Hamas yanse guheba ibigwanisho gushika igihugu ca Palestine gishinzwe

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock
- Umwanditsi, Thomas Mackintosh
- Igikorwa, BBC News
Hamas yongeye kuvuga ko itazokwemera guheba ibigwanisho kiretse hashinzwe igihugu ca Palestine cigenga, aho ikaba yasubiza kuri kimwe mu bintu bikomeye bisabwa na Israel mu biganiro vyo guhagarika intambara muri Gaza.
Uwo mugwi w'abanye-Palestina witwaje ibigwanisho wavuze ko wariko urishura ku majambo ashirwa kw'izina ry'intumwa ya perezida wa Amerika Donald Trump mu karere k'ubuseruko bwo hagati Steve Witkoff y'uko Hamas yari ''yerekanye ishaka ryayo'' ryo gushira ibigwanisho hasi.
Israel ifata ukwaka ibigwanisho Hamas nka kimwe mu bintu bikomeye ku masezerano ayo ari yo yose yo kurangiza intambara.
Ibiganiro biziguye hagati ya Israel na Hamas vyo gushika ku masezerano yo guhagarika intambara no kurekura imbohe vyaradindiye ku ndwi iheze.
Mu minsi mike iheze, ibihugu vy'Abarabu vyasavye Hamas guheba ibigwanisho no kugenzura Gaza, inyuma y'aho ibihugu bimwe bimwe vyo mu burengero - harimwo Ubufaransa na Canada - bimenyeshereje ko bizokwemera igihugu ca Palestine. Ubwongereza bwavuze ko buzobikora hamwe Israel yonanirwa no kwubahiriza ibisabwa bimwe bimwe gushika mu kwezi kw'icenda.
Hamas - uri ku rutonde rw'imigwi y'iterabwoba muri Amerika, Ubwongereza n'Ishirahamwe rya Buraya - yavuze mw'itangazo ryayo ko idashobora guheba uburenganzira bwayo bwo ''kwihagararako n'ibigwanisho vyawo'' kiretse ''igihugu ca Palestine cigenga vyuzuye na Yeruzaremu nk'umurwa mukuru waco'' gishinzwe.
Lt Gen Eyal Zamir wo mu ngabo za Israel (IDF) yagabishije ko ata gahengwe kazohaba mu kurwana muri Gaza hamwe ibiganiro vyonanirwa no gushika ku masezerano yo kurekura imbohe zikiri mu minwe ya Hamas.
Ku wa gatandatu, umuryango w'imbohe Evyatar David wasohoye itangazo inyuma y'aho Hamas ishiriye ahabona video imwerekana ata shati yambaye kandi yaronze cane ari mu mwobo hatabona neza.
Bagirije Hamas kumwicisha inzara nka kimwe mw'isekeza ryo kurondera gushika ku vyo ishaka baca basaba reta ya Israel na Reta Zunze Ubumwe za Amerika gukora ibishoboka vyose kugira arokoke.

Ahavuye isanamu, Reuters
Witkoff yagendeye Israel mu gihe reta y'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu iguma yotswa igitutu kubera akaga kaguma karushiriza gukomera ku bantu bo muri Gaza.
Amashirahamwe ya ONU yagabishije ko hariko haraba kwicisha abantu inzara ikivunga kandi bikozwe n'umuntu, aho bakaba babita kuri Israel, ubu igenzura ubwinjiriro bw'imfashanyo yose ija muri iyo ntara. Israel iguma ivuga ko ata ntambamyi ihari ku gutanga imfashanyo kandi ko ''ata bantu bariko baricwa n'inzara''.
Ku wa gatandatu, Witkoff yarabonaniye i Tel Aviv n'imiryango y'abanya-Israel bakigizwe imbohe muri Gaza.
Amasanamu yashizwe ku mbuga hwaniro yerekanye iyo ntumwa ya Amerika asanganiwe n'amashi n'ugusaba gufashwa n'abashigikiye imiryango y'imbohe igihe yashika mu kibanza ubu camenyekanye cane kubera imyiyerekano ihabera.
Witkoff yavuze ko utwigoro tw'amahoro dutegerezwa gushimikira ku kurangiza intambara no kugarukana abagizwe imbohe bose, aho kurondera ico yise amasezerano y'igicuga.
Muri urwo rugendo rwa Witkoff, yarabonanye na Netanyahu ku wa kane hanyuma ku wa gatanu naho agenzura ikibanza kinegurwa cane co gutangiramwo imfashanyo mu bumanuko bwa Gaza.
Ibiharuro vya vuba vya ONU vyerekana ko nibura abanye-Palestina 1.373 bamaze kwicwa bariko bararondera ivyo kurya kuva mu mpera z'ukwezi kwa Rusama (5).
Benshi bishwe n'igisirikare ca Israel hafi y'ibibanza vyo gutangiramwo imfashanyo vy'ishirahamwe rishigikiwe na Israel na Amerika, Gaza Humanitarian Foundation (GHF), nk'uko ONU ivuga.
Israel yagiriza Hamas gutera akajagari hafi y'ivyo bibanza hanyuma ikavuga ko ingabo zayo zidatumbereza ibigirankana ku banyagihugu basanzwe.

Ahavuye isanamu, Office of United States Special Envoy to the Middle East
Igisirikare ca Israel cagavye igitero muri Gaza gisubiza ku gitero ca Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu mu 2023, aho abantu hafi 1.200 bishwe abandi 251 bagatwarwa nk'imbohe.
Kuva ico gihe abantu barenga 60.000 baramaze kwicwa muri Gaza, abandi 169, barimwo abana 93, baramaze kwicwa no kurya nabi, ku bw'ubushikiranganji bw'amagara butwarwa na Hamas.












