Sobanukirwa intambwe zerekeza kuri kigoyi

Amaboko afashe amasafuriya agaragara, acishije mu myenge y'uruzitiro

Ahavuye isanamu, Anadolu/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hari umwitwarariko mu makungu ku kibazo co gutabara muri Gaza
    • Umwanditsi, Rebecca Thorn na Angela Henshall
    • Igikorwa, BBC WS Health

Hafi umuntu umwe muri batatu mu karere ka Gaza baramara iminsi badafunguye, nk'uko bimenyeshwa n'ishami rya ONU rijejwe gutanga infungurwa kw'isi WFP/PAM.

Hari ikigoyi vy'ukuri' muri Gaza, uko ni ko perezida Donald Trump yavuze, inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere Banjamin Netanyahu arahiriye ko ata kintu nk'ico c'inzara kiharangwa.

Mu minsi ibiri ishize, Israel yahakana ko hari inzara muri Gaza, yatangaje ko igiye guhagarika gato (kugwana) kugira ngo imfungurwa zibone uko zinjira muri ako karere.

Ariko umukuru w'igisata kijejwe gutanga imfashanyo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Tom Fletcher, yavuze ko 'hakenewe imfungurwa nyinshi' mu kuramira abariko baricwa na kigoyi.

Umwe mu bana batanu muri gisagara ca Gaza agwaye ingwara zifatiye ku gufungura nabi, kandi ibitigiri vyabo vyiyongera ku munsi ku munsi, nk'uko bimenyeshwa n'ikigo ca ONU kijejwe impunzi z'abanya Palestina.

ONU ivuga ko ibitaro vyakiriye abantu bamerewe nabi kubera ubukene bw'ibifungurwa, abandi na bo barwa ku mabarabara batarashika.

Mu gihe ONU itaratangaza ko hari ikiza c'inzara muri ako karere, ikigo kijejwe kugendereza no gupima urugero rw'inzara mw'isi, Integrated Food Security Phase Classification IPC kigabisha ko aho ibintu bigeze ari ku rugero rw'ikiza ca kigoyi.

Inzara ni iki, itangazwa ryari?

IPC – ni urugezo rukoreshwa kw'isi hose mu nzira yo kumenya uko abantu babangamiwe no kubura ibifungurwa ngirakamaro kandi ku giciro bashobora kubona bitabavunye.

Iciciro ca 5 - arirwo rugero rw'ababangamiwe kurusha abandi – rwerekeye aharangwa n'ibi bikurikira:

  • 20% vy'abagize umuryango barabangamiwe cane no kubura imfungurwa.
  • N'imiburiburi ibice 30% vy'abana bafise ingwara zifatiye ku gufungura nabi.
  • N'imiburiburi 2 mu bakuze canke abana 4 ku bantu 10,000 barapfa bishwe na kigoyi buri munsi, canke bahitanywe n'ingwara zirimwo izandurutse ku gufungura nabi.

Icegeranyo ca IPC kuri Gaza catangajwe kuri Gaza ku wa 12 Rusama(5), kimenyesha ko abanyagihugu baho bose bageramiwe no kubura imfungurwa zikwiye (bari mu ciciro ca 3) canke mu vyiciro vyo hejuru mu bakomerewe kuruta aho.

Bateganya ko hafi 469,500 bazoba bari mu kaga ka kigoyi (iciciro ca 5) hagati ya Rusama(5) na Nyakanga(9) uyu mwaka wa 2025.

Mu gihe ivyo bishitse, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rica ritangaza ko hari ikiza c'inzara, rimwe na rimwe bafatanije na leta, akenshi kandi bagashigikirwa n'amashirahamwe mpuzamakungu atanga imfashanyo canke ayandi mashirahamwe y'abagiraneza.

Umurongo munini w'abanya Palestina bikoreye imifuko y'ifu yatanzwe nk'infashanyo mu buraruko bwa Gaza kuwa 27 Mukakaro

Ahavuye isanamu, Majdi Fathi/NurPhoto/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanya Palestina bateruye imifuko y'ifu bakuye ku makamyo avuye ku rubibe rwa Zikim ajabuka mu buraruko bwa Gaza

Umubiri w'umuntu yatewe na kigoyi umera gute?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inzara iterwa n'ukubura ivyo kurya igihe kirekire kandi bisigura ko umubiri wamaze igihe udashobora kuronka inguvu zikwiye (calories) kugira ngo ukore ivya ngombwa (guhumeka, gutembereza amaraso, kuyungurura ibifungurwa n'ibindi nk'ivyo).

Kenshi, umubiri urayungurura ibifungurwa ukabikoramwo inguvu (zivuye mu co twokwita nk'isukari ariyo glucose). Ariko iyo umuntu abuze ivyo kurya bikwiye, umubiri uratangura kuyungurura 'glycogène' umuntu aba asanganywe mu bihimba vyo mu gitigu no mu mitsi canke inyama, ukabikoramwo glucose irungikwa mu maraso igahinduka za nguvu zikenewe.

Iyo iyo glycogene iheze, umubiri uca wikora ku bubiko bw'ibinure, bikaja mu mitsi no mu nyama bigahinduka glycogene, nayo ubwayo ikayungurugwa kugirango itange glucose, kugira ngo umubiri ubone inguvu zihagije.

Inzara irashobora gutuma amahaha, inda n'ibihimba vy'irondoka bigabanuka (bigwingira) kandi ishobora gutera ubwonko, bigatuma ubwenge bw'umuntu budakora neza, akagira intuntu, akagira n'akabonge canke umwitwarariko ukabije.

Naho abantu bamwe bamwe bazopfa n'inzara, abantu badafungura neza cane kenshi bapfa bahitanywe n'ingorane nk'indwara zifatira mu bihimba vy'ubuhumekero canke mu bihimba vy'umubiri bicamwo ibiribwa, kubera ivyonona ubudahangarwa mu mubiri.

Kigoyi kandi ifata kwinshi.

Porofeseri Charlotte Wright, umushakashatsi mukuru (w'icubahiro), mu vy'ingaburo y'abantu muri kaminuza ya Glasgow mu Bwongereza, avuga ati: "Ntushobora gusa gufatwa n'indwara yo gufungura nabi, abo bana bashobora kuba bararwaye mbere indwara y'agasama, y'ibicurane, indwara y'umusonga, indwara yo gucibwamwo canke ibindi nk'ivyo."

"Abana bari bafise amagara meza ariko ubu batanguye gupfa n'inzara, bazoguma bafise inguvu zo kurya no gufata ibiribwa iyo biriho. Abandi bazoba bariko baronda."

Ingaruka z'inzara y'igihe kire kire
Insiguro y'isanamu, Ingaruka z'inzara y'igihe kire kire

Abana bato kigoyi ibagirako izihe ngaruka?

Kubura ivyo kurya mu bwana birashobora kugira ingaruka mu buzima bwose, harimwo no kubura ubushobozi bwo gukura neza mu bwenge no ku mubiri.

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakumgu ONU rijejwe amagara y'abantu OMS/WHO, risobanura ko kutagira igikuriro ciza ku bana bituruka ku ngaburo ituzuye, co kimwe no kudatera imbere mu bwenge. Bishobora guterwa kandi no kwisubiriza kw'ingwara zibafata bakiri bato, canke kubura uburyo bwo gukangurirwa ubwenge. Akenshi abana bahuye na bene ibi bibazo baba badafise ubushobozi bwo gukura neza.

Abo bantu kandi bataronse ibifungurwa bikwiye ni bo bashobora kuvyara bagufi gusumba abari mu kigero c'imyaka yabo.

Ikindi kandi abavyeyi bagaburirwa nabi na bo nyene boshobora kuvyara abana bafise ibibazo vy'ingwara zifatiye ku gufungura nabi, nk'uko bimenyeshwa na UNICEF.

Unicef ivuga ko ukurya nabi mu gihe umuntu yibungenze bishobora gutuma avyara abana babura amaraso, bakagira indwara y'umutima, mbere no kuva amaraso inyuma yo kuvyara, abavyeyi bikabaviramwo gupfa, hamwe n'ukuvyara abana bapfuye, abana bafise ibiro bike, abana bonze canke badakura neza ku gihe.

Abavyeyi bagaburirwa nabi na bo nyene bashobora kugorwa no kuronka amaberebere ahagije kandi afise ingaburo zikwiye kugira ngo bagaburire abana babo.

Dr Nuradeen Alibaba wo mu mugwi w'abaganga batagira imipaka-MSF, yanonosoye ubuhinga mu kuvura abana bafise imirire mibi, yavuze ko ingaruka abo bana bagira zishobora kumara ubuzima bwose.

"Ugukura nabi ntigushobora gusubira inyuma, bisobanura ko bazoba bagufi mbere n'aho boba barenganye ico kiringo co kugaburirwa nabi, ivyo bikaba bibashira mu kaga gakomeye. Kenshi na kenshi hariho ubumuga bwo kwiga buhoraho na bwo bushobora kutagaragara gushika batanguye ishure."

"[Imirire mibi] na yo nyene irahagarika ubudahangarwa bw'umubiri bigatuma bashobora kwandura ingwara cane."

"Ikintu kimwe gihambaye abantu benshi badatahura neza ni uko ku bakobwa hariho urugero rw'imirire mibi ishobora gutuma bagira ubugumba. Kandi iyo batwaye inda abo bagore barashobora kuvyara abana bafise ibiro bike."

Indwara y'amagufa ahetamye irashobora kuba ikindi kibazo.

Dr Alibaba ati: "Amagufa ahetamye kandi adakomeye mu buzima bwa nyuma (bamaze gukura) arashobora gutuma bakenyuka ku buryo umuntu adashobora kwikorera uburemere bw'umubiri wiwe bihagije - rero n'akantu gatoyi gashobora gutuma umuntu avunika."

Abanya Palestina barimwo abana bariko bakoresha bafise udukombe tw'icuma n'amasahani batega imfungurwa zishushe bariko baragaburirwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kugabura imfungurwa zishushe mu banya Palestina muri Gaza

Ingwara ifatiye ku gufungura nabi ivugwa gute?

Porofeseri Wright ati: "Kugira ngo ushobore guhangana n'iki kibazo, mu bisanzwe ukeneye uburyo bubiri - kwinjiza ivyokurya ku bwinshi muri Gaza n'ivyokurya bizimvye vyo kwondagura abarwaye bikoreshwa mu buvuzi na vyo nyene bizotangwa."

"Ivyo kurya birakeneye gutumberezwa vyihuse ku bana na ba nyina babo."

"Kwonsa ni co kintu gishoboka bitagoranye kandi gifise isuku kuruta ibindi vyose ku bana b'inzoya, ariko utegerezwa kugaburira nyina kugira ngo ashobore kugaburira umwana. Kandi iyo ni yo ngorane nyayo - kugira ngo umenye neza ko mu vy'ukuri bishikira bo nyene aho gushikira abagabo."

"Ubutumwa nyamukuru n'uko abana n'abavyeyi bategerezwa gushirwa imbere, kandi ntibakeneye vyinshi."

Umunyamakuru akora inkuru zijanye n'amagara y'abantu mu gisata c'ururimi rw'icarabu ca BBC Smitha Mundasad, yize ubuganga, asigura ko gufungura nabi bishobora kugira ingaruka mbi cane cane ku bana - kandi ko mu kuvura atari ukwisunga umurongo umwe rudende.

Agira ati :"Mu bihe bikomeye, aho umuntu atagishobora kumira, yoshobora gukenera ingaburo iteguwe mu buryo budasanzwe mu bitaro canke mu kigo c'ubuvuzi "n'ubundi buryo bwo kuvura indwara canke ibindi bishobora gutera ingorane biturutse kuri iyo nzara".

"Mu bihe bimwe bimwe, kugaburira umuntu vyihuta cane canke n'ibifungurwa bitari vyo birashobora gutera akaga.

Inyishu rero, si ukuronka ivyo kurya gusa – ni ukuronka ivyo kurya bikwiye – no kugira uburyo bwo kwivuza bukora neza bwo gushigikira ivyo."