Amahasa yavutse afatanye imitwe yatandukanijwe vy'imbonekarimwe muri Israel

Ahavuye isanamu, Reuters
Ayo mahasa (impanga) y'abakobwa bari bavutse bafatanye ku gakomokomo babonanye ubwa mbere inyuma yo gutandukanywa mu gikorwa co kubagwa muri Israel.
Ico gikorwa camaze amasaha 12 mu kigo c'ubuvuzi ca Soroka mu gisagara ca Beersheba camaze amezi gitegurwa, kandi harimwo no gushira icomeke ku mitwe yabo bompi.
Abahinga mirongo bo muri Israel n'ahandi babigizemwo uruhara.
Abo bakobwa, batavuzwe amazina, bivugwa ko bariko barakira neza.
Eldad Silberstein, umuvugizi w'igisata co kubaga aho mu kigo ca Soroka yabwiye ikinyamakuru Channel 12 co muri Israel ko "Bahema kandi barya bo nyene ubwabo".
Ni ubwa mbere bene ico gikorwa, kimaze kuba incuro 20 gusa kw'isi yose, kibera muri Israel.

Ahavuye isanamu, Reuters
Amezi imbere y'uko babagwa, mu mitwe yabo hashizwemwo udufuko twa silicone twongerezwamwo impwemu (nk'igipurizo) hanyuma tukaja turagurwa kugira dukwege canke tugarure urukoba. Urwo rukoba nirwo rwakoreshejwe mu kwugara imitwe yabo imaze gutandukanywa.
Umwiteguro wagiyemwo kandi kubanza gukora igicapo ca 3D c'ikigirerenayo c'ayo mahasa, nk'uko bivugwa na Mickey Gideon, umuhinga wo kubaga ibijanye n'udutsi nsozabwenge (neuro-chirurgien). Yavuze ati : "Twanezerewe n'uko ibintu vyose vyagenze uko twari twavyifuje".
Abo bakobwa bari bavutse mu kwezi kw'umunani mu 2020, bitezwe kuzobaho ubuzima busanzwe ata ngorane n'imwe.










