Ntahokatarondererwa: Ntamakuriro David afise ishirahamwe ryubaka rifise abakozi barenga 150

Ntamakuriro David afise ishirahamwe ryubaka BMBC rifise abakozi barenga 150

Ahavuye isanamu, David Ntamakuriro

Insiguro y'isanamu, Ntamakuriro David afise ishirahamwe ryubaka rifise abakozi barenga 150

Ntamakuriro David yatanguje ishirahamwe ryo kwubaka BMBC (Building and Multi-Business Company) n'umutahe w'ibihumbi 50 vy'amarundi ubu rikaba rikoresha umutahe w'amamiriyaridi y'amarundi ku mwaka.

Uwo musore, kuva atanguye amashure yisumbuye yize umwuga wo kwubaka gushika ayarangize.

Igihe yaba ari mu biruhuko, yaca aja gukora iki 'aide-maçon' (guhereza amatafari, gukata ubudongo no guponda isima), ivyo avuga ko vyamufashije cane.

Agira ati: "Igihe cose ngiye mu biruhuko naca nja gukora iki 'aide' canke ubufundi aho bubaka.

"Aho ni ho nakura n'amahera yo kuriha kw'ishure."

Ntamakuriro ahejeje amashure yisumbuye, avuga ko yagiye araronka ibiraka, ariko mu nyuma ahitamwo kubanza kwiga gukoresha inyabwonko.

David Ntamakuriro ari kumwe na bamwe mu bakozi ba BMBC

Ahavuye isanamu, David Ntamakuriro

Insiguro y'isanamu, David Ntamakuriro ari kumwe na bamwe mu bakozi biwe

Agira ati: "Narabona ko ata ho nzigeza mu misi iri mbere ntamenye uko bakoresha inyabwonko, kuko ico gihe twacapa ku mpapuro.

"Naciye manuka i Bujumbura kwa mwenewacu ndamusaba indaro, nca ndondera aho nimenyereza gukoresha inyabwonko.

"Nabasavye ko bamenyereza nanje bakantuma ico bashatse cose, n'aho batompemba."

Yatinze aronka akazi ko gukora mw'ihoteli aho yakira abashitsi n'ingenzi, gutyo ngo akaronka umwanya munini wo kubandanya akoresha inyabwonko mu kwandika umugambi w'ishirahamwe ryiwe, no gucapa akoresheje ubuhinga bwa none.

David Ntamakuriro

Ahavuye isanamu, David Ntamakuriro

Insiguro y'isanamu, David Ntamakuriro ( i buryo) na Oscar Ndayishimiye (I bubamfu) kuri ETM Giheta mu 2006 bakiriko bariga umwuga wo kwubaka

Ntamakuriro avuga ko muri ako kazi yahakuye amahera yo kwandikisha ishirahamwe ryiwe rya BMBC.

Yaciye atangura kuza arandika impanuro ku rubuga rwa BMBC kuri facebook cane cane ku bantu baba hanze bashaka kwubaka inzu mu Burundi.

Ati: "Izo mpanuro maze kubona ko bazihurumbira ari benshi, naciye mpeba akazi nja gutangura kwikorera.

"Umugambi wanje wari uwo gufasha kurangura imigambi yo kwubaka abantu bato bato bakeneye kwubaka nk'inzitiro, gusanura inzu zasambutse, buke buke ngenda ndonka ubuzi bwinshi harimwo n'abantuma kububakira bari hanze y'igihugu."

Ntamakuriro David avuga ko yatanguje ibihumbi mirongo itanu yo kwandikisha iryo shirahamwe, ariko ubu akaba akoresha umutahe w'amamiriyaridi buri mwaka.

Ubu ishirahamwe ry'ubwubatsi rya BMBC rifise ibisata indwi birimwo gushariza inzu, kwubaka, kwubaka amazu yo kubamwo ari hamwe, gukora ama programme y'inyabwonko, kugira ibijanye no kubungabunga amazu, amatongo, imiduga, gutwara ibintu bitandukanye hamwe gufashanya n'ibigo bitarondera inyungu mu migambi yavyo.