mu matora ategekanijwe muri Nzero (1) umwaka uza.

Igihe yitoreza ikiringo kigira gatandatu mu 2021, yabanje guhindura ibwirizwashingiro ryategeka ko uwushaka kwitoza ngo arongore igihugu atashobora kuba arenza imyaka 75, maze aca aritoza, ico gihe akaba yari afise imyaka 77.

Muri ayo matora, uwamuhangaye cane yari umunyamuziki Robert Kyagulanyi Ssentamu, azwi cane nka Bobi Wine, yarondera kumwegura, ariko nta co yigeze ashikako.

5. Isaias Afwerki w'imyaka 79, Eritrea

Isaias Afewerki

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ku ritazirano rya "Korea ya Ruguru ya Afrika" yahawe na Vanessa Tsehaye, umunya Suwede yamuka muri Eritrea akaba aharanira uburenganzira bwa muntu, Eritrea irongowe na Isaias Afwerki kuva mu 1993, umwaka yaronkerako intahe y'ukwikukira.

Inyuma y'intambara yo kwikura ku gihugu kibanyi ca Ethiopia mu rugamba rwo kwikukira, Afwerki yashinze intwaro y'umugambwe umwe rudende, kandi nta matora arigera ategura kuva ashitse ku butegetsi, aho arongoye igihugu n'ukuboko kw'icuma.

Kuva mu myaka ya 2000, inyuma y'intambara ya kabiri na Ethiopia (1998-2000), igihugu kirangwa n'intwaro ya 'ryogora duhure'.

6. Paul Kagame w'imyaka 68, Urwanda

Paul Kagamé

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu buryo bwa kure, haciye imyaka 31 ari ku butegetsi mu Rwanda, muri iyi, 25 akaba ayimaze nk'umukuru w'igihugu.

Paul Kagame w'imyaka 68 yashitse ku ngoma y'igihugu nk'umukuru w'ingabo za Front patriotique rwandais (FPR), umuhari w'inyeshamba zarwanya intwaro y'Abahutu yari ihari irongowe na Jenerali Juvénal Habyarimana.

Kagame yabonwa ko ari we yari arongoye igihugu (bimwe mu binyamakuru vyamwita "Homme fort de Kigali", mu kwerekana ko ari we yari afise ubutegetsi mu minwe), nubwo yari icegera c'umukuru w'igihugu akaba n'umushikiranganji wo kwivuna abansi igihe Urwanda rwari rurongowe na Pasteur Bizimungu kuva mu 1994, FPR ifashe igihugu.

Kagame yagiye gushika neza na neza ku ntebe y'umukuru w'igihugu mu ntango za 2000 inyuma y'aho Bizimungu atangiye imihoho, maze aca aba umukuru w'igihugu agira kane w'Urwanda.

Paul Kagame azwi ko yateje imbere cane Urwanda, mbere iki gihugu kikaba gifatirwako akarorero mu bijanye n'iterambere mu vy'ubutunzi kuva ashitse ku ngoma, nubwo hari abanegura intwaro yiwe bavuga ko ata demokarasi iriyo kandi ko intwaro yiwe ari 'ryogora duhure'.

7. Ismail Omar Guelleh w'imyaka 77, Djibouti

Ismail Omar Guelleh

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ntakunze kuvugwa cane, ariko Ismail Omar Guelleh w'imyaka 77, umukuru w'igihugu ca Djibouti na we nyene amaze igihe kitari gito arongoye igihugu.

Kuva ashitse ku butegetsi ku wa 08 Rusama (5) 1999, inyuma y'uko Hassan Gouled Aptidon akukurutse, ubu ashikanye imyaka 26 ari ku ngoma.

Ku wa 9 Ndamukiza (4) 2021, Ismaïl Omar Guelleh yatorewe ikindi kiringo c'umukuru w'igihugu n'amajwi 98,58 %.

Muri ico gihugu co mw'Ihembe rya Afrika, Ismaïl Omar Guelleh, aboneka ko ahagaze neza kugira ngo azorambire ku butegetsi.