Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwe ku bantu batandatu kw'isi afise ikibazo c'ubugumba - OMS
Icegeranyo c’ishirahamwe rya ONU riraba amagara kw’isi, OMS, gisanga umuntu umwe kuri batandatu kw’isi bagira ikibazo c’ubugumba.
Bigaragara kandi ko hari ubudasa buto cane ku ngero [z’abagira ubugumba] hagati y’ibihugu bikize cane, ibikize bibayabaye, n’ibikenye.
Urugero rw’abantu bakuze bahura n’ikibazo c’ubugumba mu buzima bwabo ni 17.8% mu bihugu bikize cane na 16.5% mu bihugu bikenye.
OMS isaba ko abantu barushiriza kworoherezwa mu kuronka uburyo bwo kuvura ubugumba mu bihugu vyose.
OMS ivuga ko ubugumba ari ukudashobora gusama/gusamisha inda inyuma y’amezi 12 canke arenga hakorwa imibonano mpuzabitsina ata gakingirizo.
Uburyo bwo kwa muganga ku badashika mu bihe vyo gusama canke kubagwa bushobora gukoreshwa mu gufasha abagore vyihariye, mu gihe kurungika [hakoreshejwe akaringoti] imbuto z’umugabo mu gitereko (intrauterine insemination, IUI) canke guhuriza imbuto hanze (in vitro, IVF) nabwo buriho mu gufasha umugabo n’umugore gusama.
OMS ivuga ko mu bihugu vyinshi, kuvura ubugumba birihwa n’umuntu ku giti ciwe aho kurihwa n’ibigo vy’igihugu bijejwe amagara, ivyo bikaba bishobora gutera ikibazo gikomeye c’uburyo bw’amafaranga kuri benshi.
Abantu bo mu bihugu bikenye cane kurusha ibindi batanga igice kinini c’amafaranga yabo mu guhangana n’ikibazo c’ubugumba gusumba abo mu bihugu bikize, nk’uko vyerekanwa n’ico cegeranyo.
Kuba ubuvuzi bw’ubugumba buzimvye cane kiboneka nka kimwe mu bituma abantu benshi bataburonka amaherezo akaba ko badashobora gusama iyo uburyo karemano vyanse ko bukora.
Umuyobozi mukuru wa OMS, muganga Tedros Adhanom avuga ko ico cegeranyo gihishura ukuri gukomeye: ‘’Ubugumba ntibutoranya’’.
Yongerako ati: ‘’Urugero rw’abantu bashikirwa n’izo ngorane rwerekana ko bikenewe ko horoshwa gushikira uburyo bwo gushobora gusama n’uko ico kibazo kitosubira gufatwa minenerwe mu bushakashatsi n’imigambi ku bijanye n’amagara y’abantu kugira haboneke inzira ziciriritse, zizewe kandi zikora neza z’ingene abantu bavyifuza boba abavyeyi.’’