Hamas yemeye integuro nshasha y'agahengwe muri Gaza - bivugwa n'isoko ryo muri uwo muhari

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, David Gritten
- Igikorwa, BBC News
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Akurikirana amakuru ya Gaza ari Istanbul
Hamas yemeye integuro ya vuba y'abahuza b'akarere ku gahengwe muri Gaza no kurekura imbohe z'abanya-Israel, nk'uko isoko ryo muri uwo muhari ryabwiye BBC.
Iyo nteguro ya Misiri na Qatar ivugwa ko ishingiye ku nzira yaciwe n'intumwa ya Amerika Steve Witkoff mu kwezi kwa Ruheshi(6).
Yotuma Hamas irekura imbohe z'abanya-Israel hafi 50 basigaye - 20 vyibazwa ko bakiri bazima - mu ngunga zibiri mu gahengwe ka mbere k'iminsi 60. Hoca haba kandi ibiganiro vy'ihagarikwa ry'intambara mu buryo ntabanduka.
Ntiharamenyekana ingene Israel ija kuvyakira, mu gihe ibiro vy'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu vyavuze ku ndwi iheze ko amasezerano yonyenye bishobora kwemera ari ayotuma ''imbohe zose zirekurwa icarimwe''.
Muri video yasohotse inyuma y'izo nkuru zivuga ko Hamas yemeye, Netanyahu ntaco yabivuzeko mu buryo butaziguye ariko yavuze ko ''kuba bavyemeye hari kimwe vyokwereka: Hamas iraremerewe cane.''
Nawe umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Israel Lt Gen Eyal Zamir, hagati aho yavuze ko ''ari igihindutse muri iyo ntambara imaze amezi 22, mu gihe hakomejwe umurindi w'ibitero kuri Hamas muri Gaza City''.
Bishitse mu gihe abavyiboneye muri Gaza City bavuga ko ibiduga vy'intambara vya Israel bishigikiwe n'ibitero vy'indege na vya muzinga vyinjiye atawari avyiteze mu bumanuko bw'agace ka Sabra, bikikuza amashure n'ivuriro rikoreshwa na ONU ririmwo amajana y'abantu bateshejwe izabo.
Muri iyi ndwi, reta ya Israel yitezwe kwemeza integuro y''igisirikare yo kwigarurira Gaza City, aho ibitero vy'urutavanako vya Israel bija bimaze gutuma abantu ibihumbi bahunga.
Netanyahu yaramaze kuvuga ko Israel ifise umugambi wo kwagura igitero no kwigarurira Gaza - harimwo n'uduce aho benshi mu banya-Palestina bashika miriyoni 2,1 bahungiye - inyuma y'aho ibiganiro biziguye na Hamas binaniriwe kugira ico bishitseko.
Intumwa za Hamas zirongowe n'umukuru mu biganiro, Khalil al-Hayya, zari zimaze iminsi ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo, kuva ku ndwi iheze, zibonana n'abahuza babona ko hari akabero k'amasezerano mashasha.
Ku wa mbere mu gitondo, umwe mu bakuru muri izo ntumwa yabwiye BBC ko zariko zirihweza integuro nshasha y'amasezerano y'agahengwe bari baraye bahawe.
Umushikiranganji wa mbere wa Qatar, Sheikh Mohammed bin Abdul Rahman Al Thani, nawe nyene yaragendeye umurwa mukuru wa Misiri ''kugira yotse igitutu izo mpande zibiri zishike ku masezerano y'agahengwe vuba hashoboka'', nk'uko umushikiranganji wa Misiri ajejwe imigenderanire Badr Abdelatty yavuze.
Ari mu rugendo ku cambu ca Rafah ku rubibe na Gaza, Abdelatty yavuze ko vyihuta ko haboneka agahengwe kugira abantu bo mu ntara ya Palestina batezurirwe akaga barimwo. Yavuze ko ibintu uko vyifashe ubu aho hantu ''birenze ukwiyumvira kw'umuntu''.
Ku wa mbere ku mugoroba, isoko ryo muri Hamas ryabwiye BBC ko uwo muhari washikirije inyishu yanditse abahuza uvuga ko wemeye iyo nteguro y'agahengwe ata zindi mpinyanyuro canke ibindi bisabwe.
Ku bw'umutetegetsi w'umunya-Palestina amenyereye ivyo biganiro, iyo nteguro ''ishusha'' n'iyatanzwe na Steve Witkoff haraheze amezi abiri, iyo Hamas yari yanse.
Witkoff yari yateguye ko hoba agahengwe k'iminsi 60 koca karekurwamwo abagizwe imbohe na Hamas 10 bakiri bazima n'ibiziga 18 vy'imbohe bagakabwa abanya-Palestina bapfungiwe mu mabohero yo muri Israel. Yari yavuze kandi ko muri ako gahengwe hoca haba ibiganiro bikomeye vyo kurangiza intambara.
Ku wa Mungu mw'ijoro, ibihumbi n'ibihumbi vy'abanya-Israel barakoraniye i Tel Aviv basaba reta yabo kwemera umwumvikano na Hamas kugira intambara irangire hanyuma imbohe zose zitahe.
Imiryango y'abagizwe imbohe ifise ubwoba ko ikindi gitero muri Gaza City gishobora gushira mu kaga abakiriyo.
''Mfise ubwoba ko umuhungu wanje ashobora kugira ico aba,'' vyavuzwe na Dani Marian, afise umuhungu w'imyaka 48 Omri amaze iminsi 682 ari imbohe.
Netanyahu yagirije abitavye imyiyerekano gutuma Hamas idadaza mu biganiro.
N'abanya-Palestina barasavye ko intambara yohera ubwo nyene mu myiyerekano muri Gaza City ku wa mbere.
''Hamas n'ivyo isaba, n'ibiriko biganirwako, jewe ntibinserukira. Nshaka kuba mu mahoro. Nshaka kuruhuka mu mutwe. Ico dusaba conyene ni amahoro n'umutekano ku bana bacu,'' niko umugore umwe yabwiye umumenyeshamakuru yigenga akorana na BBC.
Hagati aho umukuru wa Amerika, Donald Trump yanditse ku mbuga hwaniro Truth Social ati: ''Tuzobona imbohe zisigaye zigarutse ari uko gusa Hamas itewe igasamburwa!!! Uko ivyo binyaruka kuba, niko amahirwe aba menshi yo kubishikako.''

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko intambara izorangira ari uko gusa imbohe zirekuwe Hamas nayo igashira ibigwanisho hasi. Ashaka kandi ko Gaza iba abakerere katagira igisirikare, kaguma kagenzurwa na Isarel, kandi kagategekwa n'ubutetegetsi ataho buhuriye na Hamas n'urwego rw'ubutegetsi bwa Palestina.
Hamas yo yasavye ko hoba amasezerano yuzuye yotuma imbohe zirekurwa zigakabwa abanyororo b'abanya-Palestina bapfungiwe muri Israel, hamwe no kurangiza intambara hanyuma ingabo za Israel zikava muri gaza. Ivuga ko itazoshira ibigwanisho hasi kiretse igihugu cigenga ca Palestina gishinzwe.
Igisirikare ca Israel cagavye igitero muri Gaza cishura ku gitero Hamas yagize mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu (10) mu 2023 ahishwe abantu hafi 121 abandi 251 bagenda batwawe nk'imbohe.
Gushika ubu abantu batari munsi ya 62.004 baramaze gupfa muri Gaza, ku bw'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe imigenderanire.
Abenshi mu baba muri Gaza kandi barateshejwe izabo incuro nyinshi, amazu ashika ku 90% bigereranywa ko yononekeye canke agasamburwa, ivyo kwitaho amagara y'abantu, amazi, n'isuku vyarasambutse, abahinga ba ONU mu bijanye n'umutekano mu vyo kurya bagabishije ko ica nyuma kibi gishobora gushika ubu kiriko kiraba, ni ukuvuga ukwicwa n'inzara'' kubera ubukene bw'ivyo kurya.
Ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu ku wa mbere bwavuze ko abandi bantu batanu, barimwo abana babiri, bapfuye kubera ukurya nabi mu masaha 24 yari aheze, igitigiri c'abamaze gupfa muri ubwo buryo kuva intambara itangura kikaba caciye gishika ku 263.










