Prezida Ndayishimiye aranegura abaja gukora mu mahanga ivyo banse gukora iwabo

Prezida Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, NTARE RUSHATSI HOUSE

Mu kiganiro yatanze kuri radio Kazoza FM ikorera mu Burundi kuri uyu wa gatanu, prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ashigikiye urwaruka ruja kurondera imitahe hanze kugira rugaruke kurangurira imigambi mu Burundi.

Ivyo umukuru w'igihugu yabivuze ariko arishura ku kibazo c'abamaze imisi baja mu gihugu ca Serbia.

Benshi mu baja kurondera ubuzima mu mahanga ni urwaruka ruri muri y'imyaka 35.

Prezida Evariste Ndayishimiye agira ati:"Ndateye intege abagenda kurondera imitahe hanyuma bakagaruka gukorera mu Burundi, ariko ndanebagura abagenda gukora ubuzi banse gukora mu gihugu cabo."

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

Kuri ico kibazo nyene, prezida ndayishimiye abandanya avuga ko amahera abaja muri Serbia bakoresha, boshobora kuyakoresha mu gukora imigambi mu gihugu.

Mu kiganiro ca "Be your own Boss" ca Kazoza FM, umukuru w'igihugu yari yatumiwe kuyaga n'urwaruka ku migambi y'iterambere bashobora gukora n'inzitizi bagenda baragira.

Prezida ndayishimiye yavuze ko Uburundi buriko burategura imigambi y'iterambere yo gushika mu mwaka wa 2040.

Agira ati:"Turiko turategura imigambi y'iterambere yo gushika mu 2040. Umutahe turawufise.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Tubasavye (urwaruka) kudufasha kuko iyo migambi ni rwanyu. Hageze ico gihe, urwaruka muzoza murucira imigani muti 'ntimubone ngo mumerewe neza igihe twatangura ntivyari vyoroshe'".

Yateye akamo abantu bafise amikoro make, kwubahuka kugira imigambi mito mito ibinjiriza amahera kugira basahirize imiryango yabo, gutyo bagire uruhara mw'iterambere ry'ubutunzi.

Rusansuma ruheruka mu 2008 mu Burundi rwerekanye ko urwaruka rufise imyaka iri musi ya 35 rushika ku 66%.

Ubu biharuro biva mu mashirahamwe atandukanye mpuzamakungu vyerekana ko urwaruka rugeze ku bice 72%.

Muri rusansuma rw'ibishomeri rwabaye mu 2020, vyagaragaye ko mu Burundi hari urwaruka rwize rushomereye rushika ku 400.000.

Aho ni mu gihe reta ikoresha abantu batarenga 120.000 gusa.

Mu ntumbero yo kugwanya ubushomeri, reta yarashizeho umugambi wo gufasha urwaruka kwitunganiriza imigambi no kubaronsa akazi witwa PAEEJ (Programme d’autonomisation économique et d’emploi des jeunes)