Harageze ko ONU imenya ko igihugu canje cateye intambwe – Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, UN Live
Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryotahura y’uko Uburundi bwateye intambwe mu vyo umutekano kandi ko kitakiri igihugu kigoyagoya.
Mw’ijambo yashikirije mu nama ya bose igira 77 y’iri shirahamwe, Perezida Ndayishimiye yaragirije abakozi bamwe bamwe ba ONU baca intege iterambere igihugu kigezeko bagacuvya ibikorwa vyiwe bitwaje imvo za poritike.
Kubw’iwe, ntibigikenewe ko umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu urungika imirwi n’intumwa zidasanzwe, reta y’Uburundi itigeze iha nirwere kuko yabagiriza ko bakorera ku makuru y’ibinyoma.
Kuva mu 2015, imigenderanire hagati ya reta y’Uburundi n’amakungu be n’amashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe yagiye itosekara.
Bamwe mu bategetsi b’igihugu, inzego z’umutekano n’iz’igendereza, hamwe n'urwaruka rw'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi bagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu, ivyo reta yamye kandi ibandanya yiyamiriza.
Mw’iryo jambo, Ndayishimiye, n’aho ashimira amakungu ku kigoro yagize mu kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ciwe, ntarya umunwa mu kwagiriza abakoziba ONU ko baca intege intambwe imaze gushikwako.
Ati: “Mu bihugu bimwe bimwe harimwo na rwanje, iyo intwaro rusangi uko tuyumva ishinze imizi, bamwe mu bakozi b’ishirahamwe ONU barayisibanganya mu kuvuga ko itizewe kandi ko idahuza bose mu ntumbero yo kutugumiza mu cuka kibi kidagira mvura.
“Iyo turi mu rugamba rwa misi yose rwo kurwanya ukudahana, bamwe mu bakozi ba ONU barondera gutesha agaciro ibikorwa vyacu”.
Ndayishimiye abona ko igihe kigeze ko ishirahamwe ONU ryemera intambwe igihugu ciwe “kigezeko kuva imyaka 17 iheze kandi rigatahura ko ivy’uko kikiri igihugu kigoyagoya bitagifise ikibanza mu Burundi”.
Ati: “Rero harageze (...) ko Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu wicara hamwe n’ibihugu vyacu kugira ngo tubone kumwe ukungene poritike y’ibihugu vyacu yogenda, aho gushaka kuyobora ibikorwa vyawo iciye ku mirwi n’intumwa zidasanzwe ukwa wonyene”.
Mu gihe mu Burundi abatari bake, cane cane abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, bidogera ubutungane kandi bakavuga ko agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa, Perezida Ndayishimiye yabwiye abari muri iyo nama ko “ubutungane kuri bose ubu butakiri umugani"
Yavuze kandi ko "n’agateka ka zina muntu, harimwo uburenganzira bwo gushikiriza akari ku mutima n’ugushikiriza amakuru, kubahirijwe ku butaka bwose bw’Uburundi”.
Kuva Uburundi bwinjiye mu ndyane za poritike mu 2015 biturutse ku ngingo y’umuhisi Perezida Petero Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo ca gatatu, imigenderanire hagati yabwo n’ibihugu bimwe bimwe, cane cane vy’Uburengero, hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe, yaratosekaye.
Ibi vyatumye Uburundi hamwe na bamwe mu bategetsi bakuru b’igihugu bamwe bamwe bafatirwa ibihano.
Hagati aho kuva Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi inyuma y’amatora ya 2020, harabaye ukuganira n’impande zompi mu ntumbero yo gusubiza ibintu mu buryo, akaba mw’ijambo ryiwe ashima intambwe igezweko.
Ati: “Turashima kubona imigenderanire myiza (...) yari yahagaritswe n’ibihugu bimwe bimwe n’amashirahamwe amwe amwe yarasubiye kunaguka.
“Icipfuzo cacu nyamukuru ni ugukomeza imigenderanire myiza kandi ikomeye n’ibihugu hamwe n’amashiramahwe mpuzamakungu ishobora kuzana akarusho muri kazoza k’Uburundi n’ibindi bihugu”.










