Ikimenyetso ca mbere kikwereka ko uriko uraba 'video' yakozwe n'ubuhinga bwa AI

    • Umwanditsi, Thomas Germain
    • Igikorwa, BBC News
  • Igihe co gusoma: iminota 7

Imbuga hwaniro zanyu ziriko zuzuramwo amashusho mabi yakozwe na IA/AI (Intelligence Artificielle/Artificial Intelligence - ubwenge bw'ubukorano). Ikimenyetso kimwe kirashobora kubafasha kuyamenya: ubwiza bw'izo video zigaragara umengo zafashwe na 'camera' itari nziza.

Ntakundi. Muzobihomberamwo. Birashoboka cane ko mwamaze kubigwamwo. Mu mezi atandatu aheze, ibikoresho vya AI bikora ama video vyarateye imbere cane ku buryo uko twizera ama kamera bigiye guhinduka. Ibishobora kuba: uzohomba, kenshi cane, gushika aho uzoshavura, ugatangura gukekeranya ukuri kw'ibintu vyose ubona. Kaze mw'isi ya kazoza.

Ariko ubu, haracari utumenyetso duke tugomba kwitwararika. Kamwe muri two karahambaye. Nimba mubona amashusho adasa neza, afise amashusho adasobanutse kandi atameze neza, uragabe: ushobora kuba uriko uraba video yakozwe na IA.

Hany Farid ati: ''Ico ni kimwe mu bintu vya mbere turaba''. Farid ni umwigisha mu vy'ubuhinga muri kaminuza ya California i Berkeley, akaba ari umwe mu batanguje ubushakashatsi mu bijanye no gusesangura ivy'ingurukanabumenyi kandi akaba ari na we yashinze ishirahamwe ryo kumenya amavideo n'amafoto y'amakorano ryitwa GetReal Security.

Ikibabaje ni uko ibikoresho vya IA bikora amavideo bizobandanya gutera imbere, kandi iyi mpanuro izoca ita agaciro. Ivyo bishobora gushika mu mezi make, canke mu myaka mike. Biragoye kubimenya. Mumbabarire. Ariko niwafata akanya ugatohoza neza insiguro y'iki ciyumviro, iyi mpanuro yoshobora kugukingira kugwa mu mutego w'amwe mu ma IA adakora neza, mu gihe uriko urarondera uko womenya ukuri.

Reka tubivuge neza : ibi sico kimenyetso c'ukuri gusa. Amavideo akorwa na IA siyo gusa ashobora kuba meza canke mabi. Ibikoresho vya IA vyiza cane birashobora gukora amavideo meza, asukuye kandi ateye igomwe.

Kandi n'amavideo adasa neza ntasigura ko yakozwe na IA.

Matthew Stamm, umwigisha akaba n'umuyobozi w'Ikigo c'Ubushakashatsi ku Mutekano w'Amakuru n'Amavideo muri Kaminuza ya Drexel, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati : ''Iyo ubonye ikintu kibi, ntibisigura ko ari ikinyoma. Kandi ntibisigura ko hari ikintu kibi kiriko kirategurwa''.

Mu vy'ukuri, ni amavideo atabona neza yakozwe na IA ashobora kubesha abantu cane kurusha ayandi muri ino minsi. Ivyo ni ikimenyetso kigutuma wobanza kuraba neza, ugasuzuma ku buryo bwimbitse ivyo uriko uraraba.

Farid abandanya avuga ati : ''Amashirahamwe ya IA zitanga amavideo , nka Veo ya Google na Sora ya OpenAI, aracarangwa n'utunenge'', abandanya ati ''Ariko ntitukiri muri ca gihe wasanga umuntu afise intoke zitandatu canke inyandiko idasomeka. canke ibintu bitaboneka ningoga.''

N'aho bimeze gutyo, n'ibikoresho vya IA biteye imbere cane muri iki gihe akenshi biracarangwa n'ingorane zimwe zimwe, nk'uruhu rusa n'urworoshe bidasanzwe, imirongo idasanzwe canke ihindagurika mu mishatsi no mu mpuzu, canke ibintu bito birengako inyuma bigenda mu buryo budashoboka canke butabaho mu buzima busanzwe. Utwo tunenge biroroshe kutubona, ariko uko ishusho iba isukuye kandi iboneka neza, ni ko vyoroha kubona ayo makosa ya IA.

Ivyo ni vyo bituma amavideo atabona neza aboneka nk'ay'ukuri. Iyo usavye IA gukora video isa n'iyafashwe n'itelefone ishaje canke na kamera yo gucungera umutekano, irashobora guhisha ayo makosa yoshobora gutuma abantu bagira amakenga.

Mu mezi aheze, amavideo menshi ya IA yaramamaye cane, arahenda abantu benshi. Yose yari ifise ikintu kimwe ahuriyeko. Hari ivideo y'inkwavu zo mw'ishamba zisimbagurika ku gitanda co gukinirako , n'aho yari iy'ikinyoma ariko iboneka neza, yararabwe incuro zirenga imiriyoni 240 kuri TikTok.

Abandi bantu amamiriyoni, barondera inkuru z'urukundo, barakunze video y'abantu babiri bagwa mu rukundo muri métro [gari ya moshi yo mu kuzimu] ya New York, hanyuma barashavura cane bamaze kumenya ko yari video y'inkorano.

Ku bwanje, nanje narahenzwe na ivideo yamamaye cane y'umupatiri w'Umunyamerika, ari mw'ishengero rifise ivyiyumviro bikomeye vy'aba 'extreme droite' , ariko agatanga inyigisho itangaje cane isa n'iyegamiye ku ruhande rwa 'extreme gauche' . ''Abatunzi b'abamiliyaridi ni bo bonyene bake bakwiye kudutera ubwoba''.

''Bafise ubushobozi bwo gusambura iki gihugu ! '' Narumiwe. Nariyumviriye nti mbega koko imbibe zacu za politike zarahindutse zigahindagurika gutyo? Oya. Vyari IA gusa iriko irabikora.

Izo video zasa n'izafashwe n'itelefone ishaje.

Izo nkwavu za IA? Zerekanwa nk'amashusho yafashwe na kamera y'umutekano, zafashwe mw'ijoro. Abakundana bo muri métro? Video yasa n'iyitabona neza. Uwo muvugabutumwa w'ikinyoma? Videwo yasa n'iyari yongerejwe "zoom" birenze urugero. Kandi vyaje kuboneka ko izo video zari zifise n'ibindi bimenyetso vyashobora kuvyerekana.

Farid asigura ati : ''Ibintu bitatu nyamukuru bigenderwako ni: ingene ibona, ubwiza bwayo, n'ingene video ireha''. Igihe video imara ni co coroshe gusuzuma.

''Amavideo menshi yakozwe na IA ni magufi cane, mbere ni magufi kurusha ayasanzwe yo kuri TikTok canke Instagram, ayo akenshi amara amasegonda 30 gushika kuri 60. Menshi mu mavidewo bansaba kugenzura amara amasegonda atandatu, umunani canke icumi.''

Ni vyo koko, gukora amavideo na IA bisaba amahera menshi, kandi ibikoresho vyinshi bikora ama video magufi.

Ikindi kandi, uko ivideo irushiriza kuba ndende, ni ko amahirwe y'uko IA ikora ikosa yiyongera. ''Ushobora guteranya amavideo menshi ya IA, ariko uzobona ko haba hari ugucika buri masegonda nk'umunani.''

Ivyo bindi bibiri, uko video ibona n'ubwiza bwayo, birafitaniye isano ariko si bimwe. 'Resolution' ifatiye ku gitigiri canke ubunini bw'ama 'pixels' mu gihe, mu gihe "compression" ari uburyo bwo kugabanya video mu gukurako utuntu tumwe tumwe tw'ido n'ido, ivyo bigatuma kenshi amashusho ataboneka neza n'imirongo itaboneka neza.

Mu vy'ukuri, Farid avuga ko amavideo afise amasanamu asa nabi bishobora kuba vyemerwa cane nkuko ari ukuri ku buryo ababikora babigira bibi ku bushake. Farid asigura ati : ''Nimba nshaka guhenda umuntu, nobigira gute? Nkora video yanje y'ikinyoma, hanyuma nkagabanya ingene iboneka kugira ngo igume iboneka ariko ata buryo bwo kubona neza utuntu twose mw'ido n'ido. Hanyuma nkongera nkayigabanya uburemere mu guhisha cane utunenge twose twoshobora kuboneka''. Yongerako ati : ''Uwo ni umugenzo ukoreshwa cane.''

Ikibazo ni uko, mu gihe uriko urasoma iki gisomwa, amahinguriro akomeye y'ubuhinga bwa none ariko arashiramwo imitahe y'amamiliyaridi y'amadorare kugira ngo IA irushirize kuba nk'ukuri . Stamm ati: ''Mfise inkuru mbi yo kubamenyesha. Nimba ibi bimenyetso bigaragara bikiriho ubu, vuba bizozimangana''.

Abandanya ati: ''Nibaza ko mu myaka ibiri iri imbere, ivyo bimenyetso vyerekana udukosa bitazoba bikiriho mu ma video, no muri ino minsi ivyerekana ko video yakozwe na IA ntibikiboneka cane mu mashusho akorwa na IA. Ntituzoba tukicizera amaso yacu.''

Ariko ivyo ntibisigura ko ukuri kwatakaye burundu. Iyo abashakashatsi nka Farid na Stamm basuzuma ikintu runaka, barakoresha ubuhinga buteye imbere cane. Stamm asigura ati: ''Iyo hakozwe canke hahinduwe video, hari ibimenyetso bisigara vy'ibiharuro bidashobora kubonwa n'amaso''.

''Turiko turaronka uburyo bushasha bwo gutahura no kwerekana ivyo bimenyetso.'' Rimwe na rimwe, uko video itabona neza umuntu arashobora kubona ko video ari iy'ikinyoma canke y'ukuri naho yoba itabona neza, ariko ivyo vyonyene ntibihagije kugira ngo bibe ikimenyamenya ntaharirizwa.

Ariko ivyo ntibisigura ko ukuri kwazimye burundu. Igihe abashakashatsi nka Farid na Stamm basuzuma ikintu, barakoresha ubuhinga buteye imbere cane kuruta ubwo abantu basanzwe bakoresha. ''Igihe ivideo ikozwe canke ihinduwe, hasigara hari ibimenyetso vy'imibare bidashobora kubonwa n'amaso gusa, nk'ibimenyetso vy'intoke bisigara ahabereye icaha'', niko Stamm abisigura.

''Turabona ko hariho ubuhinga buriko buravuka bwo kumenya no kugaragaza ivyo bimenyetso. » Rimwe na rimwe, uko pixels atunganijwe mu videwo y'ikinyoma birashobora gutandukana n'uko ameze muri video y'ukuri; ariko ivyo vyonyene ntibihagije kuba ikimenyetso kivyemeza .

Amashirahamwe y'ibijanye n'ubuhinga bwa none na yo nyene ariko arakora mu gushiraho amategeko n'ingingo nshasha zo kugenzura no kwemeza ukuri kw'amakuru yo kuri internet. Mu buryo bufadika, amakamera azoshobora kwongeramwo amakuru muri dosiye y'ifoto canke y'ivideo uhereye ku mwanya ifashwe, kugira ngo yerekane ko ari ivy'ukuri. Na ho nyene, ibikoresho vya IA vyoshobora kwiyongereramwo amakuru nk'ayo mu mavideo n'amashusho yavyo, kugira ngo vyerekane ko ari ivy'ikinyoma. Stamm n'abandi bahinga babona ko izo ngingo zishobora gufasha cane.

Umuti nyakuri, nk'uko Mike Caulfield, umuhinga mu gusoma no gutahura amakuru y'ikoranabuhanga, abivuga, uri mu guhindura uko tubona ibintu biri kuri ineternet. Abandanya asigura ko kurondera ibimenyetso bisigazwa na IA si umugambi woshobora kugumaho igihe kirekire, kuko ivyo bimenyetso bigenda bihinduka uko ibihe bigenda. Caulfield avuga ko ahubwo dukwiye guheba iciyumviro c'uko video canke ifoto ishobora kugira insobanuro iyo itabonetse mu mvo n'inkomoko yayo.

''Ku bwanje, mu gihe kirekire, video izorushiriza kumera nk'inyandiko, aho inkomoko yayo, atari ibiranga inyuma gusa, ari vyo bizoba bifise agaciro kanini. Kandi vyoba vyiza dutanguye kwitegurira ivyo'', niko Caulfield asozerera avuga.

Ntitwigera dusoma inyandiko ngo tuyemere ko ari iy'ukuri gusa, kuko yanditswe. Iyo hari ugukekeranya, twama tugenzura inkomoko y'amakuru. Kera, amavideo n'amashusho vyari bitandukanye, kuko vyari bigoye kuyahindura. Ubu ntibikiri uko. Ubu, igihambaye ni inkomoko y'ikintu, uwagikoze, uko kiri n'aho kigeze, hamwe no kumenya ko cavuye ahantu hizewe . Ikibazo gisigaye ni ukumenya ryari (canke nimba) twese tuzoshobora kwakira no kwiyumvira neza uku kuri.

Stamm ati : ''Nimba nemerewe gushimangira cane, nibaza ko iyi ari yo ngorane nini kurusha izindi zose mu bijanye n'umutekano w'amakuru mu kinjana ca 21''.

''Ariko iki kibazo nta myaka myinshi kimaze. Igitigiri c'abantu bariko baragikorako kiracari gito ugereranije, ariko kiriko kiriyongera cane. Tuzokenera uruvange rw'inyishu: inyigisho, amategeko agenga ubwenge bw'ubukorano, hamwe n'ingene hakoreshwa ubuhinga bwa none, vyose vyunganirana. Ndavyizeye.''