Umugabo yahawe "umutima w'ingurube" yapfuye

Ahavuye isanamu, University of Maryland School of Medicine
Umuntu wa mbere kw'isi yashizwemwo umutima uvuye mu ngurube yahinduwe imero yapfuye.
David Bennett, yari ku mpfiro kubera indwara y'umutima, yongereje amezi abiri ku minsi y'ubuzima bwiwe inyuma yo kubagwa agaterwa uwo mutima muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ariko amagara yiwe yari amaze iminsi yaratanguye kwunyuka, nk'uko abaganga biwe muri Baltimore babivuga, uwo mugabo w'imyaka 57 aca apfa itariki 8 uku kwezi kwa gatatu.
Bennett yari azi ibishobora gushika igihe yemera kubagwa, kuko yemeye imbere y'uko abagwa ko ari "ukurasa mu mw'ijima [mu mwiza, ahatabona]".
Abanganga ku bitaro vya kaminuza ya Maryland babanje guhabwa uruhusha rudasanzwe n'urwego rwa Amerika rucungera ubuganga kugira bamubage, ku mvo z'uko Bennett - atari akiva mu gitanda - n'ubundi yari uwupfa.
Yabazwe itariki 7 za Nzero (ukwezi kwa mbere), abaganga bakavuga ko mu ndwi za mbere yamaze iminsi ari kumwe n'umuryango wiwe, akaraba inkino za Super Bowl akanavuga ko akeneye gutaha kuraba imbwa yiwe, Lucky.
Ariko amagara yiwe yahavuye yunyuka, abaganga "bararengerwa".
Umuganga abaga Bartley Griffith yamuteye uwo mutima yavuze mw'itangazo ryasohowe n'ibitaro ati: "Yabaye umurwayi w'intwari yihagazeko kuva ku ntango gushika kw'iherezo".
Imbere yaho, Dr Griffith yari yavuze ko ico gikorwa cari catumye isi itera iyindi ntambwe mu kwegereza gutora inyishu y'ubukene bw'ingingo z'umubiri".
Gushika ubu abantu 17 barapfa buri munsi muri Amerika barindiye guterwa ingingo y'umubiri, bikavugwa ko abarenga 100.000 ari bo bari ku rutonde rwo kurindira.
Inzira y'uko hokoreshwa ingingo zivuye ku bikoko kugira abazikeneye bashobore kuzironka imaze igihe kirekire yigwa, gukoresha tumwe mu duce tw'umutima w'ingurube twitwa valve vyo bikaba bisigaye ari ibisanzwe.
Muri Gitugutu (ukwa 10) mu 2021, abaganga babaga i New York bamenyesheje ko bashoboye gutera neza ifyigo ry'ingurube mu muntu. Gushika ico gihe ico gikorwa nico cari ica mbere gihanitse muri ico gisata.
Ariko ico gihe, uwaritewe yari yamaze gupfa ubwonko ata cizere kikihari ko ashobora kwongera kuba muzima.












