Chalk Back: Abagore bo muri Kenya biyamiriza ihohoterwa bakorerwa n'abagabo

Abakobwa ba Kibera bavuga ko bama bariko barahohoterwa mu nzira iminsi yose

Ahavuye isanamu, PLAN International

Insiguro y'isanamu, Abakobwa ba Kibera bavuga ko bama bariko barahohoterwa mu nzira iminsi yose

Abagore bakiri bato n'abigeme baba muri karitiye Kibera, imwe mu makaritiye manini cane muri Afrika abamwo abantu babayeho mu buzima bubayabaye, bafashe ingingo y'ukwandika mu mabarabara ibijanye n'ihohoterwa rishingiye ku gitsina bakorerwa.

Muragabe: Bamwe mu basoma ino nkuru bashobora gusangamwo amajambo batishimira

Zubeida Yusuf w'imyaka 22 abaye muri iyo karitiye iri ku mugwa mukuru wa Kenya Nairobi kuva abaho, akavuga ko ubuzima bwiwe bwose abumaze ahohoterwa aho aciye hose.

Ati: "Abagabo uza wumva ngo: 'Urarengeje kuvyibuha. Nyoko ni umuyangayanga? Imana yakoresheje akabumba kari gasigaye kubera ufise ibibere binini n'ibisusu binini'.

"Ni ukuri ivyo nivyo bama batubwira iyo turamutse dusohotse tukaja mw'ibarabara".

Ariko rero buke buke uyo mwigeme yagiye yiga kwirwanako ubu akaba ariko afasha abandi bagore i Kibera kurwanira agateka kabo mu gihe abagore bamwe bumva ko ata bushobozi baba bafise.

Bakoresha ingwa na marker muri iryo sekeza bise "Chalk Back", umwigeme Yusuf n'abandi bagore n'abakobwa bagenda bandika mu mabarabara ayo bagenda babona muri iryo hohoterwa bakorerwa mu mabarabara.

Bizeye ko iryo sekeza rizotuma abantu bayaga kuri ico kibazo co guhohotera abigeme n'abagore ku mabarabara.

Avuga ati: "Ubu iyo abagabo bantutse, ndahagarara tugahangana nkababaza igituma bantuka. Ariko, ku bana b'abakorwa bakiri bato, biragoye guhangana nabo".

"Nico gituma amasekeza nk'aya ari nkenerwa. Dukeneye guhangana nabo tukabwira abantu ko atari vyiza gutyoza abakenyezi gutyo".

Amajambo ababaje

Bimwe mu vyandiko biri ku mabarabara vyavuga uku: "Sonera umubiri wanje".

Ibindi navyo, mu giswahili, bikaba vyarimwo n'amajambo atari meza.

Abakobwa bamwe bamwe bavuga ko iryo hohotera bakorerwa mw'ibarabara rifise ingaruka mbi ku mibereho yabo kuko ribababaza ku mutima
Insiguro y'isanamu, Abakobwa bamwe bamwe bavuga ko iryo hohotera bakorerwa mw'ibarabara rifise ingaruka mbi ku mibereho yabo kuko ribababaza ku mutima

"Unaringa, wewe ni vajo?" (None ko wimanzika, uracari isugi?).

"Chura hii" (ikijambo batuka imalaya, bivuga ngo 'igikere').

Caroline Mwikali w'imyaka 20 asanzwe aba i Kibera, avuga ko ibijambo vy'ibitutsi bamubwiye vyamutuntuje gusumba uko ababimututse bibaza.

"Nta hantu ushobora guca muri ano mabarabara udahuye n'umugabo akubwira ivyo bijambo bishisha. Rimwe na rimwe bakatugereranya n'ibikoko.

"Biratesha agaciro umuntu. Jewe ndicara nkiyumvira nti: 'Ubwo koko ntaco maze, canke ndi mubi nyene nk'uko urya muntu yabimbwiye?'"

Abagore bavuga ko iryo hohotera rituma bumva ata mutekano bafise

Ahavuye isanamu, Photo/Plan International

Insiguro y'isanamu, Abagore bavuga ko iryo hohotera rituma bumva ata mutekano bafise

Ariko rero ingorane si umubabaro wo ku mutima wonyene iryo hohotera ritera.

Ibice bibujijwe ku bagore

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko imwe mu ngorane nyamukuru mu kurwanya iryo hohotera kugira ngo abagore n'abakobwa bashobore kwidegemvya mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, ari uko usanga ibihugu bidafise amakuru kuri ico kibazo kandi ata na politike bifise yo guhangana naco.

Icigwa cakozwe n'ishirahamwe Plan International mu 2019 mu bisagara bitanu, cerekana ko abakobwa n'abagore badashika umwe kw'icumi babajijwe ari bo bubahutse kwitura ubutegetsi.

Ivyo bitumwa n'uko batazi ico ubutegetsi bushobora gukora, ntibanamenye kandi ko iryo hohotera mu mabarabara rishobora kwitwa icaha "c'agahomerabunwa".

Abahinga bavuga ko uguhohoterwa mw'ibarabara kubandanya kuzibira abagore kuja hamwe n'abandi mu bikorwa vy'iterambere. Akenshi na kenshi, abagore bagerageza guhindura inyifato kugira ngo bajane n'ibihe.

Mwikali ati: "Hariho ibibanza bimwe bimwe ntashaka kujamwo. Iyo mbonye ikirwi c'abagabo gikoraniye ahantu, sinshobora kuhaca".

"Hariho kandi n'ibibanza, cane cane ku kagoroba, ntashobora kubonekamwo. Mu bice bimwe bimwe, hariho abagore bafashwe ku nguvu."

Mu gihe amakungu abandanya ahimbaza iminsi yahariwe kurwanya amabi afatiye ku gitsina, abagore kw'isi yose bama mu myiyerekano basaba ko ingingo ruhasha zofatwa, ubutungane nabwo bugakora iyo habaye ayo mabi.

Eka hari n'abagabo baciye bigana abagore nabo batangura kwandika

Ahavuye isanamu, PLAN International

Insiguro y'isanamu, Eka hari n'abagabo baciye bigana abagore nabo batangura kwandika

Mu gihe Mwikali n'abandi bagore babandanya bandika mu mabarabara, hari abagabo bari babakikije bihweza ivyo bandika.

Baremera ko ibivugwa n'abo bagore ku ngaruka z'ihohoterwa bakorerwa ku mabarabara vyabuguruye amaso.

Wilson Maina umusore w'imyaka 25 ati: "Kuva kera twamye tuzi ko dufise uburenganzira bwose ku bagore. Tuzi ko iyo tuvugishije umukobwa ategerezwa kutwishura. Gushika ubu ntitwari tuzi ko bibababaza. Turiko turiga buke buke".

Nayo Jairus Omulando w'imyaka 26 ati: "Nibaza ko ubu tubimenye neza. Turamenye ibintu bijanye n'ihohotera rifatiye ku gitsina n'ingene tworirwanya".