Abanganga bateye ifyigo ry'ingurube ku muntu umubiri wiwe ntiwaryanka

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Michelle Roberts
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'amagara, BBC News online
Abanganga babaga muri Amerika bavuga ko bashoboye guha ifyigo ry'ingurube umuntu mu gikorwa gikomeye co gutera umuntu ingingo zikomotse ahandi bizigiye ko kizofasha gutorera inyishu ubukene bw'ingingo zikekenewe na benshi.
Uwo yatewe iryo fyigo ubwonko bwiwe bwari bwamaze gupfa, bisigura ko bifashisha imashini zo kugumiza ibice bimwe kubandanya ari bizima ariko ata mahirwe y'uko umuntu wese yari gusubira kuba muzima.
Iryo fyigo ryavuye mu ngurube yahinduriwe bimwe muri kamere kayo (génétiquement modifié/genetically modified) kugira babuze ko "rimenyekana nk'irinyamahanga" hanyuma ngo umubiri uryanke.
Ico gikorwa ntikirihwezwa n'abandi baganga canke ngo gisohoke ku mugaragaro ariko bitegekanijwe ko ivyo bikorwa.
Abahinga bavuga ko ariryo gerageza rya mbere riteye imbere cane muri ico gisata gushika ubu.
Ibipimo nk'ivyo vyari bimaze gukorwa ku bikoko bitari abantu, ariko gushika ubu nta muntu yari bwageragerezweko.
Ariko gukoresha ingingo zivuye ku ngurube si icuyumviro gishasha. Uduce tw'umutima twitwa valves dusanzwe dukoreshwa cane ku bantu.
Kandi ingingo z'ingurube zirahura neza cane n'izo abantu ku vyerekeye ubunini.
Ico gikorwa co kubaga camaze amasaha abiri n'inusu mu kigo c'ubuvuzi ca kaminuza ya New York University Langone.
Abo baganga bafatanije iryo fyigo ry'ingurube n'inzira z'amaraso z'uwo muntu yari yamaze gupfa ubwonko kugira barabe ko ryokora hamwe boritera umuntu canke ko umubiri woryanka.

Ahavuye isanamu, NYU Langone
Ku minsi ibiri n'igice ikurikira baciye bakurikiranira hafi iryo fyigo, basuzuma cane banakora ibipimo vyinshi.
Umushakashatsi yari arongoye abandi Dr Robert Montgomery yabwiye BBC ati: "Twabonye ifyigo ahanini ryakoze nk'ifyigo ryatewe rivuye mu wundi muntu, ivyo vyagaragaye nk'ibihuye co kimwe n'uko vyagenze no ku bindi vyose vyokorwa n'ifyigo ry'umuntu risanzwe.
"Ryarakoze uko bisanzwe, kandi ntavyabonetse ko umubiri waryanka".
Abo baganga babaga bateye kandi agace k'iyindi ngingo y'ingurube yitwa glande thymus hamwe n'iryo fyigo.
Bibaza ko iyo ngingo ishobora gufasha guhagarika ko umubiri w'umuntu amaherezo wokwanka iryo fyigo mu gukukumba uturemangingo two kwigwanira twoba twagiye ku ruhande ubundi dushobora kurwanya iyo ngingo ivuye ku ngurube.
Umuntu nawe asanzwe yaratewe uwundi mutima, Dr Montgomery avuga ko hakenewe vyihuta ko haboneka uburyo bwo kurondera ingingo zo guha abantu bari ku rutonde rwo kurindira kuzironka, n'ubwo yemera ko igikorwa ciwe kidahurizwako.
"Ic'uko nk'uko vyamye kuva kera hari uwubanza gupfa kugira uwundi muntu abeho ntikizokwigera gitanga inyishu ikwiye.
"Nta nkeka ko numva impungenge, kandi ico novuga ni uko gushika ubu 40% abantu barindiriye guterwa ingingo bapfa batarazironka.
"Ingurube turazirya, turakoresha ingurube mu buvuzi - ku duce tw'umutima bita valve, ku miti. Nibaza ko no kuri ivyo bidatandukanye cane."
Yavuze ko ubushakashatsi bukiri mu ntango ko rero hakenewe gukorwa ibindi vyigwa vyinshi, ariko yongerako ati: "Biduha, uko ndavyibaza, icizere ko ata kibazo mu minsi tubijanye mu bitaro".
Umuryango w'uwo yagiriweko ibipimo, yari asanzwe yarifuje ko yotanga ingingo, waratanze uruhusha rw'uko abo baganga bakora ico gikorwa.
Urwego rwa Amerika rugenzura bene ivyo bikorwa FDA narwo rwaremeye ko hakoreshwa ingingo y'ingurube yahinduriwe kamere mu bushakashatsi nk'ubwo.
Dr Montgomery yizeye ko mu myaka cumi, izindi ngingo z'ingurube - imitima, amahaha n'ibitigu (imyijima) - bishobora kuzohabwa abantu bakeneye guterwa ingingo.

Ahavuye isanamu, NYU Langone
Dr Maryam Khosravi, umuganga w'amafyigo no gukurikirana abantu bategerezwa kwitabwo cane mu bitaro (intensive care) akorera urwego ruvuza abantru mu Bwongereza, NHS, avuga ati:
"Gutera abantu ingingo z'ibikoko n'ibintu tumaze imyaka myinshi twiga, kandi ni vyiza kubona abo bantu bateye iyindi ntambwe imbere muri iyo nzira."
Ariko ku karangumutima k'ibirekurwa n'umwugwa gukorwa avuga ati: " Kuba twobishobora ntibisigura ko dutegerezwa kubikora. Nibaza ko umuryango w'abakora muri ico gisata ariwo utegerezwa kwishura ivyo bibazo."
Umuvugizi w'igisata c'amaraso n'ugutera ingingo zivuye ahandi, avuga ko gutanga ingingo zivuye ku bandi bantu arivyo bishirwa imbere gushika ubu. "Haracari inzira ndende imbere y'uko ingingo bene izo zija mu buzima bwa minsi yose.
"Mu gihe abashakashatsi n'abavura tubandanya dukora ibishoboka vyose kugira twongereze amahirwe y'abarwayi bakeneye kuronka ingingo, turacakeneye ko umwe umwe wese mu batanga ingingo afata icemezo co kubikora hanyuma akamenyesha umuryango wiwe ico yifuza ko coba hamwe ibihe vyo gutanga ingingo vyoshoboka."















