'Ntawovuga ko ari ugutaha ku bushake' - bamwe mu Barundi bariko barahunguka bava i Tanzania

    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Umurindi w'Abarundi bahunguka bava muri Tanzania wabaye munini kurusha uko vyari bitegekanijwe mu gihe muri iyi ndwi hatashe abarenga ibihumbi munani (8.000).

Ku wa kane hahungutse abarenga 4.200, naho ku wa kabiri hari hashitse abarenga 3.800.

Ni mu gihe reta z'Uburundi na Tanzania hamwe na HCR mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze bari bumvikanye ko hoja harataha ibihumbi bitatu ku ndwi.

"Umurindi ni vyo wabaye munini kuko mu masezerano twari twagize mu nyabutatu [Burundi-Tanzanie-HCR] twari twumvikanye ko tuzohora twakira ibihumbi bitatu [ku ndwi]'', bivugwa na Odette Kamariza, umuyobozi ajejwe abahunguka mu bushikiranganji bw'intwaro yo gahati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi mu Burundi.

Madame Kamariza avuga ko uburyo buba bwategekanijwe buheza bukarengerwa ariko "ni abacu batashe, ntidushobora kubareka kuko ni Abarundi batashe mu gihugu c'iwabo … n'ubwo turengerwa, turafise ingene tubitunganya".

Abashitse ejo ku wa kane baje mu rukurikirane rw'amabisi hafi 60 yabavanye mw'ikambi ya Nduta gushika mu kibanza bashikiramwo i Nyabitare muri komine Gisuru mu ntara ya Buhumuza. Bagwireyemwo cane abana, urwaruka n'abagore.

Abagabo ni umwe umwe. Umugabo nabajije yambariye ko abagabo bashima kubanza kurungika abana n'abagore kugira ntibabandanye kumerwa nabi mu mahema no mu mahangare [hangars] babamwo mu kurindira gutaha mu gihe amazu bahora babamwo bavuga ko inzego z'umutekano za Tanzania zayabomoye.

Ku ruhande rw'Uburundi, Tanzania na HCR bavuga ko itahuka ririko riraba ari ku gushaka kw'impunzi. Yamara benshi mu butahuka bavuga ko n'ubwo banezerewe ko bagarutse mu gihugu cabo ata yandi mahitamwo bari bafise kuko bafashwe nabi mu buryo bwo kubereka ko Tanzania itakibakeneye kugira bemere basubire iwabo.

"Amazu barabomora, bamaze kukubomererako akazu ukabura iyo uja n'iyo uva, ugaca ugenda kwiyandikisha uti jewe nkeneye kwigira muhira, nta kindi kiba gisigaye uca uhitamwo kwitahira", bivugwa na Nishimwe Aline, umuvyeyi w'abana bane ku myaka 28.

Abandi bakiri mu makambi avuga ko basanasanye uduhema, nitwo babamwo, abandi bakarara mw'ihangari(hangar).

"Imvura iguye usanga abana banyagirwa, nturonka aho ucumbira akagari [ubugari]". Ashima Imana ko "nshitse amahoro abana n'umuryango bakomeye". Gusa Aline avuga ko bari muri Tanzania umugabo yamutanye abana, ubu akaba atazi neza niba umuryango w'umugabo uzomwakira batari kumwe.

Na Nshimirimana Jean-Marie w'imyaka 40, yari amaze imyaka 10 mu buhungiro avuga ko bari bamerewe nabi cane.

"Ni ukuri si ububeshi, naje mvuyeyo barambomoreye ku wa gatandatu uheze. Babomora inzu ku munsi ku munsi, basiba ku wa gatandatu no ku wa Mungu gusa.

"Abantu barara mu bihangare bose. Ni mu mazi, imvura igwa igitondo n'umugoroba. Ni amagorwa.

"Ahubwo jewe kuri uyu mwanya ndashima ko nageze ngaha. Kuko kuva mu gitondo n'ubwo ntararya nta munuko… ndashima kweri ko igihugu cacu cabashije kutwemera kikatwakira".

Abatashe bakirwa gute, bafashwa gute?

Mu kibanza ca Nyabitare aho abaciye mu Gisuru bashikira niho amabisi abavanye muri Tanzaniza abashikana n'imizigo yabo.

Bagishika ku mupaka imbere y'uko babandanya ku butaka bw'Uburundi baca bashikirizwa ibendera ry'Uburundi, ikimenyeteso ko igihugu cabo kibakiriye.

Muri ico kibanza barahamara nka kabiri bariko barahabwa amaterefone bazorungikirwako amafaranga y'itike y'iyo bazoca baja hamwe n'ayo kubaho mu minsi ya mbere. Umuntu ahabwa ayangana n'ama dorari amajana abiri, arenga ibihumbi 500 mu mafaranga y'Uburundi.

Ariko benshi bavuga ko atazobashikana aho batangura kuronka ivyo kwibebeshaho bonyene.

Reta ya Tanzania itegekanya ko mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka ata murundi azoba akiri mu makambi y'impuzi muri ico gihugu ku bashika ibihumbi ijana bakiriyo.

Tanzania, ishirahamwe HCR hamwe na reta y'Uburundi, bavuga ko ata mvo n'imwe yotuma aba Barundi bari muri Tanzania babandanya kwitwa impunzi, bakavuga ko umutekano wagarutse mu Burundi.

Tanzania imaze imyaka irenga 50 yama yakiriye indaro impunzi z'Abarundi bahunga intureka zagiye ziraranga kahise ka vuba k'Uburundi na cane cane kuva mu 1972.

Benshi mu bariko barahunguka ubu ni abari bahunze intureka za poritike zafatiye ku kiringo ca gatatu c'umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza mu 2015.

Ku murindi iriko irabarungikako w'ibihumbi birenga 30 mu mezi adashika abiri, biragaragara ko ico kiringo kizohera Tanzania iryo sango yarishitseko.

Gusa abajejwe n'abafasha mu gisata co gutahukana impunzi bavuga ko hakenewe kwongerezwa uburyo bwo kwakira abo bantu kuri uwo murindi batari basezeranye na Tanzania.