Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburongozi bw'Ubumwe bwa Afrika si ukuramukirwa gusa – niko Amb. Nyamitwe akebura Faustin Ndikumana
Uwuserukira Uburundi i Addis-Abeba muri Ethiopia ari naho hari icicaro c'Ubumwe bwa Afrika aranegura amajambo aherutse gushikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, aho avuga ko uburongozi bw'Uburundi bw'Ubumwe bwa Afrika ari "ikintu gisanzwe" kandi ko ata kinini bivuze.
Ambasaderi Willy Nyamitwe avuga ko gufata nk'ibisanzwe amabanga umukuru w'igihugu c'Uburundi aherutse guhabwa yo kurongora Ubumwe bwa Afrika ari ukudaha agaciro gakwiye iri shirahamwe.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ku wa kane, imisi mike kuva Perezida Evariste Ndayishimiye ashikirijwe amabanga yo kurongora Ubumwe bwa Afrika, Faustin Ndikumana anegura ukungene reta yahimirije abanyagihugu gusidukana n'iyonka kwakira Perezida Ndayishimiye, akavuga ko ari amayeri ya poritike.
Faustin Ndikumana yagize ati: "Kurongora ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika ni ikintu gisanzwe igihe uri igihugu kiri mu bigize uno muryango. Nta kintu na kimwe rero kidasanzwe Uburundi bwakoze gitangaje".
Ku bwa Ambasaderi Willy Nyamitwe, kuvuga ko aya mabanga ari ikintu gisanzwe cabaye kubera ari ko vyategerezwa kugenda, ni ukwiyobagiza akamaro eka mbere ni n'ugutesha agaciro aya mabanga mu bikorwa vy'iri shirahamwe.
Ati: "Ubwa mbere na mbere, ukukuranwa ntibiba uko nyene canke mu buryo busanzwe buhari. Gushingiye ku biganiro vyimbitse muri poritike hagati y'ibihugu bigize ishirahamwe, bigasaba ko akarere kose kabibona kumwe, kandi kugafatira ku nkingi nyamukuru nk'umutekano, ubushobozi ku rwego mpuzamakungu, n'ukungene amakungu ashobora kwizigira igihugu gihamagariwe kurongora uno muryango.
"Si ukuvuga rero ko ibihugu vyose kwemererwa kurongora ishirahamwe, nubwo vyoba bitarigera birirongora".
Ambasaderi Nyamitwe avuga kandi ko uburongozi bw'Ubumwe bwa Afrika ari ukwemera kwikorera inshingano ikomeye, kuko nk'uko abisigura, igihugu kirongoye iri shirahamwe ni co gitanga intumbero y'ibikorwa nyamukuru vy'umugabane, kikarongora amakoraniro y'abakuru b'ibihugu n'amareta, kikagira uruhara rudasanzwe mu gutorera umuti ibibazo vy'uturere, kandi kigaserukira Afrika ku rwego mpuzamakungu.
Ati: "Ibi bisaba uburongozi bwemewe, ubushobozi bwo kuba umuhuza, n'ubushobozi bwo gukorana n'abandi. Perezida Evariste Ndayishimiye azwi nk'umurongozi mwiza, yicisha bugufi, yegera abantu, umugenzi w'urwaruka, n'umuhinga mu guhuza abatase.
"Ibi rero vyerekana ubwizigirwa mu vya poritike n'imigenderanire mpuzamakungu, aho kuba ivy'ukubisanya gusa bisanzwe".
'Ni ibintu bisanzwe' – Faustin Ndikumana
Ku bw'uno mukuru wa PARCEM, nta kintu Uburundi bwakoze gitangaje "kuko ni bwo bwonyene bwari bunasigaye muri aka karere butararongora iryo shirahamwe".
Ati: "Ni twebwe twari dusigaye! None iyo turamukiwe inyuma y'ibindi vyose, ni ibindi bintu bica vyitwa ibidasanzwe ku buryo womenga twari twarihebuye?
Igihe Prezida Evariste Ndayishimiye yataha avuye i Addis Abeba muri Ethiopia inyuma yo guhabwa aya mabanga "yakiriwe nk'intwari", aho abantu ibihumbi n'ibihumbi babonetse ku mabarabara y'igisagara ca Bujumbura baje kumwakira inyuma y'isekeza ryari ryabaye mu baba muri iki gisagara ngo baze kumwakira ari benshi.
"Erega kugira umusi mukuru umengo wari warihebuye, waratanywe n'akabando! Jewe ni ukuri, birya bintu vy'ukugira imisi mikuru, jewe nokoresha rya jambo mu Kirundi twahora dukoresha ngo 'ukwikemesha'.
"Kuramukirwa kurongora Ubumwe bwa Afrika ni co kimwe n'ukuramukirwa kurongora Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, ni co kimwe n'ukuramukirwa kurongora COMESA…none aho hose twahora tugira imisi mikuru? Ni ibintu bisanzwe".
Faustin Ndikumana abona ko guhabwa aya mabanga vyaciye bikoreshwa mu mayeri ya poritike, akabifata ko ari ukubera ko "gusa abanyaporitike bama barondera inyungu mu bintu babona ko bihambaye, ngo ni ibintu bikomeye vyabaye".
Ati: "Ntitwumva mbere n'ingene igihugu cohagarara, umugwa mukuru ugahagarara, ngo abanyeshure ni muve mu mashure, ngo abantu ni mukore ibitangaza ngo….ngo ni uko dutwaye Ubumwe bwa Afrika? Oyaaaa!"
Wewe abona ko ahubwo ari umuzigo uje kwiyongera ku bibazo bikomeye bihanze igihugu, aha agafatira nko ku bukene bw'amafaranga mvamakungu n'ubukene bw'igitoro.
Ati: "Si uko ari uko urongoye Ubumwe bwa Afrika ngo abanyamitahe baca baza bariruka, oyaaa. Ivy'abanyamitahe ntaho bihuriye n'ibi vya poritike vy'Ubumwe bwa Afrika. Barafise ivyo baraba mu kuzana imitahe mu gihugu...uri ubutungane, abarabara n'ibindi…
"Tweho twisanganiye n'ibindi bibazo, igihugu kitagira igitoro…iyumvire imyaka itanu wananiwe no gutorera umuti ikibazo c'igitoro".
Mu gihe Faustin Ndikumana afise amakenga ko umukuru w'igihugu ashobora gutwarwa n'aya mabanga akibagira ibibazo bihanze Uburundi, Ambasaderi Willy Nyamitwe si ko abibona.
Agira ati: "Uburongozi bw'Ubumwe bwa Afirika ntibuhuvya igihugu ku ntego nyamukuru gishira imbere. Ahubwo butsimbataza igihagararo caco n'ubushobozi bwo guhimiriza ibindi ku nyungu zaco mu ntego nyamukuru zaco".