Impirimbanyi zisaba ko kubaga igitsina mu gusubizaho ubusugi bibuzwa n'amategeko

Ibitaro bitari munsi ya 22 birabaga abakenyezi mu gitsina kugira bibasubize ubusugi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitaro bitari munsi ya 22 mu Bwongereza birabaga abakenyezi mu gitsina kugira bibasubize ubusugi

Izo mpirimbanyi zisaba zishimitse ko Leta ishirako itegeko ribuza kubaga abakenyezi babasubizako ubusugi.

Abakenyezi benshi bo mw'idini rya Islam bahakwa guharirwa ivomo canke n'ukwicwa bakicwa, iyo abagabo babo canke imiryango yabo imenye ko basambanye imbere yo kwubaka ingo zabo.

Bamwe barafata umugambi wo kwivuza, aho abaganga babasubirizako ince bagasubira kuba "amasugi".

Ariko hari amakenga ko kubibuza bishobora gutuma abakenyezi bo mw'idini rya Islam baja kwa muganga mu kinyegero ari benshi.

Amategeko y'uburongozi agenga ukuntu umurwayi yemererwa kuvurwa ashobora kugira ico akemwa bishitse uwikekwa akaba yipimishije ku gahato canke yapimishije ku nguvu uwundi muntu.

Kubaho mu bwoba

Halaleh Taheri, yatanguje ikigo c'abakenyezi bo mu burasirazuba bwo hagati, yabariye igisata ca BBC bita BBC News yuko umunyeshule wo muri Maroke aba mu gisagara ca Londres, yinyegeje inyuma yo kubwirwa ko se wiwe yari yahemvye umuntu amwica.

Inyuma yo kuza mu Bwongereza kwiga mu 2014, uyo mukenyezi ubu afise imyaka 26, yararonse umugabo, baca barabana.

Ariko inyuma yo kubona ko imigenderanire hagati yabo itakiri myiza, se wiwe yaciye amusaba gusubira muri Maroke aho yamujanye mu bitaro kugira arabe ko yatakaje ubusugi, aca asanga ince zaraciwe.

Abagore b'aba Islam baramaramazwa n'iyo bibonetse ko bataye ubusugi mu bihugu bigikaze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagore b'aba Islam baramaramazwa n'iyo bibonetse ko bataye ubusugi mu bihugu bigikaze

Yahungiye mu Bwongereza ariko ubu abayeho mu bwoba bw'uko se wiwe ashobora kurondera aho atuye.

Umukenyezi yavukiye muri Maroke, afise imyaka 40, yabariye BBC ko inyuma yo kubagwa kugira bamusubirizeko ince, vyamaze amaseconda 20 gusa, akavuga ko atibaza ko yohimiriza abana biwe ngo babikore nk'uko yabikoze.

Yagize ati: ''Sinzopfa na gato ndabakoreye ibintu nk'ivyo. Nzobigisha kubaho bafise ubwisanzure''.

Ijoro ryo ku musi w'ubugeni

Amatohoza yakozwe n'ikinyamakuru Sunday Times yerekana ko muri iki gihe hari ibitaro 22 vy'abigenga bibaga abakenyezi bikabasubiriza ku bitsina uduhimba twerekana ubusugi, bita mu kirundi ince.

Bisaba amafranga ari hejuru y'ibihumbi 3 vy'ama pound ku mukenyezi umwe, mu gikorwa kimara hafi isaha imwe.

Abo bakenyezi bavugako ibitaro nk'ivyo biriko bironka inyungu ku bantu bo mw'idini rya Islam kubera ubwoba bujanye n'ingaruka zova ku gusanga hari agahaze mw'ijoro ryo ku musi w'ubugeni.

Igikorwa giteye ubwoba

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, Matt Hancock, agiye kugira ''amatohoza kugira iki gikorwa giteye ubwoba gihagarare'' ariko igisata kijejwe amagara y'abantu canse kugira ico kivuze ku kuntu kubuza ibi bintu vyoshirwa mu ngiro ku nguvu.

Ariko umukenyezi Taheri yavuze ko abakenyezi bashobora n'ugupfa iki gikorwa gihagaritswe hadashizweho ingene bitaho abahora bajayo.

Khalid Khan, umwigisha wo muri Kaminuza y'ivy'ubuganga, London School, yashize ku mugaragaro ubwambere uburyo iki gikorwa kiba, yavuze ko kubuza ibi bikorwa atariyo nyishu nziza.

Mugihe amakuru ameze neza yari yabonetse ku bagwayi, ingingo zishoboka n'uko boreka abakenyezi bazwi bakabikorerwa.

Ndemeza ko intumbero y'abaganga ari ugukingira abantu bakoresheje ubwenge, kugira abagwayi ntibahohoterwe.

Nta nyungu irimwo

Ariko muganga Naomi Crouch aserukira ikigo co mu Bwongereza kijejwe ingwara z'abakenyezi, ku bana n'abayabaga, ababajwe n'abakenyezi hamwe n'abigeme bahimirizwa kuja kwa muganga ku bintu bidafise inyungu n'imwe mu bijanye n'amagara.

Avuga ati: ''Ibikorwa vya muganga vyerekanwa n'amategeko yashizweho n'ikigo kigenzura abaganga n'ubuvuzi, GMC'.

"Twebwe nk'abahinga bo kwa muganga tugengwa n'ibanga ryo kutagirira nabi abarwayi kandi ingingo ziteye kubiri n'aya mategeko zikurikirwa n'amatohoza hamwe n'ukubicungera neza."

Colin Melville, umuyobozi ajejwe imiti akongera akaba n'umuyobozi w'igisata c'indero hamwe n'ibikwiye kugorwa mu kigo GMC yavuze ko ari ngombwa kubona ubushobozi buke n'imibereho abarwayi bakeneye, ubwambere.

Ibitigiri vy'abibagisha mu gitsina kugira berekane ko ari amasugi vyaraduze cene

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitigiri vy'abibagisha mu gitsina kugira berekane ko ari amasugi vyaraduze cene

Agira ati: ''Ariko bishitse umurwayi agashirwako agasugerezo ko gufata ivyigwa ka naka, ntavyemera bivuye ku gushaka.

"Ariko iyo abaganga babonye ko umwana canke umuyabaga adakeneye umuti uhindura umubiri, ntibashobora kuwumushirako''.

Ariko ubundi buryo bwo kubaga ibitsina biciye ku kubihindura, nko kugira igitsina gito canke kinini, benshi baguma babikoresha na cane cane abakenyezi bato, bavuye mu migwi minshi yo mu Bongereza.

Impirimbanyi zivuga ko bitazwi neza nimba kwivuza mu buryo nk'ubwo bigira akamaro inyuma y'igihe kinini kandi abakenyezi bafise amakenga ajanye n'ubufasha baronka buhagaze ku kubarinda ihahamuka imbere y'uko bemera kubagwa.

Taheri yavuze ko abo bakenyezi ku rugero rumwe ntakundi bibona atari igikoresho gikundwa, ahukubonwa nk'abantu.

Ku bakenyezi b'abagore b'aba Islamu, ibi rero kubona vyabonetse bibatera isoni kandi bigiye gutuma bagira ubwobwa bw'ibihano.

Ku bandi bigabanije ukunezerererwa imibiri yabo, bigakaburwa n'uko ikibano kibabarira ko ari ibisanzwe.