‘Kutavyara ni indwara ishobora kuvurwa’ - Dr. Innocente Irakoze

Iyo umugabo n'umugore bubakanye, ikintu ca mbere baba bitezweko ni ukwibaruka abana. Iyo bishitse hagaca igihe kirekire bataravyara, ibibazo biba vyinshi, bakaba uruvugo mu babanyi, nabo nyene ubwabo bagashobora no gutangura gutanako umwikomo.
Iyo abubakanye bashikiwe n'iki kibazo, akenshi usanga hari bamwe birukira kwa rumenyi/mu bapfumu, abandi nabo bakaja mu masengesho, batabanje kurondera kumenya ingorane aho iri.
Muganga Innocente Irakoze umuhinga mu bijanye n'irondoka avuga ko ibi "kuba ari uguta umwanya" kuko ni ingorane ishobora gutorerwa umuti.
Iki kiri mu bibazo biriko birigishwa abakenyezi b'Abarundikazi mu ciswe Inama Mpuzamakungu y'Abakenyezi b'Abarundi (International Burundian Women Conference 2022 ), yatanguranye n'umusi mpuzamakungu wahariwe abagore.
Mu gihe akenshi usanga umugore akunze gutabwako umwikomo, Irakoze asigura ko ivyo kutavyara bishobora kuva no ku mugabo ku rugero rwa 50%, nk'uko icigwa aherutse gukora kivyerekana.
Muri ico cigwa yerekanye mu nama yo ku wa 02 z'uku kwa kane, Dr. Irakoze asigura ko hari igihe usanga abubakanye vyaranse ko bavyara kubera, hampande y'ingorane zishobora kuba ziva ku mukenyezi, ushobora gusanga umugabo ata ntanga n'imwe afise, canke ugasanga izo ntanga n'aho yoba azifise ntizikomeye, canke naho ugasanga amatengatwa (testicules) z'umugabo ari nto canke zirwaye.
Dr. Irakoze yasiguriye BBC ko, iyo hari ibibazo nk'ibi, hari igihe bashobora kumuvura agakira, agashobora kuvyara.
Ukutavyara bivuye ku mugabo: Uruhara rw'inkabuzo FSH, LH
Inkabuzo FSH na LH zikorerwa mu mutwe. Ku mugabo ni zo zituma amatengatwa yiwe aba manini, akamera neza, nayo ku mugore zikaba ari zo zikora kuri turya duhimba (ovaires) duhingura urubuto rw'umugore (canke igi), zikaba kandi ari zo zituma umugore aja mu gasamo, nk'uko Dr. Irakoze abisigura.
Avuga ko iyo izo nkabuzo zikwiye, zikaba zishika ku matengatwa y'umugabo, ziyatuma akora iyindi nkabuzo yitwa testosterone, iyi ikaba ari yo iza gufasha ko haba imbuto z'umugabo.
Avuga ko urugero rwiza ku mugabo ari hagati ya 1 na 14, bigiye musi canke hejuru y'ibi ntashobora kuvyara.
Iyo umugabo yigeze kurwara indwara kanaka muri kahise, nk'akarorero amasambambwika akiri umwana, Dr. Irakoze avuga ko ingorane zica zihera kuri ayo matengatwa, ugasanga umugera utera aya masambambwika wihomye ku matengatwa yiwe, ugatangura kuyarya canke kuyarwaza ukayababaza.
Ati: "Iyo rero amatengatwa yasinzikaye kandi akiri umwana, ya testosterone ntisubira gukorwa, canke ikozwe naho ugasanga ikozwe ari nke cane."
Asigura ingene izi nkabuzo zikorana kugira ngo umugabo ashobore gusohora imbuto zikomeye, Dr. Irakoze avuga ati:
"Iyo testosterone ikwiye, ica imanura FSH bigatuma umugabo ashobora gusohora intanga zikomeye, ariko iyo ari nke cane, bica bituma ya nkabuzo FSH iduga birenze urugero, ntishobore kumanuka, aha rero umugabo ntashobora kuronka intanga zifise ubushobozi bwo gutuma umukenyezi wiwe yosama".

Hampande y'iyi ndwara y'amasambambwika, itabi, inzoga, indwara zitwa Syndrome de Kallmann, Syndrome de Klinefelter na varicoceles, kuvyibuha cane, ibidukikije…., navyo biri mu bituma umugabo agira intanga zidakomeye "kuko bishobora gutuma inkabuzo FSH na testosterone, zifasha kugira intanga zikomere, zigabanuka canke zikaduga", nk'uko bisigurwa n'uyu muhinga.
Dr. Irakoze avuga ko iyo izi nkabuzo FSH na LH ziduze, kugira umugabo n'umugore baronke imbanyi, umugabo akenera imbuto z'uwundi mugabo kuko adashobora kuronka imbuto ziwe, ariko ko iyo zimanutse, bashobora kumuvura mu kumutera inshinge zitwa Gonadotrophines maze agashobora kubona imbuto ziwe.
Dr. Irakoze ahanura ko iyo umugabo amenye kare ko ata ntanga n'imwe afise canke ko inkabuzo FSH iri hejuru, kimwe mu kuvurwa, bokwumvikana n'umukenyezi bakarera umwana akeneye abamurera adafise abavyeyi canke ntaho-nikora mu gihe uwo muryango watevye gusama udafise uburyo bwo kwivuza bakoresheje icitwa Fecondation in vitro (FIV).
Hampande y'iki kibazo c'inkabuzo za FSH na LH, Dr. Irakoze avuga kandi ko ikibazo c'abagabo usanga bafise amatengatwa mato canke akagira izindi ndwara naco nyene giteye isibe.
Mu cigwa ciwe, avuga ko ku bagabo 100 bapimye, 11 ari bo basanze bafise amatenganwa akomeye, abo bandi bose bari bafise ingorane, harimwo 27 bari bafise amatengatwa mato.
Mbega ku mugore hoho inkabuzo za FSH zikora gute?
Ku bijanye n'inkabuzo za FSH, iyo umugore agiye mu gasamo, zica ziduga zikaja hejuru rwose.
Ariko, iyo afise ikibazo c'uko zama ziri hejuru ata kizimanura, uyu mugore ntashobora kuja mu gasamo n'aho yogira gute. Aca amera nk'urya muntu yamaze guca imvyaro, nk'uko Dr. Irakoze abisigura.
Avuga ko bishobora gushika umukenyezi akiri muto abona ko aja mu butinyanka bisanzwe, ariko izo nkabuzo zikama ziri ku rugero rwo hejuru cane, ikizwi mu gifaransa nka hypergonadisme.
Ati: "Muri iki gihe, umukenyezi biragoye kumuvura, kugira ngo ashobore kuronka umwana, bisaba ko aronka iż'uwundi mugore kuko wewe ntazo aba afise ziba zaraheze kandi abona ko akiri muto".
Dr. Irakoze avuga ko umugore ategerezwa kugira urugero rwa FSH iri hagati ya 3 na 8, ko iyo zigiye hejuru biba vyatanguye kugorana ko asama. "Guhera kuri 10 gushika kuri 20, aha ubushobozi bwo kumuvura buba bwamaze no kugabanuka".
Avuga ko iyo izi nkabuzo ari nke, hari inshinge zo kumutera kugira ngo urugero rwazo ruduge, ibidashoboka iyo zisanzwe ziri ku rugero rwo hejuru.
Ni ibihe bituma umugore adashobora gusama?
Dr. Innocente Irakoze arasigura imvo zitari nke zituma umugore adashobora kuvyara, agasigura uko yibaza zigenda zisumbasumbana.
Imvo ya mbere atanga, avuga ko ingorane zikunze kwibonekeza ku bakenyezi batari bake ari uko usanga bafise utuvyimba dutoduto ku gihimba cabo kizana urubuto, ikaba ari indwara yitwa ovaire micropolykystique, bigakunda kuboneka ku bagore bavyibushe, abafise ubwanwa, usanga bataja mu kwezi kenshi canke bakabona amaraso imisi myinshi, ugasanga baramaze n'ukwezi kwose bakiri mu butinyanka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imvo igira kabiri ituma abagore bateba gusama ni iyijanye n'indwara yitwa endométriose, ituma baribwa cane bari mu butinyanka, kandi no kuva bakiri bato bakaba bararibwa cane bakiri mu kwezi.
Abandi bagira ingorane zo kutavyara avuga ko hari abagore usanga uturingoti dutwara imbuto twarazivye, abandi ugasanga bafise utuvyimba mu gitereko - indwara yitwa fibrome.
Abandi avuga ko bashobora kugira ingorane zo gusama ni abakenyezi usanga bariko barakura barenza imyaka 35 kubera bobo imbuto zabo usanga zaragabanutse.
Ati: "Abo mu kubavura duca turaba no mu bipimo vy'amaraso, kuko akenshi usanga na za nkabuzo bita FSH nabo zaraduze cane, ugasanga, n'aho baba bakija mu kwezi, basa n'abagore baba baraciye imvyaro".
Dr. Irakoze avuga kandi ko hari abakenyezi bafise amaberebere (amashereka mu Kinyarwanda) kandi batarigera bavyara bashobora kugira ingorane yo gusama, agahanura abatevye gusama kuza barafyonda kugira ngo barabe ko batoba bafise iyi ngorane.
Avuga ko hari n'igihe umugore aba afise iki kibazo ariko kitibonekeza "tukaza kubibona mu maraso, dupimye amaraso tukabona ko koko hari ibimenyetso vy'iyi ngorane y'amaberebere ituma batazigera baja mu gasamo co kimwe n'abandi".
Iyindi ngorane ikunda gufata abagore baba bakiri bato ni indwara izwi nka hypogonadisme, aho usanga za nkabuzo FSH zaramanutse cane rwose, ugasanga afise urugero ruri musi ya 3, ugasanga afise nk'ubusa. Avuga ko aba bashobora kumara n'umwaka urenga batagiye mu butinyanka.
Kuki hariho abavyara rimwe ntibongere gusama?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Dr. Irakoze avuga ko abakunze guhura n'iyo ngorane ari nka barya usanga iyo bahejeje kwibaruka banduriyemwo indwara (infection), "ugasanga baciye batangura kuzana ibintu binuka bagiheza kwibaruka, canke ugasanga igikomere cabo carabayemwo imicafu, canke ugasanga igihe cose bagumye bamusubiramwo, hakazamwo amashira bigasaba ko baguma bahanagura".
Ati: "Aha rero urashobora gusanga no mu nda vya bisogi vyaciye bifatana, twa turingoti dusohora imbuto dutuma asama tukarwara canke tukaziba, kandi bikaba ahejeje kwibaruka".
Avuga kandi ko iki kibazo gishobora gushikira barya bantu bahejeje kwibaruka bagaca bashiramwo akanyuzi ari inda ya mbere, maze ugasanga gaciye kajako imicafu, "uyo muntu rero kenshi hari igihe adasubira gusama".
Eka ngo n'abantu baba barakoroje inda bashobora guhura n'iki kibazo, "ibi tukaba dukunze kubibona ku bakobwa, aho usanga avyaye irya mbere, hanyuma asamye ubugira kabiri ugasanga agiye kuyikoroza mbere bigakorwa nabi... uyo kenshi biramushikira ntashobore gusubira gusama".
Dr. Irakoze avuga kandi ko gukoresha za nshinge zo gutandukanya imvyaro ku bagore bahejeje kuvyara inda ya mbere bashobora kugira iyi ngorane. Ati: " Urushinge si urwo umuntu yoherako atararonka n'abana babiri".
Iyi ngorane kandi ngo irashobora kuva ku bagabo baguma banywa inzoga nyinshi, itabi ryinshi, "ibi bigatuma imbuto ziwe zidakomera, canke ugasanga umugabo amaze kwubaka aciye aguma avyibuha", co kimwe n'umugore usanga aciye avyibuha cane ahejeje kwibaruka, aho usanga za nkabuzo zica zigabanuka.
Mu buvuzi bavyifatamwo gute?
Dr. Irakoze avuga ko ingorane ikunze kwibonekeza ku bagabo ari uko hari abo usanga nk'intanga ziwe zifise inguvu nke, zidakwiye canke zimugaye, aha "duca tubanza kuraba ko amatengatwa yiwe akomeye, kuko bishobora kuba bitumwe n'uko amatengatwa yiwe aba afise ibivyimba, yaronze akagabanuka, canke ugasanga uturingoti turimwo amaraso menshi".

Mu kuvura abagabo nk'aba bafise iyi ngorane avuga ko bashobora kubabaga canke bakabaha "imiti itandukanye kugira ngo turabe ko izi mbuto ziwe zigira inguvu, rimwe na rimwe tukamubuza inzoga, itabi, akirinda kuvyibuha, bivanye n'ingorane z'intanga ziwe".
Dr. Irakoze avuga ko hariho abo bitoroshe kuvura, nk'umuntu avukana indwara zimwe zimwe nk'izituma adashobora kumoterwa, canke akaba afise ibindi bimenyetso vy'izindi ndwara yavukanye. "Uyo muntu ntivyoroshe kumuvura kuko usanga atagira n'urubuto na rumwe".
Ku bantu nabo barwaye za kanseri ugasanga barakorewe bwa buvuzi bita chimiotherapie, baba abagabo canke abagore, bakaba batari bwaronke umwana n'umwe, "imbuto ziragenda aho tudashobora kuzigarukana".
Ati: "Vyari vyiza y'uko uyo mugabo, imbere y'uko akorerwa ubwo buvuzi abikisha intanga, ahantu bashobora kuzibika kuko imbuto z'umugabo zirashobora kubikwa imyaka ijana".
Mu kuvura umugore
Dr. Irakoze avuga ko iyo basanze za nkabuzo zimeze neza, ama trompe akomeye, ibivyimba barabikuyeho, nta cobuza ko atangura gufata imiti ishobora kumufasha kugira agasamo kameze neza.
Iyo ivy'imiti vyanse, uyu muganga ahanura ko yoca agirirwa ico bita insémination intra-utérine, "aho bafata imbuto z'umukenyezi, bakazitegura, bakongera bagategura n'iz'umugabo. Hageze ko umukenyezi aja mu gasamo, izo mbuto zikaba zateguwe neza hanyuma zigaterekwa mu gitereko c'umugore".
Iyo iyi nzira yanse, ashobora kuja ku citwa fécondation in vitro, ubu bukaba ari ubuhinga bwo guhuza igi ry'umugore n'urubuto rw'umugabo bikabera hanze y'igitereko, bagakorerayo umwana, hanyuma "agitangura kubaho imisi itatu ya mbere, bagaca bamutereka mu gitereko c'umugore ashaka gutwara iyo nda".
Dr. Innocente Irakoze, ahanura umugabo n'umugore ko iyo babonye bamaze igihe babana, nk'umwaka urenga batararonka imbanyi, ica mbere ni uko bompi bitura abaganga kugira ngo bamenye ingorane bafise, hanyuma bashobore kuvurwa.










