Burundi: Umugambwe CNL waronse amakuru ko Ngomirakiza Elie yagandaguwe

Ngomirakiza Elie yahagaritswe ku wa 09 z'uku kw'indwi n'abantu bambaye impuzu za gisirikare aca atwarwa ahantu hatazwi

Ahavuye isanamu, FAMILLE NGOMIRAKIZA

Insiguro y'isanamu, Ngomirakiza Elie yahagaritswe ku wa 09 z'uku kw'indwi n'abantu bambaye impuzu za gisirikare aca atwarwa ahantu hatazwi

Umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi uvuga ko uwari awurongoye muri commune Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura yoba yaragandaguwe.

Itangazo rya CNL rivuga ko Ngomirakiza Elie yahagaritswe ku wa 09 z'uku kw'indwi n'abantu bambaye impuzu za gisirikare bari muduga ufise plaque A 031A utwarwa ahantu hatazwi gushika ubu.

Uyu mugambwe uvuga ko wituye ubutegetsi, abarongoye igisirikare n'igiporisi hamwe n'umurwi ujejwe agateka ka zina muntu, ariko ubu wumva ko Manirakiza yoba yaragandaguwe.

BBC yagerageje kuvugana n'umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe umutekano, n'umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, ariko ntibishuye.

Térence Manirambona avugira CNL yabwiye BBC ko bababajwe n'uko abo bituye bose baciye binumira, baca babona ko amakuru y'igandagurwa ryiwe yoba ari yo.

CNL ni umugambwe wafashe ikibanza ca kabiri mu matora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka aheruka mu mwaka uheze mu Burundi.

Ivyaba mu misi yahera n'ubu biracahari

CNL ivuga ko itewe impungenge n'ihagarikwa ry'agasakisaki ry'abanywanyi bawo mu gihugu cose, ivuga ko rimwe na rimwe bikorwa n'abatabifitiye uruhusha bikavamwo inyuruzwa.

Manirambona avuga ko ivyo kubafatira abanywanyi babo vyatanguye n'imbere y'amatora, bikabandanya n'ubu bikaba bikibandanya.

Ati: "Twebwe tukavuga turi 'kubera iki abantu baguma bicwa kakaba akamizwe n'ingoma? Kubera iki abantu baguma banyuruzwa kakaba akamizwe n'ingoma'?"

Bikorwa na bande ko bamwe bafatwa n'inzego z'igihugu, ko bamwe banyuruzwa ahantu havugwa ko inzego z'umutekano zikora ijoro n'umutaga?

"Kubera iki ? Kubera iki inzego zibijejwe zidakora amatohoza ngo zerekane ziti 'abakora ibi ni ba naka', kugira ngo tumenye abariko baracafuza igihugu?"

Manirambona abona ko umutekano w'abanywanyi babo utifashe neza mu gihugu, kuko banaburagizwa kugira inama mu ngoro zabo.

Ati: "Burya umutekano si ukwicwa canke uguhunga gusa, ni ico kintu cose gituma umuntu yumva ko adatekaniwe neza. Muri kino gihe rero, turabona y'uko ivyaba mu misi yahera n'ubu biracahari.

"Inzego z'igihugu rero ni zihaguruke, zive mu gacerere, zitubwire neza ibiriko biraba muri kino gihe, boye kwama baririmba amahoro, baririmba iterambere kandi twumva ko hari ibintu bitameze neza biguma bicapfuza ishusho y'igihugu".

Mu gihe uwu mugambwe uvuga ko abanywanyi bawo babandanya baburirwa irengero , Perezida Evariste Ndayishimiye aherutse kubwira RFI ko mu Burundi ata muntu n'umwe aburirwa irengero, ko ahubwo hari abaheza gukira ivyaha bagaca bahungira mu Rwanda.