Ndayishimiye: 'Hahoze akarwi kica abantu', Rwasa: 'Ivyo vyama vyabaye'

Ahavuye isanamu, NTARE RUSHATSI HOUSE
Umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL abona ko amajambo aherutse gushikirizwa n'umukuru w'igihugu yiyamiriza indongozi n’abajejwe umutekano bagira uruhara mu bwicanyi ari “ugusigana inkore ku maso kuko ubwicanyi bukorwa n’abantu bitwa y’uko bari mu nzego bwaramaze kuba nk’akamenyero”.
Ku wa gatatu w’indwi iheze, igihe yariko atanga inyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu ku Barundi baba mu mahanga, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ababazwa n’indongozi irera amaboko abantu bariko baricwa.
Ndayishimiye yaremeje ko hari n’akarwi k’abicanyi kakoresha abajejwe umutekano bikitirirwa reta.
Kubw’umushingamateka Rwasa, abantu, mbere n’abanywanyi biwe, bamye bicwa izuba riva, ubutungane ntihagire ico bukora.
Yabwiye BBC ati: “Rero kuvuga ngo uno musi biramutangaza...sinzi y’uko wewe ivyo vyaba vyose atabibona canke atavyumva.
“Kuri twebwe amajambo biraryoshe kuyumva, mugabo iciza ni uko twari kubona afata ingingo zituma koko bihagarara”.
Mw’itangazo ryasohoye mu kwa kabiri 2022, Ligue Iteka, rimwe mu mashirahamwe yafuswe mu Burundi, yavuze ko kuva Perezida Ndayishimiye ashitse ku butegesi hari hamaze kwicwa abantu 1241.
Ligue Iteka ivuga ko muri icyo kiringo nyene hatorwa ibiziga 430, 104 baburwa irengero.
Iri shirahamwe ryagirije umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, IMBONERAKURE, ko ari wo ahanini ukora ayo mabi, ibirego uyu muhari na reta y’Uburundi bamye yiyamiriza.
Perezida Ndayishimiye yavuze iki?
Muri izo nyigisho, Ndayishimiye yavuze ko ibihe igihugu caciyemwo bibabaje cane, ko no mu misi iheze hari akarwi kari kagisibije, mbere kanakoresha abajejwe umutekano, bikitirirwa reta.
Ati: “Mu misi iheze kugira ngo dutore akarwi kakidnapa (kanyuruza) abantu, urazi ingene vyaturuhishije?
“Bavuga ngo ni reta, ngo reta iriko irica abantu, bakandika mu ma medias yose ko reta iriko irica abantu, kandi hariho akarwi kariko karica abantu!
“Nagiye kwemera neza nsanze ako karwi gakoresha n’abajejwe umutekano”.
Asaba abanyagihugu kugira urunani bakiruka ku bicanyi gushika babafashe.
Ati: “Tudafatanye mu nda - ni ukuvuga tubonye umurundi ahuye n’ivyago, tukarondera uwateye ivyo vyago kugira tumufate twese - tuzokwama dufise abicanyi”.
Mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu 2020, Evariste Ndayishimiye niwe yayatsinze ku majwi 68%, Agathon Rwasa aza ubwa kabiri n'amajwi 24%.
‘Afata ingingo iyihe ngo ibara ntirisubire kugwa?’ - Rwasa
Abajijwe nimba yemera ko aka karwi k’abicanyi kavugwa na Ndayishimiye karatujijwe, umushingamateka Rwasa abona ko atari vyo kandi ko kabandanya kiha inkumbi.
Ati: “Rero hariho imvugo novuga ko ari iyo kuryohera amatwi y’abarundi tugire ngo turitaweho, mugabo ukuri kuriho ni uko inyungu z’abanyagihugu sizo ziraje ishinga muvyo ukuri.
“Nimba baragatujije, none abo twumva ngo batorwa ibiziga hirya no hino, vyoba bikorwa na bande”?
“Ibikorwa bibi birabandanya kuko hari igihe wumva ngo aha kanaka bahasanze ikiziga, bagaca bamuhamba ata matohoza abaye, ivyo ni ibintu vyama vyabaye”.
Nayo ku kamo atera abanyagihugu ngo bafatane mu nda barwanye ako karwi, Rwasa abona ko vyari vyiza, ariko ko bidashoboka “mu gihe reta, inzego z’igihugu ataco ziriko zirakora ngo zifashe abo banyagihugu”.

Ahavuye isanamu, CNL
Ati: “Ugira gutya ukumva ngo abantu banyurujwe hirya no hino, ubutungane ntihagire ico bukora, inzego zijejwe amatohoza mu gipolisi ntihagire ico zikora kugira ngo tumenye abo bantu bapfuye ni ba nde, bishwe bigenze gute.
“None abanyagihugu, gufatana mu nda kwabo kwogenda gute mu gihe inzego zijejwe guhana inkozi z’ibibi ataco ziriko zirafasha?
“Iyo abantu babonye hatowe ikiziga ahantu, uwo muntu agahamba ata matohoza akozwe, none wumva uyo muntu nyarucari nawe azoshobora gufasha iki”?
Atanga akarorero k’umuntu wo mu ntara ya Gitega avuga ko yishe umuntu, mu gatondo bakamufatana itonga ariko arayererana ikiziga arondera aho agihamba.
Ati: “Uyo muntu baramushize muri sentare ariko amatwi adusumira, ubu yoba yidegemvya.
“None iyo umuntu yishe umuntu, akamara mu munyororo umwanya urume rumara, mugabo uwivye igitoke canke uwadenderejwe akamarayo imyaka mirongo canke ubuzima bwiwe bwose, abo banyagihugu bazofatana mu nda ngo batuze ububisha nka bene ubwo gute kandi ushobora gusanga abakora mwene ivyo bintu boba bafise ababa babashigikiye, n’iyo bafashwe baca babarekura muri ubwo buryo?”










