Ni ibiki ikigo c'iperereza ca Israel, Mossad, cakoze canke cananiwe vyatumye kimenyekana?

Ishusho y'imodokari yatobaguwe, inyubakwa yononekaye n'igikoresho caturitse hejuru y'ibendera rya Israel.

Ahavuye isanamu, EPA, Getty, Maxar, BBC

    • Umwanditsi, BBC News Arabic

Mu minsi y'urukurikirane rw'ibitero, Israel yatumbereye ku bibanza vya nukleyeri na gisirikare vya Irani, hamwe n'ivy'abigenga cane cane mu burengero bw'igihugu hafi y'umugwa mukuru Tehran.

N'ubwo vyinshi muri ivyo bitero vyaturutse mu kirere, birakekwa ko ikigo c'iperereza ca Israel, Mossad, coba na co nyene caragize uruhara rukomeye mu kumenya no kuranga aho ibitero vyotumberezwa ku butaka.

Abakora iperereza ba Mossad, birakekwa ko bakoresheje za drones zinjijwe muri Irani mu kinyegero, kuja guperereza no kurangiza ibikoresho vyo kwikingira vya Irani bisigaye, nk'akarorero abategetsi ba Irani baherutse kwiyemerera ko bakeka ko ingabo zabo zinjiwemwo rwihishwe n'iperereza rya Israel.

Igitigiri kitari gito c'abakozi bakomeye mu gisirikare no mu gisata ca nukleyeri baragemwe muri ivyo bitero kuva bitanguye ku wa 13 Ruheshi(6), ibigaragara ko Israel yari ifise amakuru y'aho baherereye.

Ntivyoroshe kumenya uruhara rwa Mossad muri ibi bitero-Israel ivuga gake gashoboka ku bikorwa vy'iki kigo, kandi hari ayandi mashami y'iperereza ariko ibi ni vyo tuzi ku bikorwa vya Mossad muri kahise.

Aho Mossad yashitse ku ntego
Ismail Haniyeh ariko aramutsa umugaba wa gisirikare wa Irani Hossein Salami

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'ibiro vya politike vya Hamas Ismail Haniyeh (i bubanfu) ariko aramutsa umukuru w'igisirikare ca Irani Hossein Salami (i buryo) igihe yagendera Tehran - bompi baramaze kwicwa mu bitero vya Israel

Igandagurwa ry'umukuru wa Hamas Ismail Haniyeh

Umukuru wa politike w'umuhari Hamas Ismail Haniyeh yishwe mu gihe yari mu nzu y'uburaro muri Tehran kuwa 31 Mukakaro(7) mu mwaka uheze wa 2024.

Israel ntiyashotse yemeza ko ariyo yamwishe, ariko inyuma y'amezi make umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel Katz yaremeje ko Israel yari inyuma y'urupfu rwiwe.

Uburyo Haniyeh yoba yarishwe ntiburamenyekana neza.

Khalil al-Hayya, umwe mu bategetsi ba Hamas, yavugiye mu kiganiro n'abanyamakuru ko Haniyeh yishwe n'igisasu ca misile, asubiramwo amajambo y'abari hafi yiwe babibonye.

Ariko icegeranyo cashizwe ahagaragara na New York Times, gisubiramwo amajambo y'abategetsi indwi, kimenyesha ko Haniyeh yishwe n'igisasu ca bombe cari cajanywe mu mpisho amezi abiri imbere, muri iyo nyubakwa yari asanzwe araramwo.

BBC ntiyashoboye gusuzuma mu buryo bwigenga ayo makuru.

Haniyeh ni umwe mu bategetsi benshi ba Hamas bishwe na Israel kuva kuwa 07 Gitugutu mu 2023, inyuma y'aho Hamas igabiye igitero kuri Israel. Muri abo bishwe harimwo n' uwuserukira Hamas muri Gaza, Yahya Sinwar, umuvukanyi wiwe Mohammed, umukuru w'ishami rya gisirikare rya Hamas, Mohammed Deif, hamwe n'icegera ciwe Marwan Issa.

Guturitsa ibikoresho vy'ubuhinga vya Hezbollah

Abarwanyi ba Hezbollah bikoreye isandugu irimwo ikiziga ca Hussein Amhaz imbere y'ishengero ry'abantu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amaziko y'umurwanyi wa Hezbollah inyuma yo kwicwa n'igikoresho c'itumanako ciwe caturitse
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuwa 17 Nyakanga(9) mu 2024, ibihumbi vy'ibikoresho vyaturikiye rimwe hirya no hino muri Libani, cane cane mu bibanza umuhari Hezbollah ukomeyemwo. Ivyo bikoresho mu guturika vyarakomerekeje biranica bamwe mu bari basanzwe babikoresha n'abari hafi yabo, bitera ubwoba n'amakenga.

Umunsi wakurikiye, haturitse ibikoresho vy'uturadiyo tw'itumatumanako twa walkie-talkies, turica twongera turakomeretsa abaharugwa mu majana.

Muri ico gihe ico gitero caba, Israel na Hezbollah vyari mu ntambara yasutamitswe n'ibitero vya Hezbollah ku birindiro vya Israel inyuma y'umunsi umwe gusa Hamas igavye ibitero vyo ku wa 07 Gitugutu 2023 kuri Israel.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yaremeye ko Israel ari yo yabigavye, ivyo bikaba vyavuzwe n'itangazamakuru rya Israel inyuma y'amezi abiri.

Mu kiganiro bahaye CBS, ikigo co muri Amerika gikorana na BBC, abahoze ari abakozi b'ico kigo baratangaje mw'ido n'ido uko ivyo bitero vyateguwe bigashirwa mu ngiro, aho bavuze ko Mossad yari yanyegeje ikintu giturika mu mabateri akoreshwa muri utwo turadiyo twa walkie-talkies, dutwarwa mu mufuko w'impuzu ku gikaraza hafi y'umutima.

Hari hashize imyaka 10 Hezbollah iguze uturenga 16000 ku 'giciro ciza' biciye ku kigo c'ubudandaji ca magendu, ni ko abo bakozi b'iperereza bavuze, iranongera mu nyuma igura utundi 500 nk'uko vyamenyeshejwe na CBS.

Umurindi w'ivyo vyuma vyaturitse wakwiye Libani, aho vyaturaguritse hirya no hino mu bibanza bitandukanye mu gihugu, harimwo no mu masoko.

Ibitaro vyararengewe n'abakomereste, abenshi bari bahimbaguritse ingingo.

Umukuru w'umugwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe agateka ka zina muntu, Volker Turk, yise ico gitero icaha co mu ntambara.

Igandagurwa rya Mohsen Fakhrizadeh

Imodokari ifise intoboro ku kiyo c'imbere

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Mossad irakekwa kuba inyuma y'iyicwa rya kizigenza mu bahinga b'inguvu za nukreyeri Mohsen Fakhrizadeh

Muri Munyonyo 2020, urukurikirane rw'imodokari zari zireruye Mohsen Fakhrizadeh, kizigenza mu bahinga ba Irani ku bijanye n'inguvu za nukleyeri, zararashweko, mu gisagara ca Absard, mu buseruko bw'umugwa mukuru Tehran.

Fakhrizadeh yishwe hakoreshejwe ubuhinga bwo kurasa n'inkoho igenzurwa n'ubwenge mvaruganda (artificial intelligence).

Umunyamakuru wa BBC Jiyar Gol wo mu gisata c'igiperesi yanditse ati: "kugandagura umuntu mu buryo bwitondewe nk'ubwo, akaraswa we nyene kandi mu modokari iriko iragenda, ugansanga nta muntu n'umwe bihitanye mu basivile basanzwe, bisaba ubuhinga n'ubwenge bidasanzwe ku rubuga."

Muri Ndamukiza(4) 2018, Netanyahu yerekanye umurundo w'inyandiko zigera muri mirongo bikekwa ko zoba zari zerekeye umugambi wa Irani wa nikreyeri, izo yavuga ko zari zimaze amezi zibwe na Mossad mu gitero yagize ku bubiko buri ku birometegro 30 uvuye Tehran (ibi vyahavuye binemezwa mu nyuma na perezida wa Irani Hassan Rouhani).

Igihe yatangaza izo mpapuro zo mu bubiko mu kiganiro yahaye abanyamakuru, umushikiranganji wa mbere wa Israel yavuze ko uruhara rwa Mohsen Fakhrizadeh mu co yise 'umugambi utazwi w'ibirwanisho vya nikleyeri.

"Dr Mohsen Fakhrizadeh… mwibuke iryo zina," ni ko yavuze.

Irani yari yagirije Israel ko ari yo yagandaguye abandi banya Irani bane b'abahinga mu bijanye n'inguvu za nikleyeri hagati ya 2010 na 2012.

Mahmoud al-Mabhouh: yishwe anizwe

Ishusho ya Mahmoud al-Mabhouh's ku capa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mahmoud al-Mabhouh yatejwe umuyagankuba, hanyuma aranigwa

Mu 2010, Mahmoud al-Mabhouh, umwe mu bakuru ba gisirikare b'umuhari Hamas, yarishwe ari mw'ihoteri i Dubai.

Vyatanguye bisa n'aho ari urupfu rusanzwe, ariko igipolisi ca Dubai carashoboye gutora ko yishwe n'akagwi k'abantu kimaze kwihweza amasanamu ya camera zicungera uruja n'uruza ku nyubakwa (CCTV).

Igipolisi cahavuye cerekana ko al-Mabhouh yishwe babanje kumushira ku muyagankuba imbere yo kumuniga.

Vyaketswe ko ubwo bwicanyi bwari bwateguwe na Mossad, ivyatumye kwumirwa n'icuka kibi muri diporomasi yo muri leta zunze Ubumwe z'Abarabu.

Aba diporomate bo muri Israel ariko, bavuze ko ata kimenyetso na kimwe cerekana uruhara rwa Mossad muri ubwo bwicanyi.

Yahya Ayyash na terefone ziturika

Ifoto ya Yahya Ayyash ku capa

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ishusho ya Yahya Ayyash ku vyapa, nk'ikimenyetso co kurwanira agateka k'abanya Palestina

Mu 1996, Yahya Ayyash, kizigenza mu gucura ibisasu bikoreshwa na Hamas, yishwe hakoreshejwe terefone ngendanwa yo mu bwoko bwa Motorola Alpha, yashizwemwo intambi (ibiturika) zipima amagarama 50.

Ayyash, umwe mu bategetsi bakomeye bo mw'ishami rya gisirikare rya Hamas, yari azwi ku buhinga bwiwe bwo gucura ibisasu vya bombe, no gutunganya ibitero ku bintu bifitiye inyungu za Israel.

Mu mpera za 2019, Israel yakuyeho ingingo yo kubuza gutangaza mw'ido n'ido ivyakozwe mu bwicanyi, tereviziyo ya Israel Channel 13 TV, itangaza ikiganiro ca nyuma Ayyash yagiranye kuri terefone na se.

Igikorwa co gutabara bene wabo

Umukozi wa Mossad ahagaze impande ya Landrover yuzuye abanya Ethiopia bakuwe mu kinyegero muri Sudani

Ahavuye isanamu, Raffi Berg

Insiguro y'isanamu, Umutasi wa Mossad ahagaze impande y'imodokari itwaye abanya Ethiopia b'abayahudi bakuwe muri Sudani mu kinyegero

Mu ntango z'imyaka ya 1980s, Mossad – yakorera ku mabwiriza y'uwari umushikiranganji wa mbere Menachem Begin – yinjije muri Israel abanya Ethiopia barenga 7,000 b'abayahudi baciye muri Sudani, hakoreshejwe ibibanza vyitwa ko ari ivyo gukoreshwa mu mukino wo kwibira (diving) mu mazi ariko ntivyari ivyo ukuri.

Sudani cari igihugu c'abansi bo mw'ishirahamwe ry'Abarabu, rero bakoreye mu kinyegero, umugwi w'abakozi b'iperereza ba Mossad washinze ikibanza citwa ko ari ico kwidagadura ku nkengera z'ikiyaga gitukura, bakoresha nk'icambu.

Ku murango, bifata nk'abakozi bo mw'ihoteri, na yo mw'ijoro bagatwara abayahudi (babajabukana muri Israel), baba bavuye mu gihugu kibanyi ca Ethiopia mu kinyegero, bakabatwara n'indege canke ubwato.

Ico gikorwa camaze hafi imyaka itanu, kikaba cagiye kumenyekana igihe abo bakozi ba Mossad bari bamaze kuhava.

Kwihora ku gitero co ku kibuga ca Olympike i Munich

Abaserukira umugwi wa Israel mu rugendo ku kibuga ca Olympike ca Munich ku wa 06 Nyakanga(9) mu 1972, mu gikorwa co kunamira abanya Israel benewabo bishwe n'abarwanyi b'abanya Palestina.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaserukira umugwi wa Israel ku kibuga ca Olympike ca Munich, mu rugendo rwo kwibuka benewabo bishwe n'abarwanyi b'abanya Palestina

Mu 1972, abayoboke b'umugwi w'abanya Palestina 'Black september' wishe abanonotsi 2 b'umugwi w'abanya Israel, ku kibuga ca Olympike ca Munich, ufata mpiri abandi icenda.

Abo banonotsi na bo nyene bahavuye bicwa mu gikorwa co gushaka kubabohoza cakozwe n'abapolisi b'Ubudagi co mu burengero bw'igihugu.

Amashusho y'abanya Israel 11 n'abamenyereza babo bagandaguwe mu burengero bw'Ubudagi mu 1972 mu gihe c'inkino za Olympike. Bari (hejuru uva ibubanfu uja iburyo) Yosef Gutfreund, 40; Moshe Weinberg, 33; Yoseph Romano, 32; David Berger, 28; Mark Slavin, 18; Yaacov Springer, 52; (hasi uva ibubanfu uja iburyo): Ze'ev Friedman, 28; Amitsur Shapira, 40; Eliezer Halfin, 24; Kehat Schorr, 53; Andre Spitzer, 27

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu 11 baserukira Israel mu nkino za Olympike zo mu 1972, barishwe igihe abantu bafise inkoho b'abanya Palestina babugururirako amasasu ku nyubakwa bararamwo

Mu myaka yakurikiye, Mossad yaciye itumbera abakekwa ko bagize uruhara muri ico gitero, barimwo Mahmoud Hamshari.

Yishwe n'ikintu caturitse cari catezwe muri terefone yo mu nzu yiwe mu gisagara ca Paris.

Hamshari yacitse ukuguru, araheza ahitanwa n'inguma (yakuye muri ico gitero).

Gutabara igitero ca Entebbe

Umugore ashigikiwe afashwa kugenda (bamucana) hagati y'isinzi ry'abantu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abafashwe ingwati mu gitero ca Entebbe barekujwe inyuma y'indwi yose

Ivyakozwe mu gutabara igitero co ku kibuga c'indege ca Entebbe mu 1976 bifatwa nka kimwe mu bikorwa bikomeye igisirikare ca Israel cakoze neza.

Mossad yatanze amakuru, mu gihe igisirikare cakoze ibikenewe ku rubuga.

Abanywanyi bakomeye b'umuhari waharanira kubohoza abanya Palestina PFLP -(Popular Front for the Liberation of Palestine) n'abandi badagi babiri bari bafatanije, bafashe mpiri indege yari igiye i Paris bayikebereza muri Uganda. Bafashe bugwati abarimwo bose ku kibuga c'indege ca Entebbe.

Abasirikare ba karuhariwe mu gukoroka mu ndege (Commandos) bateye ico kibuga c'indege bararokora abanya Israel n'abayahudi 100 bari basigaye ari ingwati.

Batatu muri abo bari bafashwe ingwati, abari babanyuruje hamwe n'abasirikare benshi b'abanya Uganda, hamwe na kizigenza muri abo basirikare b'aba commandos bari bagiye gutabara , harimwo Yonatan Netanyahu (umuvukanyi w'umushikiranganji wa mbere w'ubu Benjamin netanyahu) bahasize ubuzima muri uwo mukwabu.

Uruhigi rw'intwazangabo y'umu Nazi Adolf Eichmann

Adolf Eichman imbere y'intahe ari kumwe n'uwujejwe umutekano inyuma yiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Adolf Eichmann mu rubanza muri Israel

Mu 1960, inyuruzwa ry'umusirikare w'umu Nazi Adolf Eichmann avanwa muri Argentina, ni kimwe mu bikorwa vyaranguwe na Mossad vyamenyekanye cane.

Eichmann yari kizigenza mu bateguye umugambi w'ihonyabwoko ryarondera abayahudi -Holocaust, aho abayahudi barenga miliyoni zitandatu bishwe n'aba Nazi b'abadagi mu ntambara ya kabiri y'isi.

Inyuma yo guhunga gufatwa aja arimuka ava mu gihugu aja mu kindi, Eichmann yahavuye ahitamwo kwibera muri Argentina.

Umugwi w'abakoz b'iperereza ba Mossad 14 baramuhize, baramufata baramunyuruza, bamujana muri Israel, aho yaciriwe urubanza rwo gupfa aricwa.

Aho yananiwe (Mossad)

N'ubwo hari vyinshi yashitseko, si hose Mossad yagiye ishobora ibikorwa vyose nk'uko yabiteganya, hari vyinshi bakoreye iperereza ntibagira ico bashikako.

Igitero co kuwa 7 Gitugutu 2023

Umwe mu bajejwe umuteknao ariko arengana ahari ibisigarira vy'ivyasambutse inyuma y'igitero co ku wa 07 Gitugutu(10) mu 2023

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abagereranywa muri 1200 barishwe n'umuhari Hamas mu bitero vyo ku wa 07 Gitugutu(10) 2023 mu bumanuko bwa Israel

Igitero ca Hamas ku bisagara vya Israel hafi y'akarere ka Gaza kuwa 07 Gitugutu(10) mu 2023 vyabaye igitangaza c'akaga kubiriye gitumburuka igihugu ca Israel.

Kunanirwa gukinga ivyo bitero canke gutanga imburi zavyo kuri Mossad, cabaye nk' ikintu kije kwerekana ubushobozi buke bwa Israel ku mugambi wayo wo kurwanya no guca burundu umuhari wa Hamas, nk'uko abihweza utuntu n'utundi babivuga.

Ibitero vyakozwe ku wa 07 Gitugutu 2023, vyahitanye abagera ku 1200, ahanini b'abanyagihugu basanzwe, nk'uko bimenyeshwa n'abategetsi ba Israel. Abandi baharurwa mu 251 bajanywe muri Gaza banyurujwe.

Mu kwishura kuri ico gitero ca Hamas, Israel yatanguje intambara mu karere ka Gaza, imaze guhitana kugeza ubu abagera ku 55000, abenshi muri bo bakaba ari abanyagihugu basanzwe, nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bw'ubutegetsi bwa Hamas.

Intambara ya Yom Kippur

Abasirikare babiri ba Israel bariko baraba hakurya y'umuhora wo mu mazi wa Suez

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Israel zajabutse umuhora wo mu mazi wa Suez mu ntambara hagati y'ico gihugu n'abarabu mu 1973

Imyaka nka 50 imbere y'aho, Israel na yo yari yarubiriwe nk'uko.

Kuwa 06 Gitugutu mu 1973, Misiri na Syria vyagavye igitero giturumbuka kuri Israel mu nzira yo kugaruza akarere ka Sinai kinjira mu mazi, ndetse n'imisozi ya Golan.

Igihe co gutera kuri Yom Kipur, bahengereye abayahudi bari mu minsi mikuru yo kwiyeza (Atonement).

Ingabo za Misiri zajabutse umuhora wa Suez, bahatakariza igice gito cane c'abasirikare bateganya kuhaburira, mu gihe abasirikare ba Syria na bo bari bateye ibirindiro vy'ingabo za Israel mu mitumba ya Golan.

Icahoze ari Leta zunze Ubumwe z'aba Soviets, cahaye ibirwanisho Syria na Misiri, na yo Leta zunze Ubumwe za Amerika ziha imfashanyo yihuta Israel.

Israel yarashoboye kubona izo ngabo, intambara irangira kuwa 25 Gitugutu - iminsi ine inyuma, ishirahamwe mpuzamakungu ryazanye ingingo ihamagarira guhagarika intambara.

Bananiwe kugandagura umukuru wa Hamas Mahmoud al-Zahar

Mahmoud al-Zahar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mahmoud al-Zahar yari mu bambere bahigwa na Mossad mu bayobozi ba Hamas

Mu 2003, Israel yagavye ibitero vy'indege vyari bitumbereye icicaro c'umukuru wa Hamas Mahmoud al-Zahar mu gisagara ca Gaza.

N'ubwo al-Zahar yakirokotse, cahitanye umugore wiwe n'umuhungu wiwe, Khaled, hamwe n'abandi bantu benshi.

Ibisasu vyarasanganguye ico kibanza yabamwo, bigaragaza ingaruka zikomeye z'ibitero vya gisirikare mu bibanza biba bisanzwemwo imihana y'abanyagihugu.

Bananiwe kugandagura umukuru wa Hamas Khaled Meshaal

Khaled Meshaal ariko atanga ikiganiro ku banyamakuru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Khaled Meshaal yari umuyobozi wa politike wa Hamas hagati ya 1996 na 2017

Mu gikorwa ca gisirikare catumye haba imishamirano mu migenderanire, Israel yagerageje kuroga Khaled Meshaal, umukuru wa politike wa Hamas, mu 1997.

Ivyo ntivyakunze kuko ico gihe ba maneko ba Israel barafashwe, bituma biba ngombwa ko itanga umurogoro (umuti uvura uburozi) wo kurokora ubuzima bwiwe.

Uwari umukuru wa Mossad Danny Yatom, yaciye aja muri Jordanie kuvura Meshaal.

Ivyo vyaratosekaje bimwe bikomeye imigenderanire hagati ya Israel na Jordanie, vyaheruka gushira igikumu ku masezerano y'amahoro.

Igitero citiriwe Lavon

Perezida wa Misiri Gamal Abdel Nasser ahagaze ariko aramutsa isinzi ry'abanyagihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari perezida wa Misiri Gama Abdel Nasser atangaza ko igihugu gifashe mu minwe yaco umuhora wa Suez

Mu 1954, abategetsi ba Misiri baburijemwo igikorwa c'ubutasi ca Israel cari ciswe 'Operation Susannah'.

Uwo mugambi wapfuvye wari uwo gutega ibisasu mu bibanza bikoreshwa n'abanyamerika hamwe n'ivyo Abongereza mu Misiri, mu ntumero yo gushira igitutu ku Bongereza ngo bagumizeho ingabo zabo zari ku kirindiro c'umuhora wa Suez.

Ico gikorwa camenyekanye kw'izina rya Lavon Affair, kuko citiriwe uwari umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel Pinhas Lavon.

Vyarakekwa ko yari yagize uruhara mw'itegurwa ryaco.