Ronaldo agiye gupimwa ADN ku birego vy'ihohotera rishingiye ku gitsina

Cristiano Ronaldo yagiye muri Juventus avuye muri Real Madrid mu kwezi kw'indwi 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo yagiye muri Juventus avuye muri Real Madrid mu kwezi kw'indwi 2018

Igipolisi ca Las Vegas muri Amerika casohoye umutahe usaba ko umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru Cristiano Ronaldo apimwa mu buryo bwa ADN, mu gutohoza kuvyo aregwa vy'ihohotera rishingiye ku gitsina.

Uwunganira mu vy'amategeko wo mukinyi w'imyaka 33, Peter S. Christiansen, yabwiye BBC ko "ivyasabwe bisanzwe".

Ikinyamakuru Wall Street Journal cavuze ko uwo mutahe uheruka kurungikigwa sentare zo mu Butaliyano, aho Cristiano Ronaldo akina mu mugwi Juventus, yinjiyemwo mu mwaka uheze.

Ronaldo arahakana ko yahohoteye Kathryn Mayorga mw'ihoteli yo muri Las Vegas mu 2009.

Itangazo ryasohowe na Christiansen rivuga riti: "Bwana Ronaldo yagumye avuga co kimwe nk'uno munsi, ko ivyashitse i Las Vegas mu 2009 vyavuye mu mwumvikano usanzwe, kurivyo ntawotangara ko hasabwa ADN, ko n'igipolisi coyisaba mu matohoza yaco."

Ikinyamakuru gisohoka ku ndwi co mu Budagi, Der Spiegel, ari naco catanguye gusohora iyo nkuru mu kwezi kwa Cumi, cavuze ko Madamu Mayorga yaciye yitwara mu gipolisi ca Las Vegas bikimara kuba.

Igisata c'igipolisi ca Las Vegas "Las Vegas Metropolitan Police Department" cavuze ko "gikora ukwo cama kibigenza no ku zindi manza zo guhohotera bishingiye ku gitsina, mu kuba casavye iryo suzumwa rishingiye kuri ADN".

Ico gisata kigira kiti: "Turashobora kwemeza ko twabisavye ubutegetsi bw'Ubutaliyano.

"Mu gihe rino ari itohoza ribandanya, nta yandi makuru twotanga canke ngo hagire ico tubivuzeko muri kino gihe."

Ikinyamakuru Der Spiegel kivuga ko mu 2010, ko uwo mwigeme yashoboye kwumvikana na Ronaldo amuha ibihumbi 375 vy'amadolari ($375000) ngo ntaze yigere acira amate ku vyabaye.

Abamuburanira bashaka kugira impfagusa ayo masezerano yo kutamena ibanga.