Umwana yateweko amaboko mashasha muri Amerika

Zion Harvey

Ahavuye isanamu, Children’s Hospital of Philadelphia

Insiguro y'isanamu, Zion Harvey ariko arakina akoresheje amaboko yiwe mashasha

Umwana w'umuhungu muri Amerika yabaye uwa mbere kw'isi gushirwako amaboko mashasha akanashobora gukina neza urukino rwa bezibal.

Haheze imyaka ibiri Zion Harvey ubu afise imyaka cumi, ateweko amaboko mashasha, abamuvuye bakaba bavuga ko banezerejwe n'uko ubu amerewe.

Ubu Zon arashobora kwandika, kwitamika imfungurwa eka mbere no kwiyambika impuzu.

N'aho ayo maboko yavuye ku wundi muntu, ubwonko bwiwe bwarayemeye, nk'uko ibipimo vyavyerekanye.

Zion yavutse afise amaboko yose abiri, ariko ashikanye imyaka ibiri, vyabaye ngombwa ko abaganga bayaca.

"Mfise imyaka ibiri, baranciye amaboko kuko yari agwaye", ni ko Zion yavuze

Zion Harvey

Ahavuye isanamu, Children’s Hospital of Philadelphia

Insiguro y'isanamu, Zion Harvey

Zion yari afise ingwara yitwa Sepsis, igeramira cane amagara y'abantu. Abaganga baciye amaboko yiwe kubera yariko arononekara cane. Mbere n'amafyigo yiwe yaragize ingorane.

Afise imyaka ine, Zion yahawe ifyigo rya nyina wiwe.

Igikorwa co gushirako amaboko mashasha Zion cabaye mu 2015 mu kwezi kwa gatandatu, yabaye intambwe ikomeye cane.

Uretse uwari amaze gukorerwa ivyo mu 1998, Zion yabaye uwambere ahawe amaboko afise imyaka mike cane.

Zion Harvey

Ahavuye isanamu, Children’s Hospital of Philadelphia

Insiguro y'isanamu, Umuganga mukuru Dr Scott Levin

Umugwi w'abantu 40 harimwo abaganga babaga 10, ni bo babaze Zion ijoro ryose gushika mu gitondo mu kumushirako amaboko mashasha abiri.

Ikibazo bahanganye na co cane, kwari uguteranya imitsi mito icamwo amaraso, yategerezwa gufasha ayo maboko kuguma akomeye.