Kuki inyuma y'imyaka 350 y'ubushakashatsi ku ntanga, n'ubu zikiri 'amayobera'?

    • Umwanditsi, Katherine Latham
    • Igikorwa, BBC Future

Uko umutima utera, ni ko umugabo ashobora kurema intanga 1000. Mu gihe c'imibonano mpuzabitsina, intanga zirenga miliyoni 50 ziragenda zoga zerekeza kurondera guhura n'irigi ry'umugore zikibumbamwo urubuto rumwe ruzovamwo umwana.

Ariko ni nkeya cane muri izo ntanga zigera kw'iherezo ry'iyo nzira, imbere y'uko intanga imwe rudende iheza ikagema ku ntego, ikinjira irigi ry'umugore (ovule).

Ariko urwo rugendo, n'izo ngenzi z'amayobera (spermatozoïdes) zirufata ubwazo, hari vyinshi cane abashakashatsi bakirondera kubimenyako.

«Mbega intanga (spermatozoïde) yoga gute ? Bigenda gute ngo yisange yashikiriye irigi ry'umugore (ovule)? Bigenda gute ngo itere inda?» Ivyo ni bimwe mu bibazo Sarah Martins da Silva, umwigisha w'ivyirwa vya 'endocrinologie du diabète na biologie' vyerekeye irondoka muri kaminuza ya Dundee mu Bwongereza, yibaza.

Imyaka 350 irashize abahinga bamenye urubuto rw'intanga, ariko ibibazo vyinshi muri ivyo baracabiganirako ntibarabitorera inyishu.

Kubera ubuhinga bushasha, abashakashatsi barakurikirana inzira y'izo ntanga, kuva zikiremwa mu mugabo gushika zihuye n'irigi mu mugore.

Ivyo batoye bijana mu zindi nzira z'ubushakashatsi bwimbitse kandi bushasha, kuva ku buryo izo ntanga zoga vy'ukuri gushika ku mahinduka atangaje kandi zicamwo mu gihe co guhura n'irigi mu mubiri w'umugore.

Ibindi ushobora gusoma kuri BBC News gahuza:

Martins da Silva avuga ko 'Intanga zitandukanye cane… cane gose n'utundi turemangingo tw'ibinyabuzima vyo kw'isi yose'.

Agira ati: «Ntizikoresha inguvu zingana kandi ntizikora kumwe (n'izo utundi turemangingo), ntizibaho kumwe, n'ukuntu zihinduka ntibimeze nk'uko tuba tuvyiteze tubibona ku tundi turemangingo."

Intanga zikenera inguvu nyinshi mu kubaho ugereranije n'utundi turemangingo, biturutse ku vyo zibwirizwa kurangura. Uretse ivyo, intanga zitegerezwa kubanguka, kunonoka (flexibles), kugira ngo zame zigavye, zame zishobora gukwirikira no kugira inguvu zo gukora bivanye n'amahinduka umuntu agira mu mubiri mu bihe vyo kuzisohora (ejaculation) no gufata urugendo ruziyobora zerekeza mu muyoborantanga aho zija guhura n'irigi (riturutse mu gasaho kitwa ovaire ayo magi akuriramwo, hakaza rimwe buri kwezi mu nzira yerekeza mu gitereko iyo rigeze kurondoka).

"Intanga kandi ni two turemangingo tw'umuntu twonyene dushobora kugumana ubuzima hanze y'umubiri", ni ko Martins da Silva avuga.

Agira ati:«Ni yo mpamvu zifise ubushobozi bwihariye. Ariko kubera uko zingana, utwo turemangingo duto cane turagoye gose kwiga. Hamaze kuboneka vyinshi mu bushakashatsi ku bijanye n'irondoka, ariko hari (n'ibindi) vyinshi tudatahura."

Hari ikibazo nyamukuru n'ubu kitararonkegwa inyishu inyuma y'imyaka 350 y'ubushakashatsi; 'intanga [spermatozoïdes] n'iki'?

Adam Watkins, umwigisha mukuru muri kaminuza ya Nottingham ku bijanye n'imiterere y'irondoka, agira ati: "Intanga zirakingiye neza cane. Twahora dufata intanga nk'agafuko karimwo uduce ntangakamere twa ADN/ DNA kariko n'umurizo. Ariko dutanguye kubona ko ari akaremangingo kagizwe n'ibintu vyinshi cane, birimwo n'ibintu vyinshi bihererekanwa bitanga kamere hagati y'imvyaro ku ngero zitandukanye, uko abantu bibaruka abandi" (information genetique).

Ubushakashatsi bwakozwe ku musohoro urimwo izo ntanga (sperme) bwatanguye mu 1677, igihe umushakashatsi mu bijanye n'ibinyabuzima bitaboneka ku maso masa (microbiologiste) Antoni Leeuwenhoek, yitegereje, akoresheje imwe muri rugagamisha ziwe 500 yari yarikoreye, ico yise "animaux à sperme".

Mu 1683, yasanze ikizoba 'umuntu yuzuye' - animalcule, twovuga ko ari urusoro ruzokura rukavamwo umwana, kera bahora bibaza ko kiri mu rigi ry'umugore (ovule), atariko biri, ahubwo iyo animalcule ivamwo urusoro iri mu ntanga z'umugabo.

Muri 1685, yari yaramaze kwemeza ko buri rubuto [spermatozoïde] rurimwo ikizoba umuntu (personne miniature), n'ukuvuga urusoro rufise n"umutima utera" (âme vivante).

Inyuma y'imyaka 200, mu 1869, Johannes Friedrich Miescher, umuganga wo muri Suisse akaba n'umuhinga mu binyabuzima (Biologie), yakoze ubushakashatsi ku turemangingo two mu maraso aritwo globules blancs, yakuye mu mashira yasigaye kuri pansuma zakoreshejwe mu bitaro, igihe yatora ico yise 'nucleine' mu ntimatima (noyau) y'utwo turemangingo.

Iyo 'nucleine' ni yo mu nyuma yahavuye yitwa "acide nucléique", mu nyuma iza kwitwa "acide désoxyribonucléique" canke « ADN ».

Mu nzira yo gushimangira ubwo bushakashatsi bwiwe kuri ADN, Miescher yahindukiriye gukorera ku ntanga. Intanga z'ifi yitwa saumon, cane cane, ziba zirimwo isoko nziza cane kuri utwo duce two mu ntimatima y'uturemangingo (matériel nucléaire) kubera ukuntu intimatima z'izo ntanga zayo ari nini.

Yakorera mu nzu y'ubushakashatsi ikanye cane, akagumiza amadirisha yuguruye kugirango izo ntanga z'ifi ntizononekare.

Mu 1874, yasanze mu ntanga harimwo ico yise "protamine". Iyo ni yo yabaye intango yo kubona ko mu ntanga harimwo indemamubiri - 'protéines'. Ariko habanje guca iyindi myaka 150 kugirango abashakashatsi bashobore kubona protéines ziri mu ntanga.

M. Watkins agira ati: "kuva ico gihe, gutahura ukuntu intanga ziteye vyarihuse cane. Ariko hari ibintu vyinshi bikiri amayobera".

Mu gutangura gutahura uko urusoro rukura, abashakashatsi basanze mu matembabuzi (sperme) y'umugabo ajana n'intanga mu mubiri w'umugore, iyo 'sperme' ntiheza ngo itange chromosome y'umugabo yonyene, ahubwo bijana n'akandi gace gatanga amakuru y'ingene uduce ntangakamare [genes] dukwiye gukoreshwa n'igihe twokoreshwa.

"Ibi rero biraheza bikagira ico bihinduye ku buryo urusoro rukura, n'ingene ubuzima bw'uwuzovyiruka akomotse kuri iyo ntanga buzoheza bukagenda", ni ko Watkins avuga.

Intanga zitangura kwirema kuva umuntu abaye umuyabaga (ingimbi), zikaba ziri mu miyoboro y'imbere mu magara, imiyoboro bita 'tubules séminifères'.

M. M. Watkins avuga y'uko «Iyo uravye imbere mu magara, aho intanga zikorerwa, usanga ari akaremangingo gasa nk'utundi twose. Mu nyuma kagenda gahinduka, kakazoba umutwe w'intanga, ufise n'umurizo. Nta kandi karemangingo (cellule) ko mu mubiri na kamwe usanga gahindura imero, muri ubwo buryo budasanzwe".

Bisaba indwi zigera kuri cenda kugira ngo intanga ishobore gukura mu buryo bwuzuye mu mugabo.

Intanga zitasohotse ziraheza zigapfa zigasubira gukoreshwa mu mubiri. Ariko izigira amahirwe yo gukomeza igikorwa zagenewe, n'izishoboye kujana n'umusohoro. Aho rero ni ho ibintu bihera.

Mu zigiye mu musohoro, intanga imwe imwe yose itegerezwa kwoga ija imbere (itanguranwa na zikeba zayo zigera muri miliyoni 50) zigakoresha igice c'inyuma kimeze nk'umurizo kugeza zishikiriye irigi ry'umugore. N'ubwo woba warabonye henshi intanga zishushanywa nk'ibinyamurobo (têtards) nta gihe kinini gishize abahinga batanguye gutahura uko intanga zoga mu vy'ukuri.

Kera abashakashatsi bibaza ko umurizo w'intanga mu kwoga wagenda urikubita hirya no hino kurya kw'ikinyamurobo. Ariko mu 2023, abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Bristol, mu Bwongereza basanze umurizo w'intanga ukurikiza inzira imwe ugenda uracapa, nk'uko umuhinga mu biharuro Alan Turing yari yabibonye mu ntambara ya kabiri y'isi.

Mu 1952, Alan Turing yasanze ko hari ivyo bita 'reactions chimiques' bishobora kurema ikindi kintu, bituma afata ingingo y'uko hokorwa icirwa kuri 'substances chimiques biologiques' zihindura ikibanza kandi zihinduka imero iyo zihuriranye, ubushakashatsi buvuye muri ivyo bugakoreshwa mu gutahura bimwe bimwe mu bijanye n'imero y'ibintu tubona mu binyabuzima biteye amakenga, nk'ivyo dusanga mu makanda (empreintes digitales) mu mababa y'inyoni, amababi y'ibitegwa, n'izindi nzinguzingu zigaragara mu musenyi- ico bahavuye bita 'theorie de la reaction -diffusion'.

Hifashishijwe rugagamisha yerekana ibintu mu mero yavyo y'impande zose (3D), abashakashatsi basanze umurizo w'intanga canke 'flagella-ondule', uzana imikuba ituma iyo ntanga ibasha kwiyunguruza.

Ubwo bushakashatsi burakomeye. Kubera, gutahura uko izo ntanga ziyunguruza, bishobora gufasha abashakashatsi kumenya ibijanye n'ubushobozi bwo kurondoka/uburumbuke ku bagabo.

Iyo intanga zifashe urugendo, zirarenga inkondo y'igitereko/y'umura - 'col de l'uterus', zikinjira mu gitereko, zikerekeza ahari uduheha bita oviductes, ari na two irigi ry'umugore canke ovule rifata mu gushika mu gitereko. Utwo duheha bita 'trompes de Fallope', ni two intanga zerekezemwo zirondera guhura n'urubuto rw'umugore (ovule).

Ariko hano duhura n'ikindi kibazo c'ibikiri amayobera kuri ubwo bumenyi bw'intanga, n'uko abahinga badatahura ukuntu izo ntanga zironderera inzira yo gushika kuri ovule.

Intanga nzima kandi zikwirikira inzira y'umuyoborantanga ziba ari nkeyi cane. Inyinshi muri zo zirakevya zikaguma mu gisabo c'umugore, mbere ntizigere zegereza no ku ntego (gushika ahari urubuto rw'umugore -ovule). Na yo ku zishobora gushika muri wa muyoborantanga zikagera muri twa guheha, abahinga bibaza ko zishobora kuba ziyoborwa n'ibimenyetso (signaux chimiques) zirungikirwa n'irigi ry'umugore -ovule.

Ukwirikije ivyatowe n'ubushakashatsi buheruka gukorwa, intanga zoba zihembera, zikoresheje ubushobozi nk'ubwo twifashisha mu kumenya uburyohe bw'ibifungurwa (recepteurs gustatifs) kugirango "zihonje" (goûter) zimenye inzira yerekeza ahari ovule.

Izo tanga zimaze gushika, ahari irigi ry'umugore, na ho nyene urugamba ntiruba rurangiye.

Ovule iba ikingiwe n'akantu twogereranya n'agahu kagizwe n'ibihome bitatu: ica 'corona radiata', uturemangingo (cellules) n'akandi gace kitwa 'zone pellucide', igice giteye bwa kinure kigizwe na ndemamubiri, hamwe rero n'akandi gakoba kitwa 'membrane plasmique de l'ovule'.

Intanga zitegerezwa kumena zikarondera inzira ijabuka ivyo bice vyose, zikoresheje ivyo bita 'produits chimiques' ziba zifise mu gace kazo kitwa 'acrosome'. Acrosome iteye nk'agakofero kari ku mutwe w'intanga, karimwo imisemburo (enzymes) igenda irya urwo rukuta rw'impome zitatu rukingiye ovule. Ariko rero ukuntu intanga zirekura iyo misemburo ntibiramenyekana, biracari amayobera ku bashakashatsi.

Ubukurikira, intanga zica zikoresha agace gasongoye k'umutwe wazo, kugirango zironderere inzira izishikana ku rigi, mu kuzungagiza umurizo zoga zija imbere.

Mu nyuma, iyo intanga yinjiye mu gahu gakingira irigi, ica imirwa (englouti) n'iryo rigi, gutyo ikabasha kurangiza igikorwa co guhura n'irigi ry'umugore bikazotanga urubuto ruzovamwo umwana (fécondation).

Uturemangingo tw'umuntu tuba turi 'diploïdes'. Ibi bisigura ko turimwo 'chromosomes' zuzuye ziri kubiri. Buri muvyeyi muri babiri bahuje intanga n'irigi bigatanga urubuto ruvamwo umwana, n'ukuvuga ko aba yatanze chromosome imwe. Hamwe na ho intanga nyinshi ziramutse zihuye n'irigi ry'umugore, haca haba ivyo bita 'polyspermie'. Uturemangingo tutari 'diploïdes', n'ukuvuga dufise igitigiri kirenze c'ama chromosomes, zica zivuka, ibishobora gutuma urusoro rwiremye rushobora gupfa rukiriko rurakura.

Kugira'ngo ririnde [irigi] ivyo, intanga imaze guhura na ryo, irigi ry'umugore riraheza rigaca rinyarutsa gukora ibintu bibiri. Ubwa mbere, agahu karyo kitwa 'membrane plastique' gashiraho uruzitiro ruteye bwa muyagankuba (dépolarisation) izindi ntanga zidashobora kurengana. Ariko ivyo bimara akanya gato cane imbere y'uko iryo rigi risubira kuba uko ryari risanzwe.

Aho ni ho rero habera ivyo bita 'réaction corticale'. N'ukuvuga irigi risesa icunyunyu ca 'calcium' kigatuma ka gace k'inyuma karyo ka zone 'pellucide' kagira urundi ruzitiro « manteau extracellulaire » ata ntanga ishobora kurengana.

Gutyo, mu ntanga ziharugwa muri za miliyoni zifatana iyi nzira, imwe rudende ni yo ishika ku ntego y'igikorwa cayo.

Ubuhizi bw'iyo ntanga busozerwa no kwihuza n'irigi ry'umugore bigahinduka urubuto rumwe.

Muri kino gihe, abashakashatsi bariko bagerageza kurondera kumenya igikorwa ca ndemamubiri ziri ku bice vy'inyuma vy'ako karemangingo, zishobora kuba ari zo zituma kamenya inzira, n'ubushobozi bwo guhura no kwivanga hagati y'intanga n'irigi ry'umugore ngo bicike urubuto rumwe.

Muri iyi myaka ishize, abahinga barashoboye kumenya ndemamubiri nyinshi, cane cane bazikuye ku mbeba canke amafi, aho babonye ko ari ngirakamaro muri ico gikorwa, ariko nyinshi muri 'molecules' zizigize ntizizwi kugeza ubu.

Muri kino gihe, ukuntu intanga n'irigi bimenyana n'ukuntu vyihuza bikaba urubuto rumwe n'amayobera akironderwako ubumenyi .

Scott Pitnick, umwigisha w'umuhinga mu binyabuzima (biologie) muri kaminuza ya Syracuse, muri leta ya New York, asobanura ko kimwe mu bishobora gutuma abashakashatsi baronka umuco ku ntanga ari kwiga izo ibindi bikoko kubera zozo ari nini zishobora kuboneka n'amaso masa.

Intanga z'umuntu ziboneka hakoreshejwe rugagamisha, ntibashobora kuzirabisha amaso masa.

Ariko ubwoko bumwe bumwe bw'ubutuku bugira intanga zirenza incuro 20 uburebure bwabwo (n'ukuvuga umutumba wose w'ako gakoko).

Ni nk'aho umuntu yogira intanga zifise uburebure bungana n'isato ya metero 40.

Pitnick yakoze imitwe y'intanga z'ubutuku ku buryo ziyagayaga. Ibi bishobora kumufasha gukwirikirana urugendo rwazo mu myanya y'irondoka y'ubutuku bw'igitsinagore yuguruye/yabaze akabona noneho n'ibindi bitari bizwi ku bibera mu duce bita 'molecules' turi mu bigize uturemangingo mu gihe co guhura kw'intanga n'imbuto y'umugore bikavamwo urusoro rumwe.

Avuga ko ikibazo bataratahura kugeza ubu ari iki: « Kubera iki ibinyabuzima bimwe bimwe biba bifise intanga zingana amahero yose (spermatozoïdes géants) ? Bigaragaza ko muri ubwo bwoko, ibinyabuzima vy'igitsinagore biba bifise ibihimba vy'irondoka bifasha/vyemerera izo ntanga kwinjira.

Mugabo avuga ko ico atari yo nyishu y'ikibazo, ahubwo ari inzira ituma bibaza ibindi bibazo: kuki ivyo binyabuzima vy'igitsinagore biba vyarabaye uko? Ico rero agira ati: « N'ubu ntituratahura inyishu kuri ico kibazo.

Ariko ivyo bitwigisha ko intanga uko ziri mu mubiri w'umugabo, usanga zidasobanura n'ica kabiri c'amateka" – ni ko Pitnick avuga. Yongerako ko « Mu mateka, ubumenyi bwagiye bugirwako ingaruka z'ivyiyumviro bihengamye/bibogamye bishingiye ku gitsina.

Bashimikiye cane cane ku vyerekeye igitsinagabo. Ariko bisa n'aho uburyo igitsinagore cagiye gihinduka, ni ho hari ipfundo rya vyose, na yo abagabo bagiye bakurikira (igitsinagabo cagiye gihinduka gikwirikira guhura n'ayo mahinduka y'igitsinagore canke kuyamenyera (adaptation).

Ku bwa Pitnick, intanga ni ko karemangingo uzosanga gafise imero nyinshi zitandukanye kandi gahindagurika vuba vuba kuva uko ibinyabuzima vyagiye bihinduka kw'isi.

Impamvu intanga zagiye zigira ayo mahinduka atangaje, ni amayobera yayobeye abahinga mu binyabuzima kuva mu kinjana cose kirenga.

Pitnick agira ati: «Bisa nk'aho ibihimba vy'irondoka vy'umugore, ari igice c'umubiri gihindagurika n'ingoga mu buryo bw'agatangaza, kandi nta vyinshi tuzi ku bikorwa n'intanga iyo zigeze muri ivyo bihimba vy'umugore. Ni 'mw'isi nini' y'ubwihisho (ubwiru). Nibaza ko ibi bihimba vy'irondoka vy'umugore ari ho hari uruzitiro runini, ubuhinga bw'ihindagurika ry'ibinyabuzima biciye kurondoka (selection sexuelle) butarashobora gutambuka.

Intanga y'umurizo mure mure iboneka mu butuku, Pitnick avuga ko igaragara nk'igisharizo nka kurya kw'amahembe y'igikoko citwa 'Cerf' ateye bwa biti, canke amababa y'umurizo w'ikinyoni ca 'paon'.

Pitnick avuga ko ivyo biboneka nk'ibisharizo ari ibikoresho ivyo binyabuzima vyifashisha mu guhangana n'amahinduka agenda aba mu binyabuzima.

Uretse kwikingira kuribwa n'ibindi binyabuzima, ivyo bisharizo nk'amahembe biba bifise akamaro mu buryo bubiri.

Agira ati: Vyinshi muri ivyo bitako biba bishingiye ku gitsina, kandi ahenshi ku guhiganwa hagati y'ibinyabuzima vy'igitsinagabo. Umurizo mure mure w'intanga wa 'drosophile' vy'ukuri ni igisharizo.

Twibaza ko umuyoborantanga w'umugore woba urimwo ibintu bishobora gutuma intanga zimwe zihabwa amahirwe yo gushika ku ntambwe yo kurema urusoro, bivanye n'uko zimwe n'izindi (muri izo ntanga) ziteye».

Hari vyinshi bizwi ku bijanye no gutoranya imbere y'igikorwa co guhuza ibitsina, Pitnick asobanura. Ati:« Dufate ko inkware zibereye mu gashamba hanyuma hakaza iyindi nyoni y'amabara abengerana igatambatamba. Bivanye n'uko itamba, amabara yayo, akamoto? » Uko ibi vyose bikora bikoranye ku nyoni mugenzi wayo, bituma izo nyoni zihuza ibitsina canke zikavyihorera.

Ariko ibibera mu mubiri w'inyoni y'igitsinagore inyuma yo guhuza igitsina n'iyindi, uko iyobora intanga mu cerekezo, biracari amayobera, nk'uko bwana Pitnick abivuga. Ati: «Dutahura bike kugeza ubu ku bijanye n'akamaro k'ibisharizo/ibitako vy'ibinyabuzima, ndetse no ku vyerekeye amahitamwo y'ivyo binyabuzima».

Mu nzira yo gutahura uko intanga zikora, n'ugufatira urugero ku buzima bwazo -kandi ibice vy'umugore, nk'uko Pitnick asobanura, bigira uruhara rukomeye mu guhindagurika kw'intanga.

Ati: « Intanga ntiziba zirahwana igihe ziheza gukura mu matengatwa. Ntiziba zirahwana. Hari vyinshi biba bigisigaye kuba hagati y'izo ntanga n'imyanya y'ibanga y'umugore", ni ko yongera ko.

«Ubu dushira umwanya wacu mu kwiga ico twita amahinduka y'inyuma yo gusohora (post-ejaculatoires) izo ntanga zibamwo tugereranije n'ibindi binyabuzima bihurikiye mu muryango w'ibikoko (reigne animal)".

Mu gihe n'abahinga mu bushakashatsi bakiriko baragerageza kwihweza inzira n'amahinduka y'amayobera intanga zicamwo mu gushika ku gutanga ubuzima, abandi bashakashatsi batewe amazinda n'uko intanga za kiremwamuntu zimeze muri kino gihe.

Umugabo ashobora kurema miliyaridi igihumbi z'intanga mu buzima bwose, biragoye rero kwibaza ko hari ikibazo intanga zifise muri kino gihe. Ariko, ubushakashatsi bwerekana ko igitigiri c'intanga ziboneka mu musohoro umwe kigenda kigabanuka - kigenda kigabanuka cane ku rwego rw'isi, kandi iryo gabanuka rirabandanya.

Nk'uko biri mu cegeranyo casohowe mu 2023 n' ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu OMS/ WHO, hafi buri muntu akuze kuri batandatu kw'isi barafise ikibazo c'ubugumba – kandi ubugumba buturutse ku bagabo, bubifisemwo uruhara kugera ku bice 50%.

Ikindi n'uko abavyeyi benshi kw'isi badashobora gukwiza igitigiri c'abana bifuza kuvyara biturutse ku zindi mvo, nk'ikiguzi c'uburezi, nk' uko biherutse kwerekanwa n'icigwa cakozwe n'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe igwirirana ry'abantu FNUAP.

Ihumana ry'ikirere, itabi, inzoga, gufungura nabi, kudakora imyimenyerezo ndetse n' umutima uhagaze na vyo biri mu bituma ubugumba bwiyongera ku bagabo.

Ariko, kuri benshi mu bagabo bafise ikibazo co kuvyara, impamvu zavyo usanga zidashobora gushoka ziboneka neza (kugira ngo bimeneyekane neza icoba kiri inyuma y' iryo gabanuka ry' intanga muri rusangi kw'isi).

« Kumwe n'ivyo vyose bigenda bihindagurika, hari vyinshi bishobora kwononekara", ni ko Hannah Morgan, umuhinga akaba n'umuyobozi w'ubushakashatsi bwunganira abarangije urwego rwa 'doctorat' ku bijanye n'amagara y'abana hamwe n'abavyeyi harimwo n'abibungenze, abisigura.

Agira ati: "Birashoboka ikaba ari uburyo (intanga) yoga, bigatuma idashobora gushikira irigi. Birashoboka ko coba ari ikindi gikomeye kiri mu mutwe w'intanga canke mu bindi bice vy'iyo ntanga.

Intanga ikora mu buryo bwihariye kandi bugoye gutahura cane, ku buryo hatobura utugorane duto duto dushobora gushika".

Kimwe mu bituma bimenyekana ko umugabo afise ikibazo c'ubugumba, n'ukuraba imbere mu musohoro, ni ko Morgan asigura. "Uduce twayo twa ADN/DNA tumeze gute? Dutekeye gute? Tugabanije gute? Mu kuraba mu musohoro, hari ibintu vyinshi bishobora kwihwezwa. Ariko urugero rwiza canke rubi ni uruhe? Ivyo rero ntavyo tuzi kugeza ubu vy'ukuri."

Agira ati: "Kumbure umunsi twashoboye gusobanukirwa amayobera y'uko intanga zikora, ni ho tuzoshobora gutangura gusobanukirwa ico ari co ubugumba bw'umugabo."