Burundi: Ndabagiriye yorora isazi n'imisiba akabigaburira amafi

Ahavuye isanamu, JAPHET NDABAGIRIYE
Japhet Ndabagiriye yaminuje mu bwubatsi, ariko yorora amafi i Bujumbura aciye ku bundi bworozi butamenyerewe cane.
Avuga ko agiheza amashure yaronse akazi ko kwubaka ariko kakamuruhisha kandi agahembwa make cane.
Yigira umugambi wo kworora amafi, ashinga ishirahamwe AKEZA Village Fermier rikorera muri Zone Kinama yo muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Mu kuzigaburira, yaciye atangura kworora isazi n'imisiba (iminyorogoto mu Kinyarwanda).
Ndabagiriye avuga ko ubwo bworozi bworoshe cane.
Ati: "Kworora isazi biroroshe kuko bitwara ikibanza gito.
"Uvanga amase y'ingurube n'ay'inka ukongeramwo ibintu bimota bihamagara isazi, ugaca ushira ahantu hitwa mu mitego. Aho niho isazi zita amagi.
Ayo magi aca avamwo ibinyagu "duca tuguma tugaburira ivyamwa gushika bikure."
"Ivyo binyagu vy'isazi n'imisiba ni vyo duheza tukagaburira amafi".
Japhet Ndabagiriye avuga ko imisiba na yo ayororera mu bisandugu.
Agira ati: "Dufata umwavuye usanzwe tukawurenza ku mufuko urimwo amayezi n'ubuseri bivanze.
"Inyuma y'imisi indwi, imisiba iba yabonetse.
"Duca tuyunguruza tukayishira mw'ivu risanzwe, tukaza turayigaburira imicafu isanzwe iva mu mazu, nk'ibishishwa vy'amavoka...
"Turaheza kandi tukayipfukisha ikintu kubera ikunda ahantu hari umwijima."

Ahavuye isanamu, JAPHET NDABAGIRIYE
Ubwo buhinga yabwize hehe?
Japhet Ndabagiriye avuga ko ubwo buhinga yagiye arabwiyigisha wenyene ku mbuga hwaniro.
Ati: "Naja kuri YouTube nkaraba uko urundi rwaruka rw'ahandi ruvyifatamwo mu kworora amafi."
Amaze kubimenya, yararonse n'akaryo ko gukarisha ubwenge mu bindi bihugu.
Avuga ko ubu afasha mu gukarihiriza ubwenge urundi rwaruka mu vyerekeye kworora amafi agaburirwa ibinyagu vy'isazi n'imisiba.
Asaba urundi rwaruka gufata umwanya mu kwiyigisha ku mbuga hwaniro.

Ahavuye isanamu, JAPHET NDABAGIRIYE
Yunguka gute?
Uwo musore w'imyaka 33, avuga ko asarura amafi buri mezi atandatu.
Ikiro c'amafi kigurwa ibihumbi umunani vy'amarundi, ko rero ashobora kuronka nk'imiriyoni umunani ku kinogo kimwe yasaruye.
Japhet Ndabagiriye ati: "Mu kinogo kimwe nshobora gukuramwo ibiro 800 canke itoni."














