Uburyo bw'ibanga Hamas ikoresha mu guhemba abakozi ba reta yayo

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Gaza correspondent in Istanbul
Inyuma y'imyaka hafi ibiri y'intambara, ubushobozi bwa gisirikare bwa Hamas bugeze ahatemba, eka mbere n'ubutegetsi bwayo bwa poritike na bwo nyene burageramiwe bikomeye.
N'ubwo biri uko, muri iki gihe cose c'intambara, Hamas yarashoboye kubandanya ikoresha uburyo bwo mu mpisho bwo kwishura amahera abona kugira ngo ihembe abakozi bayo 30.000 imishara ingana n'imiriyoni indwi z'amadorari y'Abanyamerika.
BBC yavuganye n'abakozi ba reta yayo batatu bemeza ko mu ndwi iheze umw'umwe wese yahembwe amadorari hafi 300.
Bivugwa ko bari mu bakozi ibihumbi n'ibihumbi babandanya bahembwa, rimwe mu mezi arenga abiri, gushika ku bice birenga 20% vy'imishahara bahembwa imbere y'intambara.
Mu gihe ibiciro vy'ibintu bibandanya biduga ku rugero ruteye ubwoba, aka gace k'umushahara bahabwa kariko gatuma abanywanyi b'inkoramutima b'uno mugambwe bawutera icizere.
Ubukene burenze urugero bw'imfungurwa - amashirahamwe atanga imfashanyo akabwegeka kuri Israel – ibitigiri vy'abarwara indwara zivuye ku gufungura nabi biriyongera muri Gaza, aho ikiro c'ifu mu ndwi nkeya ziheze cashitse ku madorari 80 – ibitari bwigere bishika aha muri kahise.
Mu gihe ata mabanki agikora muri Gaza, no kuronka aka gashahara ni ikintu kitoroshe, mbere rimwe na rimwe bikaba akaga. Israel yama ihiga kandi itera abajejwe gutanga imishahara muri Hamas, mu ntumbero yo kuburabuza ubutegetsi bw'uno murwi.
Abakozi, kuva ku bapolisi kugenda gushika ku batozakori, akenshi bahabwa ubutumwa bunyegeje ku materefone yabo canke y'abagore babo bubabwira gushika mu kibanza kanaka n'umwanya kanaka "kubonana n'umugenzi kugira basangire icayi".
Bashitse aho bahurira, haza umugabo – canke rimwe na rimwe umugore – akegera uno mukozi, akamuha mw'ibanga ibahasha ryugaye ririmwo aya mafaranga agaca anyerera batanavuganye.
Umukozi wo mu bushikiranganji bujejwe ibibazo vy'amadini mu butegetsi bwa Hamas atashatse ko izina ryiwe rija ahabona ku mvo z'umutekano wiwe, aravuga ingorane zishobora gushika mu gutora umushahara wiwe.
Ati: "Buri gihe iyo ngiye gutora umushahara wanje, ngenda nsezeye umugore n'abana. Ndazi ko nshobora kutagaruka. Ni kenshi Israel itera ibibanza bitangirwamwo imishahara. Narahatswe muri kimwe cakozwe kw'isoko mu gisagara ca Gaza".
Alaa, izina ryiwe twahinduye mu gukingira umwidondoro wiwe, ni umwigisha muri reta ya Hamas kandi akaba ari we wenyene agaburira umuryango wose w'abantu batandatu.
"Nahawe inoti zaheze z'ama-shekel 1000 (hafi $300) - nta mudandaza n'umwe yozemera. Amashekel 200 yonyene ni yo yashoboye gukora – ayandi asigaye, mvugishije ukuri sinzi ico nshobora kuyakoresha", niko yabwiye BBC.
"Inyuma y'amezi abiri n'igice y'inzara, baduhemba amahera yaheze.
"Kenshi biba ngombwa ko nshika ku bibanza bitangirwamwo imfashanyo nizeye ko nshobora kuharonkera agafu kugira ngaburire abana banje. Rimwe na rimwe ndaronka dukeya ntahana, ariko kenshi ndabura".
Muri Ntwarante (3), igisirikare ca Israel cavuze ko cishe umukuru w'igisata ca Hamas ajejwe ikigega, Ismail Barhoum, mu gitero cakozwe ku bitaro Nasser, muri Khan Younis. Bamwagirije ko ari we acishwako amahera agenewe ishami rya gisirikare rya Hamas.
Haracari igipfungu ku kungene Hamas yashoboye kubandanya iriha imishahara uravye ukugene ibigo vy'ubutegetsi n'ibijejwe ikigega vyasambuwe.
Umwe mu bakozi bakuru ba Hamas yakoze mu nzego zo hejuru kandi azi neza ibijanye n'ingene Hamas ikoresha amafaranga, yabwiye BBC ko uno muhari wanyegeje imiriyoni hafi 700 z'amadorari hamwe n'amamiriyoni amajana n'amajana y'amashekel mu myobo yo mu kuzimu imbere y'igitero uno muhari wakoze ku wa 7 Gitugutu (10) 2023 mu bumanuko bwa Israel, ari naco ntandaro y'iyi ntambara ya Israel muri Gaza.
Bivugwa ko aya mahera yose yakurikiranwa n'umukuru wa Hamas Yahya Sinwar na mwenewabo Mohammed – bompi bakaba barishwe n'ingabo za Israel.
Uburakari ku mfashanyo ihabwa abanywanyi ba Hamas bonyene
Kuva muri kahise, Hamas izeye amafaranga ava mu makori itoza abanyagihugu ba Gaza ku bidandazwa biva hanze, hamwe n'amamiriyoni y'amadorari y'imfashanyo ihabwa na Qatar.
Qassam Brigades, ishami rya gisirikare rya Hamas risanzwe rifise igisata caco kijejwe ikigega, ihabwa amafaranga cane cane na Irani.
Umutegetsi wo hejuru wo mu muhari wa Kisilamu utacemewe n'amategeko mu Misiri, Frères Musulmans/Muslim Brotherhood, umwe mu mihari ikomeye cane ya kisilamu kw'isi, avuga ko hafi 10% y'amafaranga bakoresha na yo nyene yarungikirwa Hamas.
Mu kwegeranya uburyo muri iyi ntambara, Hamas yabandanije itoza amakori abadandaza, yongera igurisha itabi ryinshi cane ku biciro biri hejuru cane, ku giciro kigwije incuro zishika 100. Imbere y'intambara, akabweta k'imisogoto 20 y'itabi kagurwa amadorari 5 – ariko ubu karaduze gushika ku madorari 170.
Hejuru y'amahera arihwa, Hamas irarungikira imfungurwa abanywanyi bayo n'imiryango yabo biciye mu makomite y'ubutabazi y'uturere afise abarongozi bagenda bahindagurwa kubera ibitero vy'urutavanako vya Israel.
Ibi birateza uburakari abanyagihugu, aho benshi mu baba muri Gaza bagiriza Hamas ko irungikira imfashanyo abanywanyi bayo gusa, igashira ku ruhande abanyagihugu bandi kandi ari bo benshi.
Israel iragiriza Hamas kwiba imfashanyo yinjijwe muri Gaza mu gihe c'agahengwe mu ntango z'uno mwaka, ivyo Hamas ihakana. Hagati aho, amasoko ya BBC muri Gaza avuga ko imfashanyo zitari nke zigaruriwe na Hamas ico gihe.
Nisreen Khaled, umupfakazi areze abana batatu inyuma y'aho umugabo wiwe yiciwe na kanseri, haraciye imyaka itanu, yabwiye BBC ati: "Igihe inzara yaba ndanse, abana banje ntibarizwa n'umubabaro gusa, barizwa kandi no kubona ingene ababanyi babo b'abanywanyi ba Hamas baronswa imfungurwa n'imifuko y'ifu.
"None si bo badutera umubabaro? Kubera iki bataturonkeje ivyo kurya, amazi n'imiti imbere y'uko batangura igitero cabo ku wa 7 Gitugutu?"













