Alberta yanse gutanguza inzira yo kwikura kuri Canada

Abatora bo mu ntara ya Alberta muri Canada banse umugambi wo gutanguza inzira yoganisha ku matora ya kamarampaka yo kwemeza nimba iyi ntara ikwiye kwikura kuri Canada, ikikukira kikaba igihugu.
Mu gihe amajwi amaze guharurwa ku rugero rw’ica gatatu, ikimenyeshamakuru c’igihugu CBC gitangaza ko ibiharuro vya mbere vyerekanye ko abarenga ibice 76 kw’ijana vy’abatoye bashigikiye ko Alberta iguma ari intara ya Canada, mu gihe abashigikiye ukwikukira bari bake cane.
Imiriyoni z’abanyagihugu bo muri iyo ntara ikungahaye kuri peterori baritavye amatora kugira bahitemwo nimba hokorwa amatora ya kamarampaka yo kwitandukanya na Canada. Amatohoza y’imbere y’aho yari yerekanye ko abashigikiye ukwikukira batarenga ibice 25 kw’ijana vy’abanyagihugu baba muri iyo ntara.
Abashigikiye ko Alberta iguma ari intara ya Canada batera akamo ko gukomeza ubumwe bw’igihugu gisanzwe gihanzwe n’icuka kibi hagati ya Canada na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko abaharanira ukwikukira bavuga ko iterambere ry’ubutunzi bw’intara yabo ryahagaritswe n’ingingo z’ubutegetsi bwa reta nkuru zijanye no gukingira ibidukikije.
Ico cemezo co kwanka inzira yoganisha ku kwikukira kibaye intsinzi ikomeye ku Mushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, ariko agerageza gukomeza ubumwe bw’igihugu mu gihe hari intambara y’ubudandaji ikomeje hagati ya Canada na Amerika.
Canada ubu iri mu ntambara y’ubudandaji na Amerika, mu gihe Perezida Donald Trump yagiye asubiramwo incuro nyinshi icipfuzo ciwe c’uko yoba intara igira 51 ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.



