Gaza: Inkuru y'umubabaro ya Hedaya n'umwana wiwe, imwe mu mafoto y'inzara ateye agahinda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Asigaye ku magufa gusa, uruti rw'umugongo n'imbavu bisa n'ivyasokotse.
Uyu ni Mohamed Zakariya Ayyoub al-Matouq, umwana w'umwaka umwe n'inusu, ifoto yiwe, nk'uko bimeze ku bandi bana, yabaye imwe mu mafoto ateye umubabaro yerekana ingene inzara iriko irakora ibara muri Gaza biturutse ku ngendo ya Israel iriko yiyamirizwa yo kuzibira amayira acishwamwo imfashanyo.
Aka kana gatoyi k'agahungu kafotowe n'umufotozi Ahmed al-Arini ku wa 21 Mukakaro (7) 2025, kari kumwe na nyina, mw'ihema ryubatswe muri Gaza, aharundaniye abanya-Gaza bahanzwe n'ikibazo c'ubukene bw'ivya nkenerwa.
Hedaya al-Muta, nyina wa Mohamed, yarabwiye BBC amarushwa ariko arahabonera.
Areze aka kana kiwe mu maboko, yiganyira ati: "Ubu afise ibiro bitangatu, mu gihe imbere y'aha yari afise ibiro icenda. Yarafungura akanywa nk'uko bisanzwe, ariko kubera ubukene bw'imfungurwa n'ingene ibintu bimeze ubu, arwaye indwara mbi cane yo gufungura nabi".
Hedaya asigura ko kubera kubura imfungurwa, Mohamed "ntashobora kwicara canke ngo agaharare nk'abandi bana" kandi n'umugongo warahetamye n'uruti rw'umugongo ruravyimba.
Ati: "Nta buryo mfise. Umugabo wanje yishwe mu ntambara, aha nta n'umwe mfise yomfasha kiretse Imana yonyene. Sinshoboye kumugaburira kubera ndi jenyene. Ndagerageza kwita ku rutare ariko nta n'uduta na dukeya ndonka ngo ndamuhe. Ndarushe. Ndarushe cane".
Umunyamakuru Ahmed al-Arini yabwiye ikiganiro Newshour ca BBC ingaruka vyamugizeko mu gufata iyi sanamu ya Hedaya n'umwana wiwe, yazungurutse cane kw'isi.
Ati: "Amasanamu nafashe nayafashe umwanya muremure kuko vyaba ngombwa ko, uko mfashe imwe nabanza guhagarika, kugira ngo nshobore guhumeka hanyuma mbandanye".
Ku wa kane, ishirahamwe ONU ryavuze ko ryari rifise amakamyo 6000 yuzuye imfashanyo yari arindiriye kwinjira muri Gaza, rinagabisha ko ata nzara yari bwigere iboneka muri ako karere nk'iy'ubu.
Israel ivuga ko yemereye imfashanyo zikwiye kwinjira muri Gaza, ikagiriza ahubwo ONU ko ari yo inanirwa no kuzitanga ku gihe. Ivuga kandi ko ibibazo vy'inzara biri ku gatwe ka Hamas.
Reta ya Benjamin Netanyahu (umushikiranganji wa mbere wa Israel) ivuga ko mu misi iza izorekura ibihugu vyo hanze kwinjiza imfashanyo n'indege bikazikororera muri Gaza.
Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe (Médecins sans Frontières) ku ruhande rwaryo, rivuga ko abakozi baryo bariko barabona "ibibazo biteye ubwoba vyo gufungura nabi".

Ahavuye isanamu, Getty Images
'Inzoya zisigaye ku magufa'
Ahmed ati: "Nafashe ifoto y'aka kana Mohamed kari umwe na nyina. Bateshejwe izabo mu buraruko bwa Gaza.
"Bari mw'ihema ritagira ikintu na kimwe kiretse akababura gatoya. Ni ukuri ryari nk'imva. Kandi nayifashe kugira ngo nereke isi yose inzara itagira urugero igeramiye inzoya n'abana bo muri Gaza".
Uyu mufotozi avuga ko aka kana Mohamed ata mata canke za vitamine karonka.
Ati: "Kandi uravye neza iyo foto wegereye, urabona ko yambaye isashe aho kwambara igitambara cabigenewe. Kubera ubukene bw'imfashanyo n'imiti, ibiciro vyaraduze cane ku buryo ata muntu n'umwe muri Gaza yoshobora kubigura".
Ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara y'abantu buvuga ko Abanyapalestina 122 bamaze gupfa kubera inzara, muri aba nibura 83 bakaba ari abana.
Ahmed, co kimwe n'abandi banyamakuru bafata amasanamu baherutse kuja gukorera muri Gaza mu ndwi ziheze, arasigura ingene bitoroshe gufata amasanamu y'aya marushwa: "Kubona ingene inzoya zishwe n'inzara, n'ukungene zisigaye ku magufa, koko birangirako ingaruka; ndi umuntu".
Ni co gituma, nk'uko Ahmed abivuga, igihe yabona Mohamed na Hedaya vyamufashe igihe kugira ngo ashobore kubafotora.
Ikibabaje, Mohamed si rwo ruhinja rwonyene yabonye muri aya marushwa.
Ati: "Nabonye benshi bameze uku. Ku musi wakurikiye nafashe amafoto y'umwana w'imyaka 17 yatakaje ibiro 25 mu kwezi kumwe gusa.
"Abantu nta mfungurwa baronka muri Gaza, hari inzara iteye ubwoba nimba atari ikigoyi, hagize na dukeya tuza ugasanga abantu baraturwanira, bamwe mbere bagahakwa no kuhasiga ubuzima kugira barabe ko boronka na dukeya".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Eka na Ahmed na we nyene inzara ntimugera umutwe.
Muri ico kiganiro co ku wa kane yabwiye BBC ati: "Kuva mu gatondo sindaronka n'utwo nshira ku munwa. Muri uno mwanya ndiko mvugana nawe inzara iranyishe. Nta mfungurwa ziboneka.
"Kuva ejo, abishwa banje bari mu marira, batakambira se wabo ko yobaronderera n'agakate. Ico ni co bakeneye gusa, naco ntikiboneka".
Uno mufotozi avuga ko rimwe na rimwe bimugora gukora akazi kiwe.
Ati: "Ndazunguruka mfata amafoto, kandi aho nyene, ndiko ndayafata, nkazungurirwa, ngashaka kugwa hasi kubera inzara, turarushe cane. Aha inyota iranyishe, ni ukuri turababaye.
"Maze kubona abagenzi benshi bagwa hasi kubera inzara n'inyota birenze urugero".
Mu kazi kiwe, Ahmed avuga ko yahora akoresha app kugira aronke umushahara wiwe, "ariko ubu, kubera ibintu bigoye cane, bankata 40%, ni ukuvuga ko hafi igice c'umushahara wanje kiba kigiye ata kintu na kimwe ndawuguramwo".
Uno munyamakuru asigura ko, kubera amayira azibiye kandi ivya nkenerwa bikaba bitaboneka, ibntu bigurishirizwa mu kinywabi ahantu ata muntu hafi n'umwe yoshika.
Yongerako ati: "Na dukeya twinjira muri Gaza ntitudukwira, kandi hinjira gusa imifuko y'ifu, nubwo amazi na yo nyene ari ikibazo. Kubera rero ubukene bw'amazi, ibiciro ku bidandarizwa mu kinywabi vyaraduze cane ku buryo ubu ikiro c'ifu kigurwa amadorari 16 ya Amerika [ni ukuvuga hafi 47.000 mu mafaranga y'amarundi].
"Imbere y'intambara, Gaza yari iteye igomwe, n'amabarabara asa neza kandi asukuye. Ubu isigaye ari umusaka…ubu ikintu conyene co kwiyunguruza kihari ni amagare akwegwa n'indogobwe".
Twasubiye inyuma cane nko mu myaka ya kera cane. Umubano warasambutse…abantu bacitse intege kandi bararuhishijwe n'iyi ntambara, bararuhishijwe n'inzara n'inyota gusumba".













