Ikirundi n'ikinyarwanda zoba ziriko ziravogerwa - Abahinga bavuga iki?

Ibimenyetso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urashobora gutahura ico umuntu yashatse kuvuga akoresheje ibimenyetso gusa
    • Umwanditsi, Bernard Bankukira
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Igenekerezo rya 21 Ruhuhuma/Gashyantare, ni umusi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire, umusi wemejwe n'ishami rya ONU rijejwe imico n'akaranga (UNESCO) mu 2000. Kuva ico gihe, ibihugu bihurikiye muri iri shami rya ONU birahimbaza uyu musi mu ntumbero yo gukomeza ubudasa bw'indimi n'imico.

Mbega ururimi ni iki? Ibitabo vyinshi n'abanditsi bagiye basigura ico ari co. Nk'uko tubisanga mu gitabo Britannica, ururimi ni uburyo buhuriweko na bose mu kuyaga hakoreshejwe imvugo, ibimenyetso canke inyandiko, bigakoreshwa n'umurwi kanaka w'abantu basangiye imico n'akaranga.

Iki gitabo nyene kirasubiramwo abanditsi batari bake, harimwo nk'uwitwa Henry Sweet, umuhinga mu bijanye n'amajwi mu rurimi irw'icongereza akaba n'umushakashatsi mu vy'indimi, aho avuga ati:

"Ururimi ni uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro hakoreshejwe inyandiko n'amajwi bivuye mu gufatanya amajambo, amajambo nayo ahuriye mu ryungane (interuro mu kinyarwanda), iri na ryo rikerekana ico umuntu yiyumvira".

Bamwe mu bayaze na BBC barerekana ko ururimi urwo ari rwo rwose rugenda rutera imbere uko imyaka igenda, uko umurwi w'abantu barukoresha bagenda binjirana n'abandi, ugasanga ururimi kanaka ruriko rutira amajambo mu rundi rurimi gushika aho ruyagira ayarwo.

Baratanga uturorero twinshi, aho igifaransa catiye amajambo mu kiratini, icongereza kigatira amajambo mu kidagi, igiswahili catiye amajambo mu carabu, ikirundi catiye amajambo mu gifaransa no mu zindi ndimi.

Ariko rero, ururimi kanaka rurashobora kwisanga mu kaga ko gusambuka canke kuvogerwa n'ururimi mvamahanga, iyo benerwo batarwitayeho canke bakarusomanya n'izindi mvamahanga.

Mu 2016, ishami rya ONU rijejwe akaranga, UNESCO, ryatangaje ko 40% z'indimi zababa 6500 ziri kw'isi ziri mu kaga ko kuzimangana, rikavuga ko izishika 244 zimaze kuzimangana kuva mu 1950.

Ikirundi n'ikinyarwanda

Dufatiye ku kirundi n'ikinyarwanda, uturorero ni twinshi cane, aho cane cane usanga bamwe bamwe mu bize bariko bavangatiranya ikirundi n'amajambo y'izindi ndimi, cane cane n'igifaransa n'icongereza, abandi nabo, kubera hari benshi babaye mu bihugu bibanyi, ugasanga bariko bazivanga n'izindi ndimi zo mu bihugu bibanyi. None vyoba biva kuki? Ubwo ntibishobora kugira ingaruka atari nziza canke bigatuma izi ndimi zisanga zahindutse zikavamwo izindi canke zazimanganye?

BBC yaregereye bamwe muri aba bahinga, iganira nabo ku vyerekeye iki kibazo co kuvangatiranya indimi, hamwe n'ikibituma, barerekana ingorane zihari muri kino gihe.

Gertrude Kazoviyo, ni umwigisha kw'ishure kaminuza y'Uburundi akaba ari n'umuhinga mu gusesangura ibijanye n'indimi. Kuri we, ivyo kuvanga indimi biri mu mice itatu, uwa mbere ni uwo gutira amajambo, uwa kabiri ni uwo kuvanga indimi canke gukuranya indimi, uwa gatatu ni uwo kumananya canke gusomanya indimi.

Ati: "Gutira amajambo ni ibintu bisanzwe kuko indimi zose ziratira, nka kurya n'abatunzi nabo nyene batabura ico batira, ururimi urwo ari rwo rwose ruratira. Igifaransa kiratira icongereza, icongereza kiratira igifaransa, ikirundi kiratira igiswahili, igiswahili kigatira icarabu. Rero gutira, no mu kirundi birabaho, ni ibisanzwe".

Prof. Gertrude Kazoviyo avuga ko kumananya canke gusomanya ikirundi n'izindi ndimi mvamahanga ari ukwica ururimi

Ahavuye isanamu, Gertrude Kazoviyo

Insiguro y'isanamu, Prof. Gertrude Kazoviyo avuga ko kumananya canke gusomanya ikirundi n'izindi ndimi mvamahanga ari ukwica ururimi

Umuce wa kabiri wo kuvanga canke gukuranya indimi, Prof. Kazoviyo avuga ko ari "nka kurya muriko muraganira n'umuntu ku bintu kanaka, ushobora gusanga iciyumviro ca mbere ugishikirije mu kirundi, ikindi ugasanga ugishikirije mu gifaransa, ikindi ugasanga ugishikirije mu congereza kubera y'uko uba uzi ko abo muriko muraganira baba bumva izo ndimi".

Ku bwiwe, iyi mice ibiri nta ngorane iteye, ingorane ikaba iri ku muce wa gatatu kandi ukaba "ari na wo ushavuza abarundi, aho usanga mw'ijambo canke mu ryungane rimwe hahurira indimi zibiri canke zirenga".

Prof. Kazoviyo ati: "Nk'akarorero, ndakunda kwumva imvugo yo mu banyeshure, ukaza wumva ngo ni muze twéchanger, hanyuma dupartager amaroles., Urumva kwéchanger, gupartagea n'amaroles, ni ikirundi kimananye n'igifaransa mw'ijambo rimwe canke mu ryungane rimwe. Uku ni ukwica ururimi" kandi "ni vyo bishavuza abarundi benshi".

Uyu mwigisha wa kaminuza avuga ko bivana n'uko nk'urunganwe batitaho kwiyumvira ngo bafate umwanya wo kurondera amajambo bavuga ngo bayavuge mu rurimi rumwe, ariko kandi bigashobora kuvana n'uko umuntu ariko aravuga ariko asiganwa n'umwanya muto bamuhaye, bigatuma yihatira ko iciyumviro ciwe cokwumvirwa aho kwihatira kubivuga neza mu rurimi rumwe.

Ati: "Uramaze kuvyumva na harya mu nama nshingamateka ko usanga bariko baragira ibintu vyo gusomanya indimi kubera y'uko babaharurira umwanya bavuga, bagaca rero bihutira ko iciyumviro cabo gishika aho kwibanda kuraba ati mbega iki ciyumviro ndagishikirije mu kirundi canke mu gifaransa".

Uku niko uyu muhinga mu gusesangura ibijanye n'indimi abisigura. Hagati aho, Sébastien Ntahongendera arongoye Ikigo Ndagakaranga c'Igihugu kijejwe gukundisha gusoma ibitabu n'uguteza imbere imico kama mu Burundi CEBULAC, wewe abibona ukundi.

Kuri we, ingorane yo gusomanya indimi iterwa ahanini n'ikintu co kwiyita "muto mu kintu, ko ikintu cawe ari gito, ukumva y'uko kugira ngo gikure wogishiramwo n'ibindi canke ukakivanganya n'ibindi, ivyo nokwita complexe d'infériorité".

Ati: "Hari abakunze kuvuga ko ikirundi ari ururimi rukenye, ahubwo novuga y'uko ari bo baba bakenye, kuko ikirundi co ntigikenye".

"Iyo umuntu ariko aravuga urundi rurimi, hoho avuga neza, kandi iyo akoze ikosa mu kirundi, abantu ntibavyumva, mbere nta n'ico babinezweko, bakabona ko ari ibisanzwe, ariko uhirahire uvuge nk'igifaransa ushiremwo ikosa, baca bavuga ngo urya muntu ntiyize neza, canke bakagutwenga, ariko wishe ururimi rw'iwanyu ntibagutwenge".

Sébastien Ntahongendera avuga kandi ko habaye ukudebukirwa mu bijanye no kwigisha imico n'akaranga, ibi navyo bikaba birimwo n'ururimi rufatwa ko ari "nk'igitwazi c'akaranga".

Sébastien Ntahongendera

Ati: "Ubu rero hariho ahantu henshi twari tuzi ko ari ho ururimi rw'ikirundi rwokwigirwa rukahavugirwa hatakibaho, haba ku ziko bimwe kera bahora bita ishure yo ku mugoroba, ahahora habera ibiteramo n'ibiganiro bimwe bimwe vy'ikirundi wasanga birimwo ibintu vy'ikirundi vyiza vyo kwigisha abantu ugasanga ntibikibaho canke ugasanga baradebukiwe, ibi bikaba bituma muri rusangi ikirundi cisanga kiriko kirasubira inyuma".

Ntahongendera asa n'uwubona kumwe ibintu na Jean-Claude Uwiringiyimana, icegera c'umukuru w'ikigo Inteko y'Umuco kijejwe kubungabunga no guteza imbere ururimi n'umuco mu Rwanda, aho yemeza ko iki kibazo cibonekeza cane no mu kinyarwanda, ururimi rusangiye amajambo n'ikirundi ku bice vyababa 95% nk'uko bivugwa n'abahinga.

Kuri uru rurimi rufatwa ko ruvukana n'ikirundi, Uwiringiyimana abona ko ingorane ya mbere "ishingiye ku myumvire n'imyitwarire bwite y'umuntu aho rimwe na rimwe uko kuvanga indimi bisa nk'aho ari ugushaka kugaragara ko ari umurisimu, bigatuma kenshi ururimi rw'ikinyarwanda arugira ururimi ruciriritse, bityo akaruvanga n'izindi ndimi kugira ngo yerekane ko yize".

Avuga kandi ko biboneka cane ko "abavanga indimi akenshi biba bigaragara ko iyo bagiye kuvuga ikinyarwanda baba badaha agaciro ivyo bagiye kuvuga, canke batabiteguye nk'uko bigengesera iyo bagiye kuvuga indimi z'amahanga ".

Ati: "Ariko iyo ugiye kuvuga ikinyarwanda kubera wiyemera ko ukizi, ntiwigengesera, ntutegura, ibi bigatuma usanga uriko uravanga n'izindi ndimi, cane cane iyo uriko uvuga ibintu bishingiye ku bintu mwuga, amajambo usanga arebana n'ubumenyi runaka nk'ikoranabuhanga, nk'ubuzima,... usanga kugira uvuge ayo majambo utegerezwa kubanza kwitonda kugira ngo ubone amajambo yabigenewe".

Amajambo akomoka kw'iterambere

Uwiringiyimana avuga kandi ko kubera igihugu kigenda gitera imbere hari "ibintu bitandukanye bijanye n'iterambere bikomoka mu mahanga, ikinyarwanda kikaba kiba gikeneye amajambo runaka yo kubivuga".

Ati: "Iri terambere mu ngeri kanaka ryategerezwa kujana n'iterambere ry'ikinyarwanda, mu kurondera amajambo bijanye avuga ivyo bintu bitandukanye. Nk'akarorero mu gisata co guhanahana amakuru, nk'iyo tuvuze digital, umuntu aca yibaza ati 'mbega digital twovyita ngw'iki mu Kinyarwanda?'aya majambo usanga akenshi ari muri ivyo vy'ubuhinga bwa none, ibijanye n'ubutunzi n'ibindi".

Niko na Ntahongendera abibona ku ruhande rw'ikirundi, ariko kuri we, iyi ntiyategerezwa kuba ingorane "iyaba ururimi rw'ikirundi abantu baruha agaciro rufise".

Ati: "Nico kimwe no mu zindi ndimi zose zo kw'isi, usanga hari ibintu bishasha bije bidasanzwe bifise amazina mu rurimi kanaka, ariko iyo bije bagaca bamenya ukuntu babishiramwo.

Indimi

Ahavuye isanamu, Getty Images

"Ni vyo ko ururimi urwo ari rwo rwose rufise amajambo rutira hanze, hari amajambo ava hanze rukayashira mu mvugo no mu nyandiko yarwo, ariko rukurikije ingene urwo rurimi ruba rwubatse, kandi bikemerwa.

"Ariko twebwe hano mu Burundi n'izo nguvu zo kurondera ko tworironkera ijambo ry'ikirundi nyene ntazo dufise, mbere ugasanga no kugerageza kurihinyanyura kugira turishire mu rurimi rwacu, nka kurya tuvuga ishati, ipantaro, … amajambo yamaze kuba ikirundi - kandi ng'aha si twebwe gusa, kuko uraraba no mu Bufaransa, hari amajambo menshi y'igifaransa yavuye mu kiratini hanyuma bagira inguvu zo kuyinjiza mu gifaransa - twebwe rero izo nguvu ntazo turaronka".

Prof Kazoviyo wewe abona ko iri terambere rituma indimi z'ibihugu bikenye arizo usanga ziriko zitira amajambo mu ndimi z'ibihugu bitunze.

Ati: "...Ni gake uzosanga ibihugu biteye imbere biza gutira amajambo mu ndimi z'ibihugu bitaratera imbere, kubera y'uko tutaratera imbere, usanga turiko twisunga indimi z'abo bateye imbere kubera, mvuge nti, hari ico tubakeneyeko gusumba ico badukeneyeko".

Kutavuga ururimi neza vyoba biva ku gukengera ururimi?

Prof. Kazoviyo siko abibona. Ku bwiwe, bivana n'aho umuntu abaye, abo babana, n'ingene abayeho, aho usanga nk'umuntu avuye iwabo avuga neza ikirundi ariko yashika nko mu gisagara ntakivuge neza, mbere agashaka kwerekana ko atakizi.

Ati: "Igituma ni uko usanga ivyo bibanza ari ibibanza bihuriramwo abantu benshi, bafise imico myinshi, bavuga indimi nyinshi, hanyuma rero nk'umurundi aba muri abo bantu ugasanga umusi urenze abonanye n'abavuga indimi nyinshi, asomye vyinshi biri mu ndimi nyinshi, ku buryo ikirundi gica kizindwa, ntikironke ikibanza cihariye".

Aratanga kandi akarorero ku banyarwanda bari bahungiye mu Burundi mu myaka ya 1950-60, aho usanga "baravuga ikirundi, n'ubu basubiye iwabo hariho abakivuga ikirundi, bazi guca imigani y'ikirundi, bacibuka utujajuro, bibuka ibisokoranyo, …rero biravana n'ibihe umuntu ariko aracamwo".

Ati: "Jewe sinibaza ko ari ugusuzugura ikirundi, nibaza ko bivana n'ibihe umuntu ariko aracamwo, aho aba, n'ivyo ariko arakora".

Atandukanye na Uwiringiyimana wewe abona ko ahubwo hari abafata iyo ngendo kugira ngo berekane ko ari "abasirimu", be na Sébastien Ntahongendera na we nyene abona ko abafise iyo ngendo kuba ari ugusuzugura ururimi.

Uwiringiyimana

Ati: "Hariho abantu iyo bashitse mu gisagara bavuye mu ntara za ruguru ikirundi gica gitera isoni, umuntu akagerageza kukwumvisha y'uko akivuga nabi kugira ngo wumve neza ko ari umunya-gisagara, akabona ko akivuze nabi ari ho aca yumva ko yamaze gushika mu gisagara gusumba abandi.

"Ni nk'abantu bamwe bamwe mu bize usanga bafise iyo ngeso yo muri ino misi y'uko avuze ikirundi neza uca umenga boca bavuga bati 'urya muntu ni uwa ruguru canke ntiyize neza, nta mapuro z'umutsindo zihanite afise'.

"Ibi rero ni ibintu bitandukanye. Umuntu ateye imbere ashaka kubanza kukwereka y'uko adashobora kuvuga ikirundi conyene, ko ategerezwa kukivanga n'izindi ndimi, ukamenga kiramuteye isoni".

Hoba hari icizere?

Ibihugu vyinshi usanga vyarashinze ibigo bijejwe guteza imbere no gukomeza indimi zavyo.

Mu Burundi no mu Rwanda, ibi bihugu vyompi birafise mbere biza vyaranatanguye imigambi yo kunagura indimi zavyo, ikirundi n'ikinyarwanda.

Mu Burundi Prof. Kazoviyo na Ntahongendera, barashima cane umugambi wa reta wo kunagura Ikigo Nkinzo y'Ikirundi (Academie rundi), ikigo Prof. Kazoviyo avuga ko cari catangujwe mu myaka ya 1960 n'umupatiri azwi cane muri kahise k'Uburundi, Patiri Jean Baptiste Ntahokaja, ariko kikaba kitafashwe mu mugongo.

Ati: "Ni ikigo kikiri gishasha, n'aho cari caragiyeko tucikukira, nticaronse uburyo bwo gukora, ariko ubu ko basubiye kugisubiza umutamana, nibaza ko reta izogiha uburyo bwo gukora kugira ngo kize kirakora nk'ivyo bigo bindi mu bindi bihugu".

Ntahongendera avuga ko iki kigo kije ciyongera ku bindi, agasaba "reta ko yoshiramwo izindi nguvu kugira koko ivyo bigo bifashe mu gukuza no gukundisha ururimi rw'ikirundi".

Reta y'Uburundi iherutse kunagura Ikigo Nkinzo y'Ikirundi (Academie rundi) cari catangujwe na Patiri Jean Baptiste Ntahokaja mu myaka ya 1960

Ahavuye isanamu, Ministère EACJSC (@MinEACJSCBdi)

Insiguro y'isanamu, Reta y'Uburundi iherutse kunagura Ikigo Nkinzo y'Ikirundi (Academie rundi) cari catangujwe na Patiri Jean Baptiste Ntahokaja mu myaka ya 1960

Ku ruhande rw'Urwanda hoho baza bageze kure, aho Uwiringiyimana avuga ko mu migambi bafise mu kigo Inteko y'Umuco, ari uko muri uno mwaka bategekanya gutangaza inkoranya (kazinduzi mu Kirundi) yo mu Kinyarwanda.

Avuga ko bategura inyigisho zihariye zizohabwa abantu batagize amahirwe yo kwiga ikinyarwanda, bemeze "imikoreshereze" y'ikinyarwanda mu nzego zitandukanye z'igihugu, bongere bakomeze ikinyarwanda mu kukironderera amajambo mashasha usanga mu bisata-mwuga.

None hokorwa iki?

Umwigisha Gertrude Kazoviyo yibutsa ko utaye ururimi uba utaye akaranga, agatera akamo ko hoba akigoro kugira ngo ab'ubu n'abaruka barukire gukunda urwo rurimi, imico n'imigenzo myiza iri muri rwo.

Ati: "Uririmi ni rwo rurimwo imico n'imigenzo ya bene kuvuga urwo rurimi. Ikirundi kirimwo imico n'imigenzo vy'abarundi, akahise kabo, n'ingene babayeho. Rero si vyiza kukivanga n'izindi ndimi kuko uriko uravakingatiranya n'izindi ndimi, uba uriko uravangatiranya imigenzo, kahise, imibereho y'abarundi n'abantu badasangiye imico.

"Kuko burya ururimi iyo uruvuze neza, uba uriko uraruteza imbere, ariko iyo uriko urarusukiranya n'izindi, urumanyana n'izindi, uba uriko urusubiza inyuma".

Abana bavuye kw'ishuri i Kigali

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Harakwiye akigoro kugira ngo ab'ubu n'abaruka barukire gukunda urwo rurimi, imico n'imigenzo myiza iri muri rwo, niko Kazoviyo avuga

Abona ko abarongoye igihugu ari bo "bakwiye gufata iya mbere, kuko abarundi barakunda kuyoboka ababatwara. Abaturongoye kuva hejuru botanga iyo ntumbero y'uko abarundi boza baritwararika kutaza barasukiranya canke ngo bamananye indimi, ugasanga abarundi baza baravyitwararika aho bageze hose".

Niko na mugenziwe Ntahongerera abibona, akavuga ko abatwara igihugu n'abo bose bafise ubushobozi bwo guhindura ibintu muri ico gisata c'imico n'imigenzo vy'ikirundi, bakwiye gutahura ko ururimi rw'ikirundi ari ururimi nk'izindi.

Ati: "Nk'akarorero, kugira ngo ukore mu mahanga, ni uko utegerezwa kubanza kumenya ururimi rwaho, none ni kubera iki ngaha mu Burundi, umuntu bashobora kumuha ubwenegihugu batabanje kumutegeka kwiga ururimi kandi ngo yerekane indangabumenyi y'urwo rurimi nka kurya na twebwe babitugirira mu mahanga?

"Iyo bariko baratanga akazi, kubera iki usanga bavuga ngo utegerezwa kuba uzi igifaransa, icongereza, ariko ugasanga ntibavuze ko utegerezwa kuba uzi ikirundi"?

Jean-Claude Uwiringiyimana nawe, asaba Abarundi n'abanyarwanda "guha agaciro indimi zacu kavukire. Kwumva y'uko ikinyarwanda ari agaciro k'abanyarwanda, ikirundi ari agaciro k'abarundi. Birenze kuba ururimi abantu bavuga, ni ubumwe bwabo".

Ati: "Nobagira inama yo gusigasiga ako gaciro, ivyo vy'ubusirimu bisiribanga ako gaciro kawe, nta busirimu burimwo. Nta na rimwe uzovuga icongereza ukivanga n'ikinyarwanda canke n'ikirundi ngo uzobe umwongereza, ntibishoboka. Wavuga ico congereza, ico gifaransa canke urwo rundi rurimi ntuzigera uba uwo mwenegihugu akoresha urwo rurimi".

"Ku banyarwanda, umuco dusangiye uraturanga ururimi rwacu rukaduhuza, twame tuzirikana iyo ntero dusanga mu ndirimbo y'igihugu cacu".