Hari icizere ku buzima bw'amahasa y'ibimatane yabazwe

Ahavuye isanamu, AIIMS
Umuganga wo mu Buhinde yafashije mu gikorwa co gutandukanya abana b'amahasa b'imicuko Jaga na Kalia, bavutse bafatanye umutwe, yabwiye BBC ko umwe muri bo yatoye ubwenge.
Muganga Deepak Gupta avuga ko Jaga yakanuye kandi asa n'uwumva ivyo bamubwira gukora nko gukakaza ukuguru canke ukuboko.
Uwo bavukanye Kalia, we aracari ku miti kandi ntaratora ubwenge neza.
Bwari ubwa mbere igikorwa co kubaga nk'ico kiabye mu bitari vya leta mu muji wa Dehli, aho cakoranije abaganga bagera ku 30.

Ahavuye isanamu, AIIMS
Abo bana b'abahungu b'imyaka ibiri bavutse bafatanije igufa ryo mu mutwe, imitsi isubiza amaraso mu mutima hamwe n'igice gifuka ubwonko.
Umuyobozi w'ibitaro bikuru 'All India Institute of Medical Sciences -AIIMS', Randeep Guleria, yavuze ko iminsi 18 inyuma yo kubagwa, izotuma bamenya nimba bazorokoka.
Ico kibazo bavukanye co kuza bafatanye umutwe kizwi nka 'craniopagus', ngo gishika gake cane, aho kiboneka rimwe mu bana miriyoni zitatu bavutse, kandi 50 % y'abakivukanye ntibamara umunsi.
Uretse uko kuvuka bafatanye abo bana bompi basanganywe ibindi bibazo.

Ahavuye isanamu, AIIMS
Jaga afise ibibazo vy'umutima nayo Kalia akagira ingwara y'amafyigo.
Abaganga bavuga ko hamwe boramuka barokotse ico gikorwa co kubatandukanya, igikurikira ari kwongera kubashona kugira haboneke inyama yo gufuka ubwonko bwabo, kuko kubatandukanya kwatumye basigarana igihengeri kinini ku mutwe.
Mu kwezi kw'umunani abo bana bari babazwe kugirango abaganga bicire inzira yo kugabura imitsi ivana amaraso mu bwonko iyasubiza mu mitima.










