Narabeshe ChatGPT na AI ya Google kandi vyantwaye iminota 20 gusa

Igihe co gusoma: iminota 8

Ubu Nivyo. Nshobora kurya "hot dogs" nyinshi kurusha umunyamakuru akorera mu vy'ubuhinga uwo ari we wese kw'isi. Ivyo nivyo ChatGPT na Google babwira umuntu wese ababaza. Nabonye uburyo bwo gutuma ubwenge bukorano (AI) bukubwira ibinyoma – kandi si jewe jenyene.

Hari aho ushobora kuba warumvise ko ubuhinga bwa AI butuma abayikoresha bashobora kuvugana (chatbots) rimwe na rimwe bukora amakuru bwifondeye. Ivyo ni ingorane. Ariko hariho ikindi kibazo gishasha abantu bake bazi, gishobora kugira ingaruka zikomeye ku bushobozi bwawe bwo kuronka amakuru y'ukuri ndetse no ku mutekano wawe. Abantu benshi bamaze kumenya ubuhinga bwo gutuma AI ibabwira hafi ico bashaka cose. Biroroshe cane ku buryo n'umwana yoshobora kubikora.

Uko uriko urasoma ibi, ubu buryo buriko burahindura ivyo za AI zikomeye kw'isi zivuga ku bibazo bikomeye nk'amagara n'amahera y'umuntu ku giti ciwe. Amakuru y'ibinyoma ashobora gutuma abantu bafata ingingo zitari zo ku bintu hafi ya vyose : gutora , guhitamwo umufundi w'amazi, ibibazo vy'ubuvuzi, n'ibindi vyinshi.

Kugira ngo ndavyerekane, nakoze igikorwa gisa n'ic'ubujuju kuruta ibindi vyose nakoze mu buzima bwanje (nivyo nibaza ) kugira nerekane ikintu gikomeye cane: natumye ChatGPT, ubuhinga bwa AI ya Google, hamwe na Gemini, kubwira izi mbuga ko ndi umuhinga cane mu kurya "hot dog" nyinshi. Aha musi ndasigura ingene nabikoze, kandi nizeye ko abahinga mu bijanye n'ubuhinga bwa none bazotorera inyinshu iki kibazo imbere y'uko hagira uwuhava ahura n'ingorane.

Biraboneka ko guhindura inyishu ibikoresho vya AI biha abandi bantu bishobora kuba vyoroshe nko kwandika inkuru imwe gusa, yitondewe neza igatangazwa ku rubuga urwo ari rwo rwose rwa internet. Ubu buryo bukoresha ibihengeri biri mu ma-chatbot, kandi rimwe rimwe biragorana kubimenya, bivanye umuntu ariko ararondera. Ariko ushizemwo inguvu, ushobora gutuma ubwo buhinga burushiriza gukora neza. Nasuzumye ingero nyinshi aho ubuhinga bwa AI buriko burakoreshwa cane mu kwamamaza amakompanyi y'ubudandaji be no gukwiragiza amakuru atari yo. Ibiharuro vyerekana ko ibi biriko biraba ku rugero runini cane.

Biroroshe guhenda ama-chatbot ya AI, biroroshe cane kurusha uko vyari kugenda mu guhenda Google imyaka ibiri canke itatu iheze," bivugwa na Lily Ray, icegera c'umukuru w'igisata kijejwe ibijanye n'ubuhinga bwo gutunganya ingene amajambo aronderwa kuri internet (SEO) muri Amsive, ikompanyi yo kwamamaza. Abandanya agira ati : "Amakompanyi ya AI ariko arihuta kurusha ubushobozi bwayo bwo kugenzura ukuri kw'inyishu zitanga. Nibaza ko ari ikibazo gikomeye".

Umuvugizi wa Google avuga ko AI yashizwe muri "Google Search" ikoresha uburyo bwo gutondeka bituma 99% bw'ivyo umuntu arondera biba ivy'ukuri. Google ivuga ko izi ko hari abantu bariko baragerageza gukoresha nabi uburyo bwayo kandi ko iriko iragerageza kubitorera umuti. OpenAI nayo ivuga ko ifata ingingo zo guhagarika no gushira ahabona imigambi yo kugerageza kwinjirira mu buhinga bwayo mu buryo bw'ibanga. Ayo makompanyi yompi kandi avuga ko amenyesha abakoresha ubuhinga bwayo ko "bushobora gukora amakosa."

Ariko ubu, ico kibazo ntikiriko kiratorerwa umuti. "Bariko baranyaruka cane kugira ngo barabe ukuntu bokuramwo inyungu muri ibi bintu," niko bivugwa na Cooper Quintin, umuhinga mukuru mu vy'ubuhinga bwa none mw'ishirahamwe riharanira uburenganzira kuri internet witwa Electronic Frontier Foundation. "Hari uburyo bwinshi cane bwo kubikoresha nabi: guhenda abantu, kwonona izina ry'umuntu, mbere ushobora no guhenda abantu gushika aho bokwibabaza ku mubiri."

'Igihe gishasha c'amakuru y'ububeshi'

Iyo uganiriye na AI 'ama chatbots, kenshi uhabwa inyishu zifatiye ku ntunganyo nini cane y'ururimi, ishingiro ry'ubuhinga bwa AI. Ivyo bishingiye ku makuru yakoreshejwe mu kuyigisha. Ariko hari ubuhinga bumwe bumwe bwa AI bushobora kurondera amakuru kuri internet iyo ububajije ivyo butazi, naho bitama vyerekana igihe buriko burabikora. Muri ivyo bihe, abahinga bavuga ko AI iba yoroshye guhendwa. Ni ko nanje natunganije igitero canje mu kuyihenda.

Namaze iminota 20 nandika inkuru ku rubuga rwanje bwite yitwa "Abamenyeshamakuru b'ubuhinga bwa none barusha abandi kurya hot-dog". Buri jambo ryose ririmwo ikinyoma. Navuze (ata cemezo na kimwe mfise) ko ihiganwa ryo kurya hot-dog ari ihiganwa rizwi cane mu bamenyeshamakuru b'ubuhinga bwa none, hanyuma nshirako urutonde rwanje rwa "2026 South Dakota International Hot Dog Championship" (iryo higanwa ntiribaho). Nishize mu kibanza ca mbere, birumvikana. Hanyuma ndashiramwo amazina y'abamenyeshamakuru bamwe bamwe batariho hamwe n'abamenyeshamakuru nyakuri bampaye uruhusha, harimwo Drew Harwell wo kuri Washington Post na Nicky Woolf dusangiye gukorana ikiganiro canje ca podcast.

Mu masaha atarenga 24, za chatbot zikomeye kw'isi zari zatanguye kuvuga inkuru z'ubuhinga bwanje budasanzwe mu kurya hot-dog. Igihe nabaza ku bamenyeshamakuru b'ubuhinga bwa none barusha abandi kurya hot-dog, Google yasubiyemwo amajambo atagira insiguro yo ku rubuga rwanje, haba muri Gemini no muri AI Overviews, inyishu za AI zishirwa hejuru iyo urondeye ibintu ukoresheje Google. ChatGPT na yo nyene yakoze uko nyene, ariko Claude, chatbot yakozwe n'ishirahamwe Anthropic, ntiyaguye mu mutego.

Rimwe na rimwe, izo chatbot zaravuga ko bishoboka ko ari ubuyayasi. Nca mpindura inkuru yanje nshiramwo ko "ibi atari ukuyayata". Mu kanya gatoya, za AI zasa n'izibifata nk'ibikomeye kurusha. Narongeye ndagerageza ikindi kintu n'urutonde rw'irementanya rw'abapolisi bagenzura uruja n'uruza mu mabarabara barusha abandi kuzunguza hula-hoop. Igihe mperuka kuraba, za chatbot zari zikiriko zirata cane Officer Maria "The Spinner" Rodriguez.

Narabajije incuro nyinshi kugira ndabe ingene inyishu zihinduka, kandi nasavye n'abandi kubigerageza. Gemini ntiyigeze ivuga aho yakuye ayo makuru. Izindi AI zose zarashizeho "link" zija ku nkuru yanje, naho akenshi zitavuze ko ari jewe jenyene nari isoko ry'ayo makuru ku mbuga ngurukanabumenyi zose . (OpenAI ivuga ko ChatGPT yamye ishiramwo "link" iyo ikoresheje kurondeza kuri internet kugira ushobore gusuzuma aho amakuru yavuye.)

"Umuntu wese yoshobora kubikora. Biroroshe cane, ni nk'uko ata kintu na kimwe gishobora kukuzibira", niko Harpreet Chatha, arongoye ishirahamwe ry'ivy'uguteza imbere imbuga Harps Digital, abivuga. "Ushobora gukora inkuru ku rubuga rwawe bwite uvuga ngo 'ibirato bitinjirwamwo n'amazi vyiza kuruta ibindi mu 2026'. Ugashira icawe mu kibanza ca mbere, izindi ukazishira mu kibanza ca kabiri gushika ku ca gatandatu. Iyo nkuru ishobora kwerekanwa muri Google no muri ChatGPT."

Abantu bamaze imyaka myinshi bakoresha amayeri yo kubesha kugira ngo babeshe ubwo buhinga bwo kurondera. Google ivuga ko ifise uburyo buhanitse bwo kuzibira amakosa kandi ko ubwizigirwa bw'amasuzuma akorwa na AI yayo buri ku rugero rumwe n'ubw' izindi nzira zo kurondera zimaze imyaka. Ariko abahinga bavuga ko ubuhinga bwa AI bwasubije inyuma intambwe nyinshi inganda z'ubuhinga bwa none zari zimaze gutera mu gukingira abantu. Ubu buhinga bwa AI buracari ku rugero rwo hasi cane, ku buryo bwibutsa intango z'imyaka ya 2000, imbere y'uko Google ishiraho umurwi wo kurwanya amakuru atari yo (spam), nk'uko Ray abisigura. "Turi mu bihe bishasha vy'abatanga amakuru y'ibinyoma".

Si uko gusa AI yoroshe guhenda, ahubwo abahinga barafise impungenge ko abayikoresha bashobora guhendwa bitagoranye. Mu buryo bwo kurondera bwari busanzwe bukoreshwa kuva kera, wategerezwa kuja ku rubuga kugira uronke amakuru warongera. Quintin avuga ati: "Iyo utegerezwa kuja koko ku rubuga, abantu bariyumvira cane imbere yo kwemera ivyo babonye. Nimba nje ku rubuga rwawe rukavuga ko uri umumenyeshamakuru mwiza kuruta bose, nshobora kuvuga nti 'ego, ariko arishima'". Ariko kuri AI, amakuru akenshi asa n'aho aba avuye ku kigo c'ubu buhinga bwa none ubwaco.

Nubwo ubu buhinga bwa AI bwoba bwerekanye inkomoko y'aya makuru, abantu ntibagisuzuma nk'uko babigira mu kurondera kera. Nk'akarorero, ubushakashatsi buheruka bwerekanye ko abantu bagabanije ku rugero rwa 58% gufyonda "Link" iyo AI izanye ivyo yaronse muri Google Search.

"Mu guhiganwa kugira ngo babe imbere, mu guhiganwa kugira ngo baronke inyungu n'amafaranga, umutekano wacu n'uw'abantu bose uri mu kibazo," niko Chatha avuga. OpenAI na Google bavuga ko bafata umutekano nk'ikintu gikomeye kandi bari mu bikorwa vyo gutorera inyishu ivyo bibazo.

Amafaranga yawe canke ubuzima bwawe

Iki kibazo ntikigarukira ku nkuru za hot-dog gusa. Chatha amaze igihe arondera ingene amakomanyi ariko arakoresha nabi inyishu za chatbot ku bibazo bikomeye cane. Yaranyeretse ingene AI itanga inyishu iyo ubajije ivyerekeye ivyegeranyo ku bwoko kanaka bw'ikiyayuramutwe ca cannabis. Inyishu za AI zuzuyemwo amakuru y'binyoma yacishijwe kuri Google, nk'ayavuga ko iki kiyayuramutwe "kitagira ingaruka mbi kandi ko kimeze neza mu buryo bwose." (Mu vy'ukuri, birazwi ko gifise ingaruka mbi, gishobora guteza ingorane iyo ugifashe ugaca unywa n'imiti imwe imwe, kandi abahinga baraburira ku bijanye n'iukungene gishobora kuvanganywa n'ibindi bintu bibi ku masoko atagenzurwa.)

Nimba ushaka ikintu gikomeye kurusha inyandiko yo kuri blog, urashobora no kuriha kugira ibikoresho vyawe bishirwe ku mbuga zizwi cane. Harpreet yanyeretse inyishu za AI ya Google ku majambo "amavuriro meza yo gutera umushatsi muri Turukiya" na "amasosiyete meza ya GOLD IRA ", afasha abantu gushira izahabu mu ma konte yo kuziganya. Ayo makuru yavuye mu matangazo yashizwe ku rubuga biciye mu masosiyete yo kuyakwiragiza arishwe, hamwe n'amatangazo yarihiwe ku mbuga z'amakuru.

Ushobora gukoresha ayo mayeri nyene mu gukwiragiza ibinyoma n'amakuru atari yo. Kugira avyerekane, Ray yanditse ikiganiro ku rubuga ciwe kivuga ibinyoma ku "guhindurwa" kw'ukuntu Google Search ikora, kikavugwa ko catunganijwe "hagati y'uduce twa pizza twasigaye". Ntivyatevye, ChatGPT na Google batanguye gusubiramwo iyo nkuru yiwe, harimwo na ya pizza. Ray avuga ko yahavuye ikuraho ico kiganiro kandi "ikagikurira mu ndinganizo" kugira ngo ihagarike ikwiragizwa ry'ivyo binyoma.

Ubuhinga bwa Google bwo gusesangura amakuru buvuga ko abantu benshi barondera "amavuriro meza yo gutera umushatsi muri Turukiya" na "amasosiyete meza ya gold IRA". Ariko umuvugizi wa Google avuga ko bwinshi mu burorero natanze "ari ibidazanzwe bironderwa caane kandi buterekana uko abakoresha basanzwe babigenza".

Ariko Ray avuga ko ari ho nyene ikibazo kiri. Google ubwayo ivuga ko 15% vy'ivyo ibona bironderwa buri musi ari ibintu bishasha. Kandi nk'uko Google ibivuga, AI ihimiriza abantu kubaza ibibazo vyihariye kandi bitomoye gusumba. Abakwiragiza ubutumwa bw'ibinyoma bariko bavyungukirako.

Google ivuga ko bishoboka ko ata makuru menshi ngirakamaro ashobora kuba ahari ku barondera ibintu bidasanzwe canke bidafashe, kandi ko ibi bintu "bitagira mvura" bishobora gutuma haboneka inyishu zifise ubuziranenge buke. Umuvugizi yavuze ko Google iriko irakora kugira ngo mu gihe nk'iki inyishu ntiziboneke.

Kurondera inyishu

Abahinga bavuga ko hariho inyishu kuri izo ngorane. Ingingo yoroshe kuruta izindi ni ukuvyikurako canke kwerekana urugero umuntu akwiye kuvyizigira.

Ubuhinga bwa AI burashobora kandi kwerekana neza aho amakuru yerekanywe yavuye. Nk'akarorero, nimba amakuru yavuye mw'itangazo ry'ishirahamwe runaka, canke nimba hari isoko rimwe gusa rivuga ko ari jewe wa mbere kw'isi yose mu gufungura hot-dog, AI yoshobora kubimenyesha, nk'uko Ray abivuga.

Google na OpenAI bavuga ko bariko barakora kuri iki kibazo, ariko ubu ukeneye kwikingira wewe ubwawe.

Intambwe ya mbere ni ukwiyumvira ku bibazo ubaza. Chatbots ni nziza ku bibazo vy'ubumenyi busanzwe, nko kuvuga ngo "ivyiyumviro bizwi cane vya Sigmund Freud ni ibihe?" canke "ni nde yatsinze Intambara ya Kabiri y'Isi Yose?"

Ariko harashobora kuba ibibazo ku bintu bimwe bimwe bisanzwe vyemerwa uko nyene ariko mu vy'ukuri hashobora kuba abandi babibona ukundi canke bigashobora guhinduka bivanye n'igihe. AI kumbure si uburyo bwiza cane ku bintu nk'amabwirizwa yo kwa muganga, amategeko canke amakuru yerekeye urudandazwa mu karere kanaka, nk'akarorero.

Nimba ushaka amakuru nko ku vyerekeye ibicuruzwa canke amakuru yerekeye ingaruka nyazo y'ikintu kanaka, menya ko ubuhinga bwa AI bushobora guhendwa canke bikihenda. Iciza ni ukurondera amakuru y'inyongera. Ubwo AI irerekana aho yakuye aya makuru? Yayakuye ahantu hangahe? Ni bande bayanditse?

Ikintu nyamukuru co kwitondera ni ukungene AI ishobora kwiyerekana nk'uko umengo ivyo iguhaye ko ari vyo vyo, n'iyo yoba yibesha. Ubuhinga bwa AI bushobora kwerekana amakuru atari yo be n'amakuru y'ukuri mu buryo bumwe, nk'uko umengo nta makemwa. Kera, imbuga zo kurondererako amakuru zaragusaba gusuzuma amakuru wewe ubwawe. Ubu, AI ishaka kubikora mu kibanza cawe. Ntihave utakaza ishaka ryo kurondera wewe nyene ubwawe.

Ray avuga ati: "Biroroshe cane kuri AI kwemera ibintu uko vyakabaye. Ni ngombwa ko ubandanya uri umunywanyi mwiza w'imbuga ngurukanabumenyi kandi ugasuzuma amakuru uronka".