Intwazangabo nkuru ya Hezbollah yiciwe mu gitero ca Israel i Beirut

Iki gitero casenyuye inyubakwa nibura imwe i Beirut

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iki gitero casenyuye inyubakwa nibura imwe i Beirut
    • Umwanditsi, Hugo Bachega
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu Buseruko bwo Hagati
    • Yakoze inkuru ari, Beirut
    • Umwanditsi, Malu Cursino
    • Igikorwa, BBC News i Londres

Intwazangabo nkuru y'igisirikare ya Hezbollah yarishwe yishwe mu gitero co mu kirere ca Israel ku mugwa mukuru wa Libani Beirut ejo ku wa gatanu, igitero cerekana ingene ibintu biriko birayangara hagati y'izi mpande zompi kandi congereza ubwoba bw'uko hashobora kwaduka intambara yeruye.

Hezbollah iremeza urupfu rwa Ibrahim Aqil inyuma y'aho Israel imenyeshereje ko yari umwe mu bategetsi bakuru bakuru batari bake ba Hezbollah biciwe muri ico gitero.

Imbere y'aha, abategetsi ba Libani bari bavuze ko abantu nibura 14 ari bo bishwe abandi batari bake nabo barakomereka muri iki gitero cakubise akarere gatuwemwo n'abantu benshi ka Dahieh, akarere gakomeye k'uno muhari ufashwe mu mugongo na Irani mu micungararo y'ubumanuko bw'ico gisagara.

Amashusho ateye ubwoba yabonetse mu gihe abajejwe ubutabazi banyarukira ahabereye ico gitero, gutabara inkomere no kurondera abavugwa ko bazibiriwe mu bihomoka. Nibura inyubakwa imwe ituwemwo n'abantu yasenyutse izindi zitari nke zirononekara.

Amabarabara yaciye azibirwa n'abanywanyi ba Hezbollah, bamwe muri bo batumva ivyari bihejeje kuba muri ico kindi gitero c'agakengere muri ino ndwi iherutse kubamwo iturika ry'ibikoresho vy'itumatumanako vy'uno muhari.

Abaharurwa muri mirongo barishwe abandi ibihumbi barakomereka muri ibi bitero bifatwa nabatari bake ko vyakozwe na Israel.

Iki gitero c'ejo ku wa gatanu ni co ca mbere kibaye i Beirut kuva mu kw'indwi, igihe umukuru w'igisirikare ca Hezbollah Fuad Shukr yicwa.

Ibrahim Aqil

Ahavuye isanamu, US Government

Insiguro y'isanamu, Ibrahim Aqil

Mw'itangazo, umuvugizi w' igisirikare ca Israel (IDF) Daniel Hagari avuga ko Aqil, intwazangabo nkuru mu ngabo zidasanzwe za Hezbollah, Radwan, yishwe hamwe n'abandi bategetsi bakuru b'uno muhari be n'izindi ntwazangabo za Radwan.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hagari avuga ko "bari bakoraniye mu cumba co mu kuzimu mu nyubakwa ituwemwo n'abantu hagati mu karere ka Dahiyah [mu bumanuko bwa Beirut], bakaba bari bivangatiranije n'abasivire b'abanya-Libani bakoresha nk'inkinzo".

Uno muvugizi wa IDF yongerako kandi ko abo bantu bishwe bariko “bategura igitero kiri mu mugambi wa Hezbollah wo kwigarurira Ubugalile [Galilée], aho Hezbollah yari ifise intego yo gucengetera mu banyagihugu ba Israel kugira ngo yice abasivire b'inzirakarengane".

Uno mugambi washizwe ahabona ubwa mbere n'igisirikare ca Israel mu 2018, igihe IDF yavuga ko yariko irazibira imihora yo mu kuzimu yari yaciwe na Hezbollah kugira ngo icengetere ubutaka bwa Israel mu ntumbero yo kunyuruza no kwica abasivire.

Muri Ndamukiza (4), Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zariko zirahiga Aqil, yari azwi kandi kw'izina rya Tahsin, zikaba zari zemereye agashimwe k'amahera umuntu uwo ari we wese yari kuba afise "amakuru yotuma uno mugabo amenyekana umwidondoro, aho aherereye, agafatwa hanyuma/canke akarengutswa imbere y'ubutungane".

Yaronderwa na Amerika kubera ubucuti bwiwe hamwe no kuba mu ndondozi nkuru za Hezbollah, umuhari Israel, Ubwongereza, Amerika n'ibindi bihugu bifata nk'uw'iterabwoba.

Mu myaka ya 1980, Aqil yari umwe mu banywanyi b'uno muhari bateguye igitero ca bombe ku biro vy'ubuserukizi bwa Amerika i Beirut no kw'ikambi y'abasirikare barwanira mu mazi, cahitanye amajana n'amajana y'abantu.

Igihe yemeza urupfu rwa Aqil mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, Hezbollah yavuze ko yari umwe mu "bategetsi bakuru b'uno muhari urwanira iteka".

Uno muhari washinzwe mu ntango z'imyaka ya 1980 na Irani, igihugu gikomeye mu karere kirongowe n'aba-Shia, mu ntumbero yo kurwanya Israel. Ico gihe, ingabo za Israel zari zigaruriye ubumanuko bwa Libani mu gihe c'intambara yo hagati muri iki gihugu.

Mu gatondo k'ejo ku wa gatanu, Hezbollah yavuze ko yari yakoze ibitero ku bigo vya gisirikare mu buraruko bwa Israel. IDF ivuga ko ibisasu vya muzinga 140 ari vyo vyarashwe mu buraruko bw'igihugu, mu gihe igipolisi ca Israel cagabisha ko amabarabara yoba yari yononekaye.

Iki gitero cakozwe inyuma y'aho Israel ikoreye ibitero bikomeye vyo mu kirere mu bumanuko bwa Libani, ivuga ko indege zayo z'intambara zakubise ibikoho birenga 100 hamwe birekura ibisasu vya muzinga hamwe n'ibindi "bibanza vy'iterabwoba", harimwo n'ububiko bw'ibirwanisho.

Iyi mishamirano hagati ya Israel na Hezbollah yunyutse ku wa 8 Gitugutu (10) 2023 - umusi umwe inyuma y'igitero c'akataraboneka kuri Israel cakozwe na Hamas ivuye muri Gaza - igihe Hezbollah yarasa ibirindiro vya Israel mu kwifatanya n'Abanyapalestina.

Kuva ico gihe, amajana n'amajana y'abantu, benshi muri bo bakaba ari abarwanyi ba Hezbollah, baramaze kwicwa muri uko kurasana kwambukiranya imipaka, mu gihe abanyagihugu ibihumbi mirongo ku mpande zompi z'urubibe bamaze guta izabo.

Inyuma y'ibitero ku bikoresho vy'itumatumanako hirya no hino muri Libani mu ntango z'ino ndwi, hari ubwoba muri iki gihugu co mu Buseruko bwo Hagati.

Ryabaye ihungabana ry'umutekano ku rugero rutari bwigere ruboneka, kandi ryerekana ingene Israel yashoboye gucengetera imbere cane mu buhinga bw'itumatumanako ry'uno muhari.

Vyinshi mu biturika vyabereye ica rimwe, mu gihe iturika rya ya maradiyo yo guhanahana amakuru (walkie-talkie) ku wa gatatu ryabaye mu micungararo y'ahari hakoraniye isinzi ry'abantu bari bagiye guhamba abantu bane bari bapfiriye mu biturika vyo ku wa kabiri.

Hezbollah n'abategetsi ba Libani bagirije Israel ko ari yo yakoze ibi bitero.

Abategetsi ba Israel ntaco baravuga kuri ibi birego, ariko abihweza ibintu n'ibindi hafi bose bemeza ko ari yo yakoze iki gitero.

Mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure ku wa kane, umukuru wa Hezbollah Hassan Nasrallah yavuze ati: “Umwansi yarenze ku mabwirizwa n'amategetso yose n'imirongo yose itukura. Ntiyigeze yitwararika ikintu na kimwe, haba ku bijanye n'ubuntu, abantu canke amategeko".

Nasrallah avuga ko Israel izohabwa igihano gikomeye, ariko akavuga ko atipfuza ko ibintu biyangara muri ino mishamirano na Israel.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji wa Libani ajejwe imigenderanire Abdallah Bou Habbib yabwiye Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi ko Israel "yahonyanze n'ibigirankana" utwigoro tw'amakungu two kurondera guhagarika intambara muri Gaza hamwe "n'utwigoro twose twa reta ya Libani two kugabanya icuka no kwigumya".

Intumwa ya Israel muri ONU Danny Danon yavuze ko mu gihe igihugu ciwe kitarondera intambara yeruye, "ntikizokwemera na gato ko Hezbollah ibandanya agasomborotso kayo".

Abategetsi ba Amerika n'Ubwongereza basaba abanyagihugu bavyo kwirinda ingendo zo muri Libani, mu gihe BBC yabwiwe ko reta y'Ubwongereza yiteguye gutahukana abanyagihugu b'Ubwongereza bari muri Libani mu gihe gito cane.