Turukiya: Nyamugigima nshasha zishe batatu zizibirira abandi mu bihomoka

Insiguro ya video, Videwo yafashwe na kamera (camera) yo ku muduga yerekana nyamugigima nshasha muri Turukiya
    • Umwanditsi, Laura Bicker i Hatay na Oliver Slow i London
    • Igikorwa, BBC News

Abajejwe ubutabazi muri Turukiya basubiye mu gikorwa co kurokora abantu bazibiriwe mu bihomoka inyuma ya nyamugigima nshasha zibiri zaraye zisubiye gutera ico gihugu, zigahitana nibura batatu.

Izi nyamugigima z’ibipimo vya 6.4 na 5.8 zumvikanye mu bumanuko bushira ubuseruko hafi y’urubibe na Syria, ibi bihugu vyompi bikaba vyari biherutse guterwa na nyamugigima zihaye inkumbi ku wa 06 z’uku kwa kabiri.

Abantu 44.000 muri Turukiya na Syria ni bo bahitanywe n’izi nyamugigima ziheruka, abandi ibihumbi mirongo nabo basigara mu kangaratete.

Amazu yashikiwe n’izi nyamugigima za nijoro ku wa mbere muri ibi bihugu vyompi, yarasenyutse.

Ikigo ca Turukiya kijejwe gukinga akaga no gutabara kivuga ko nyamugigima ipima 6.4 yabaye isaha zibiri n’iminota ine z’ijoro mu masaha yo muri ico gihugu (ni ukuvuga isaha imwe n’iminota ine mu masaha ya Gitega na Kigali), ica ikurikirwa n’iyindi ipima 5.8 inyuma y’iminota itatu.

Aba bantu batatu bapfuye ni abo ahitwa Antakya, Defne, na Samandag, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, aho asaba abanyagihugu kutinjira mu mazu ashobora guteza akaga.

Umushikiranganji Soylu avuga ko 213 bakomeretse.

Amakuru ava mu gisagara ca Antakya avuga ko hibonekeza ubwoba bwinshi mu mabarabara, mu gihe abajejwe ubutabazi bagerageza gushika mu turere twasinzikaye aho impome z’inzu zononekaye cane zasenyutse.

N’amarira menshi ateruye umwana wiwe w’umuhungu, Muna al-Omar asanzwe aba muri ako karere yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: "Nibajije ko isi yari igiye kwisaturamwo kubiri musi y’ibirenge vyanje”. Yari asanzwe aba mw’ihema hagati muri ico gisagara igihe izi nyamugigima nshasha zatera.

Ali Mazlum w’imyaka 18 yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko yariko arondera ibiziga vy’abo mu muryango wiwe bahitanywe na nyamugigima ziheruka igihe izi za nijoro ziba.

Ati: "Ntushobora kubona ico wokora…twaciye dufatana hanyuma ubwo nyene imbere yacu impome zitangura kubomoka”.

Muri Syria abantu bababa 470 ni bo bavuga ko bashitse kwa muganga inyuma y’izi nyamugigima za nijoro ku wa mbere, zivugwa kandi ko zumviswe mu Misiri na Libani.

Nyamugigima i Antakya mu bumanuko bwa Turukiya nijoro ku wa mbere

Ahavuye isanamu, Reuters

Abajejwe ubutabazi bari mu gikorwa co guhiga abazibiriwe mu bihomoka mu nzu y' i Hatay, muri Turukiya

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bari mu gikorwa co guhiga abazibiriwe mu bihomoka mu nzu y' i Hatay, muri Turukiya