Netanyahu yacanishijemwo abanye Israel n'incuti zabo ku mugambi wo kwigarurira Gaza

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Hugo Bachega
- Igikorwa, BBC Middle East correspondent in Jerusalem
Umugambi uteye impari w'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu wo kubandanya ibitero vya gisirikare muri Gaza watumye haba igabishwa ry'abarongoye igisirikare, abawiyamiriza bo mu miryango y'abakigizwe imbohe hamwe n'amakenga ko abandi banye Palestine benshi bashobora kwicwa.
Bishobora no gutuma igihugu ciwe giharirwa ivomo gusumba.
Mu nama yahuje abagize akanama k'igihugu kajejwe umutekano yamaze amasaha 19, abashikiranganji bemeje integuro y'itegeko ryo "kwigarurira igisagara ca Gaza". bisa n'igice ca mbere ku gisirikare ca Israel co kwemanga ku mugaragaro kugenzura akarere ka Gaza, nk'uko Netanyahu yabishikirije nk'icipfuzo ciwe.
Itangazo ryasohowe n'ibiro vyiwe ntiryakoresheje ijambo "kwigarurira" ariko muvyo ukuri, ni co uwo mugambi usigura.
Ntibiramenyekana aho ivyo bikorwa vya gisirikare, bishobora kumara amezi n'amezi, bizotangurira, kuko igisirikare kizotegerezwa kubanza guhamagara ibihumbi n'ibihumbi vy'aba 'reservistes' [abasirikare igihugu cikorako iyobikenewe], ubu barushe cane inyuma yo kugwana incuro nyinshi, no kwirukana ku nguvu abantu mu karere babamwo karimwo abanye Palestine boba bashika 800.000.
Benshi muri bo, nibaba atari bose, baramaze guta izabo incuro nyinshi muri iyi ntambara.
Uyu mugambi uzotuma ibihugu vyinshi, bimaze kwerekana ishavu batewe n'uko ibintu vyifashe muri Gaza biwiyamiriza, ari na ko bihamagarira Israel kurangiza intambara yo muri ako karere, yatanguye nk'inyishu ku bitero vya Hamas kuri Israel itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu 2023.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer, yavuze iyo ngingo "ko ari mbi" ahamagarira Israel kwisubirako "ubwo nyene".
Ariko igitsure c'amakungu gishobora kutagira ico gihindura ku mugambi wa Netanyahu.
No muri Israel hari abashavuye. Ibiharuro vyerekana ko abantu benshi bashigikiye kugiriranira amasezerano na Hamas yo kurekura abagizwe ingwati 50, 20 muri bo bikaba vyibazwa ko bagihema, hamwe n'uko intambara irangira.
Ugutera ubwoba ko ako karere kose gashobora kwigarurirwa gushobora kuba ari amayeri yo kugerageza guhatira umuhari Hamas kugira ivyo uheba mu biganiro vyo guhagarika intambara bimaze imisi bidatera intambwe.
Abategetsi ba Israel bavuga ko Hamas ubu, ititayeho ibiganiro, kuko ku bwabo, uwo muhari wiyumva ko ukomeye, ivyo babona kumwe n'ubutegetsi bwa Trump butigeze buvuga kubiri n'umugambi wa Israel.
Benshi bibaza ko Netanyahu ariko aratevya intambara kugira urunani rwiwe rumare kabiri, urwo na rwo rukaba ruhagaze ku gushigikirwa n'abashikiranganji b'ivyiyumviro bikaze cane mu gushira imbere inyungu z'igihugu (ultranationalist) bakangishije ko bazoca batanga imihoho/begura hamwe intambara yohera.
Itamar Ben Gvir na Bezalel Smotrich baranashigikiye ku mugararo ico bita ukwimuka ku gushaka kw'abanya-Palestina bava Gaza – ibishobora kuba ukwimura abasivire ku gahato, icaha co mu ntambara – hagasubira Abayahudi.
Ivyiyumviro vya Netanyahu ntibishigikiwe na gato n'umukuru w'ingabo Lt Gen Eyal Zamir, we ibinyamakuru vyo muri Israel bivuga ko yari yagabishije umushikiranganji wa mbere ko ukwifatira Gaza vyuzuye ''ataho bitaniye no kwita mu mutego'' kandi ko bizoshira mu kaga abagizwe imbohe bakiri bazima.
Benshi mu miryango y'izo mbohe bafise amakenga nk'ayo nyene, bakavuga ko inzira yonyene yo kugira barekurwe ari ugushika ku mwumvikano na Hamas no kurangiza intambara.
Ku bw'ikinyamakuru Maariv, ''uko ibintu vyibazwa ubu ni uko benshi canke bose mu mbohe zikiriho bazopfa'' mu gitero cagutse, bishwe n'ababatwaye canke bahitanywe n'impanuka n'igisirikare ca Israel.
Imbere y'uko haba inama y'abashikiranganji bajejwe umutekano, Netanyahu yarahaye ikiganiro Fox News aho yavuze ko Israel ifise umugambi wo kugenzura Gaza ijana kw'ijana.
Ingingo ya reta isa n'uko habuze gato ngo ishigikire ico ciyumviro ku mugaragaro.
Muri ico kiganiro na Fox News, Netanyahu yavuze ko Israel idafise umugambi wo kugumana iyo ntara. ''Ntidushaka kuyitegeka,'' ni ko yavuze. ''Ntidushaka kubayo nk'urwego rutwara iyo ntara. Dushaka kuzoyishikiriza ingabo z'Abarabu.''
Nta do n'ido yatanze ku vyoba biriko birategekanywa canke ku bihugu bishobora kubigiramwo uruhara. Ariko, ico cabaye ikimenyetso kidasanzwe c'umugambi afise kuri Gaza y'inyuma y'intambara.
Netanyahu, gushika ubu, ntaratanga imbonakazoza ya Gaza inyuma y'intambara uretse guhakana uruhara rw'ubutegetsi bwa Palestine, urwego rutwara intara yigaruriwe ya Cisjordanie kandi rwemera kubaho kwa Israel.
Intambara ya Israel muri Gaza imaze guhitana abanye-Palestina 61.000, ku bw'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu butwarwa na Hamas. Ibitero vya Hamas kuri Israel vyahitanye abantu hafi 1.200 abandi 251 batwarwa nk'imbohe.













