Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
I Masisi muri DR Congo intambara zikomeje kumera nabi; Ni ibiki birimo kuba?
Imirwano hafi ya Nyabiondo irakomeye kuri uyu wa gatanu, umwe mu bari i Masisi avuga ko intambara ari uruhurirane rw'ibitero by'indege za 'drones' n'imirwano yo ku butaka.
Incamake
- I Masisi intambara zikomeje kumera nabi; Ni ibiki birimo kuba?
- Abanya-Ghana nibura 55 baramaze kwicirwa mu ntambara muri Ukraine
- Tombola ya UEFA Champions League irarangiye
- Bwa mbere mu mateka umugore wa Perezida wa Amerika agiye kuyobora akanama gashinzwe amahoro ka Loni
- Pakistani yateye Afghanistani: 'Twagira ni nyamugigima' – umunyagihugu aba i Kabul
- Nyuma y'u Rwanda na Mauritania, DR Congo na yo yatanze umukandida ku mukuru wa Francophonie
- Icuka kibi hagati ya Amerika na Irani: Abahuza bavuga ko ibiganiro vy'ejo vyarangiye hatewe intambwe
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Samba Cyuzuzo
Rwanda: Bane bakatiwe gufungwa kubera gukwiza amashusho y’imibonano mpuzabitsina y’umuhanzi
Abagabo bane barimo abazwi ku mbuga nkoranyambaga mu Rwanda bakatiwe n’Urukiko rw’Ibanze i Kigali gufungwa imyaka itatu n’ihazabu ya miliyoni eshatu rubahamije icyaha cyo gukwirakwiza amashusho y’urukozasoni, nk'uko ibinyamakuru mu Rwanda bibivuga.
Uzabakiriho Syprien uzwi nka Djihad, Kalisa John uzwi nka K John, Kwizera Nestor uzwi nka Pappy Nesta na Ishimwe Francois Xavier batawe muri yombi mu mpera z’umwaka ushize nyuma y’uko amashusho y’umwe mu bahanzi bazwi mu Rwanda akwiriye ku mbuga nyinshi zihuza abantu.
Urukiko rwavuze ko umwe muri aba baregwa ari we watse ayo mashusho umuhanzi witwa Yampano ashaka kuyareba gusa maze akayaha undi nawe uregwa, uwo nawe akayakwirakwiza, ibyo urukiko rwavuze ko bigize icyaha.
Umwe muri batanu bose hamwe baregwaga yagizwe umwere.
Uzabakiriho Syprien uzwi nka Djihad yahamijwe iki cyaha n’umugambi wo kugikora bivuye ku rubuga yashinze ruhuza abantu hafi 1000 rwasangiriweho ayo mashusho kandi na we ‘screenshot’ yayo akayishyira kuri ‘status’ ye.
Abaregwa bafite iminsi 30 yo kujuririra umwanzuro w’uru rukiko rw’ibanze.
I Masisi intambara zikomeje kumera nabi; Ni ibiki birimo kuba?
Imirwano yakomeje mu bice bitandukanye by’icyaro imbere muri teritwari ya Masisi ya RD Congo kuri uyu wa gatanu, intambara zabaye “urutavanaho” muri iki cyumweru, nk’uko umwe mu baturage bariyo abivuga.
Ibitero bikomeye by’indege za ‘drones’ hamwe n’intambara zo ku butaka birimo kuvugwa mu bice byegereye 'centre' ya Nyabiondo ku ntera igera kuri 20km mu majyaruguru ya Masisi-Centre ku muhanda werekeza Walikale.
Imirwano iravugwa kandi mu bindi bice bya Masisi, nk’uko umukuru wa sosiyete sivile muri aka gace yabibwiye BBC Gahuzamiryango.
Umutwe wa AFC/M23 uravuga ko muri iyi minsi ‘drones’ z’ingabo zigenda hejuru y’imidugudu ituwe n’abaturage “zirekura amabombe nta gutoranya”. Wongeraho ko “amabi ageze ku rwego atigeze abonekaho mbere”.
Andi masoko y’amakuru avuga ko umutwe wa M23 urimo kugaba ibitero byo gusubiza (conter-attacks/contre offensive) nyuma y’ibitero by’ingabo za leta na Wazalendo.
Impande zombi zishinjanya kurenga ku bwumvikane ku gahenge no guhagarika imirwano, ubu ibintu bikaba byifashe nabi, by’umwihariko muri Masisi muri iki cyumweru.
Sadiki Voltaire Batundi ukuriye sosiyete sivile ya Masisi yabwiye BBC Gahuzamiryango ko abantu bakomeje guhunga ari benshi cyane, ati: “ariko mu by’ukuri ntaho kujya bafite kuko imirwano isa n’aho iri hose bashobora kujya”.
Sadiki yemeza ko izi ntambara zirimo kuba ari uruhurirane rw'ibitero by'indege za 'drones' hamwe n'imirwano yo ku butaka.
Biragoye kugenzura mu buryo bwigenga no kwemeza amakuru y’ahafashwe n’igice runaka mu mpande zirimo kurwanira muri ibi bice by’icyaro muri Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Mu byumweru bicye bishize abarwanyi ba Wazalendo na FARDC bivugwa ko bisubije ibice bimwe na bimwe muri iyi teritwari bahakuye abarwanyi ba M23.
Gusa ‘centres’ (imijyi mito) zizwi z’iyi teritwari nka Masisi centre, Nyanzale, Rubaya cyangwa Mweso ziracyagenzurwa na M23.
Kubera iyi mirwano, Sadiki Batundi avuga ko “ibibazo ku baturage birimo kurushaho gukomera” kuko aho bahungira batahabona ubufasha.
Benjamin Mbonimpa, umunyamabanga mukuru wa AFC/M23 ashinja amahanga guceceka imbere y’ibitero by’uruhande rwa leta ya Kinshasa aho M23 igenzura.
Mu butumwa yashyize ku rubuga X yagize ati: “Tuzirengera kugeza dushyizeho amahoro n’agaciro ku banyagihugu bose”.
Igisirikare cya FARDC - gishinja icy’u Rwanda kurwana ku ruhande rwa M23 - kivuga ko atari cyo cyarenze ku gahenge kari kasabwe na Perezida Laurenço wa Angola, ko M23 ari yo yabanje gutera ibirindiro byacyo.
Izindi nkuru wasoma:
Abanya-Ghana nibura 55 baramaze kwicirwa mu ntambara muri Ukraine
Abanya-Ghana nibura 55 baramaze kwicirwa mu ntambara muri Ukraine, abandi babiri nabo bakaba ari impfungwa z’intambara, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa Ghana ajejwe imigenderanire.
Mu rugendo arimwo i Kyiv, Samuel Okudzeto Ablakwa avuga ko abanya-Ghana hafi 272 bahenzwe bakinjizwa muri iyi ntambara kuva mu 2022, asubiramwo ivyo yabwiwe n’abategetsi ba Ukraine.
Ablakwa avuga ko ibi biharuro "biteye agahinda kandi biteye ubwoba", kandi ko Ghana idashobora "kurenza uruhu rw’amaso kuri ibi biharuro bibabaje cane".
Ntavuga uruhande aba banya-Ghana bari basanzwe barwanira ariko umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire yavuze ku wa gatatu ko abantu barenga 1700 bava mu bihugu 36 vya Afrika bakoreshejwe muri iyi ntambara ku ruhande rw’Uburusiya.
Iki gitigiri c’abanya-Ghana ni co ca mbere kinini c’Abanyafrika bava mu gihugu kimwe gusa batangajwe ko bishwe cemejwe ku mugaragaro mu ntambara iri hagati ya Ukraine n’Uburusiya.
Muri uku kwezi ikigo INPACT catangaje raporo y’igendereza cakoze kivuga ko arwanyi barenga 1,400 baturutse mu bihugu 35 vya Afrika baja kurwanira Uburusiya hagati ya 2023 na 2025.
Iyo raporo ivuga ko 316 muri bob amaze gupfa kandi mu bapfuye ivugamwo Abarundi batandatu.
Tombola ya UEFA Champions League irarangiye
Iyi mikino ya 1/8 izaba tariki 10 na 11 hamwe na 17 na 18 z'ukwezi gutaha kwa Werurwe(3)
Bwa mbere mu mateka umugore wa Perezida wa Amerika agiye kuyobora akanama gashinzwe amahoro ka Loni
Melania Trump agiye kuba umukuru inama y'akanama gashinzwe amahoro ku isi ka Loni akazaba yanditse amateka akomeye atarigeze akorwa n’undi mugore wa perezida wa Amerika, nk’uko umuvugizi w'Umuryango w’Abibumbye (Loni), Stephane Dujarric, yabitangarije abanyamakuru.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu kwezi gutaha kwa Werurwe(3), zizatangira kuyobora ku buryo bw’igihe gito Akanama gashinzwe amahoro ku isi ka Loni, kagizwe n’ibihugu 15 nk’uko byatangajwe na White House/Maison Blanche (Ibiro by'umukuru w'igihugu cya Amerika).
Ibi bibaye mu gihe Perezida Trump yakomeje kunenga Loni, avuga kenshi ko uwo muryango mpuzamahanga ugizwe n’ibihugu 193 utaragera ku ntego zawo, ibintu byanatumye afata icyemezo cyo gukura Amerika ayoboye mu miryango imwe n’imwe ya Loni.
Amerika kandi ifitiye ONU amadeni abarirwa muri za miliyari z’amadolari. Kugeza mu ntangiriro z’uku kwezi, ubutegetsi bwa Trump ntiburishyura imisanzu yabwo iteganywa mu ngengo y’imari isanzwe ya Loni ya 2025.
Umunyamabanga Mukuru wa Loni, Antonio Guterres, mu mpera z’ukwezi gushize yiburiye ko Loni ishobora guhura n’“ihungabana rikomeye ry’imari riri hafi kuba” niba ibihugu byose bigize uwo muryango byishyure imisanzu yabyo.
Abakurikiranira hafi ibi, baribaza uko Melania Trump azabigenza ngo akanama ka Loni gashinzwe amahoro ku isi gashobore gukorana na Board of Peace yashinzwe n’umugabo we.
Hari impungenge ko bashobora kuzajya bagonganira mu nshingano zo kubungabunga no kugarura amahoro, gusa Trump avuga ko ibyo bitazigera bibaho.
Melania Trump w'imyaka 55 yashakanye na Donald Trump mu 2005, bafitanye umwana umwe w'umuhungu, Baron, wavutse mu 2006. Nafata uriya mwanya muri ONU, ni wo mwanya ukomeye muri politike Melania azaba agaragayemo.
Izindi nkuru wasoma:
Pakistani yateye Afghanistani: 'Twagira ni nyamugigima' – umunyagihugu aba i Kabul
Pakistani yemeje ko yakoze ibitero ku bisagara vya Afghanistani vya Kabul, umugwa mukuru, hamwe na Kandahar, mu gitero ivuga ko ari ukwishura ku bitero vy’imbere y’aha.
Umunyagihugu aba ahitwa Dashti Barchi mu karere District 6 i Kabul, atari kure y’ahabereye iki gitero ca Pakistani muri iki gisagara avuga ko inzu yiwe yajugumvye kubera ubukana bw’igiturika.
Ati: “Ubwa mbere, twibaza ngo ni nyamugigima kubera hari haciye imisi ibaye muri Kabul. Mu nyuma niho twumva igiturika kinini”.
Avuga ko ahatewe ari nko ku birometero 4 canke 5 uvuye aho aba.
Uyu munyagihugu atavugwa izina ku mvo z’umutekano wiwe avuga ko abantu baba muri ako gace ka Dashti Barchi baciye bava mu mazu yabo ubwo nyene bakaba bagumye hanze gushika buce. “Nta muntu n’umwe yasubiye kuryama. Bose bari batekewe n’ubwoba”.
Avuga ko inyuma y’iki giturika haciye haboneka indege z’intambara mu kirere ca Kabul.
“Igihe twabona izi ndege hejuru yacu, twaciye tumenya ko ari iza Pakistani”.
Ibi bitero vyakozwe amasaha makeya inyuma y’uko Pakistani itangaje ko babiri mu ngabo zayo bishwe mu gitero ca Afghanistani ku mupaka w’ibi bihugu.
Inyuma y’ibi bitero, umushikiranganji wa Pakistani ajejwe kwivuna abansi, Khawaja M Asif, mu majambo akaze, yatangaje “intambara yeruye” kuri reta y’Abatalinani muri Afghanistani.
Khawaja yanditse ku rubuga rwa X ati: "Pakistani yakoze ibishoboka vyose kugira ngo icuka kibe ciza ibicishije mu nzira y’ibiganiro bitaziguye, iciye kandi ku bihugu bigenzi.
"Ukwihangana kwacu kwarengewe. Ubu rero ni intambara yeruye hagati yacu na mwebwe".
Mosharraf Zaidi, umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, avuga ko Abatalibani 133 bishwe abandi barenga 200 barakomereka muri iki gitero cakozwe n’ingabo za Pakistani.
Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, yanditse kuri X ko hari "abandi benshi cane bakomeretse" muri ibi bitero vya Pakistan muri Afghanistani ku bisagara vya Kabul, Paktia na Kandahar.
Ariko Zabihullah Mujahid, umuvugizi w’Abatalibani, na we yanditse kuri X ko ata “n’umwe yanakomeretse” muri ibi bitero vya Pakistani.
Gusa ikiriho, ibi bitigiri biragoye guhinyuzwa.
Vyinshi kuri iyi nkuru, injira hano: Pakistani yateye Afghanistani, ni ibiki biriko biba hagati y'ibi bihugu bibiri?
Nyuma y’u Rwanda na Mauritania, DR Congo na yo yatanze umukandida ku mukuru wa Francophonie
Leta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo yatanze Juliana Amato Lumumba ngo abe umukandida ku mwanya w’Umunyamabanga Mukuru w’Umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’Igifaransa, OIF.
RD Congo ikurikiye u Rwanda na Mauritania na byo byatangaje abakandida babyo.
Juliana, umwana wa kabiri w’intwari y’ubwigenge ya Congo Patrice Lumumba, arazwi muri politike y’iki gihugu no mu kugerageza gukomeza umurage wa se.
Minisiteri y’itumanaho ya DR Congo ivuga ko yatanze kandidatire ya Juliana kuko afite ubunararibonye bw’imyaka “irenga 30 mu butegetsi, dipolomasi y’umuco, ubufatanye mpuzamahanga n’ubutegetsi mu by’ubukungu muri Afurika”.
Iyi Minisiteri yongeraho ko Juliana Lumumba ari “umuntu uzwi ku rwego rwa Afurika na mpuzamahanga”.
Lumumba yiyongereye ku bandi bakandida bamaze gutangwa n’ibihugu byabo barimo Louise Mushikiwabo watanzwe na leta y’u Rwanda mu kwezi gushize, na Coumba Bâ watanzwe na Mauritania muri uku kwezi, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Financial Afrik cyaho.
Mushikiwabo arashaka manda ya gatatu kuri uriya mwanya yatorewe kuri manda ya mbere mu 2018, no kuri manda ya kabiri mu 2022 irangira mu mpera z’uyu mwaka.
Amatora kuri uriya mwanya azabera mu nama rusange y’uyu muryango izabera i Phnom Penh muri Cambodge mu Ugushyingo(11).
Ibihugu byose bigize Francophonie byemerewe gutanga abakandida kuri uriya mwanya, igihe ntarengwa cyo gutanga abakandida ni muri Mata(4).
Juliana Lumumba ni muntu ki?
Lumumba w’imyaka 70 yavukiye mu mujyi wa Kisangani nyuma y’amezi macye gusa se Patrice atangajwe nka Minisitiri w’intebe wa mbere wa Congo ibonye ubwingenge ku Bubiligi.
Mbere gato y’uko se yicwa mu 1960 ubwo yari afite imyaka itanu yajyanywe mu Misiri aho Perezida Gamal Abdel Nasser wari inshuti ya Lumumba wabonaga urugamba rukomeye arimo, yemeye kwakira abana be na nyina.
Juliana yakuriye mu Misiri ahiga amashuri abanza, ayisumbuye na kaminuza i Cairo, mbere yo kujya gukomereza amashuri i Paris mu Bufaransa n’ubuzima mu Bubiligi.
Juliana mbere yatangaje ko mu Misiri batigeze bahabwa ibyangombwa nk’impunzi ahubwo bari abashyitsi bwite ba Perezida Nasser kandi bize mu mashuri meza kugeza barangije.
Kuva mu 1997, Laurent Kabila wari ugeze ku butegetsi yagaruye Juliana mu gihugu amugira Minisitiri w’umuco, umwanya yamazeho imyaka itanu.
Juliana Lumumba ni umwe mu mpirimbanyi za politike ya se kandi yabaye mu rugamba rwo kuvana mu Bubiligi igice gito cy’umurambo wa se (iryinyo) cyari cyarabitswe n’umwe mu bamwishe umubiri we bakawushyira muri acide ugashonga.
Izindi nkuru wasoma:
Icuka kibi hagati ya Amerika na Irani: Abahuza bavuga ko ibiganiro vy'ejo vyarangiye hatewe intambwe
Abategetsi ba reta Zunze Ubumwe za Amerika n’aba Irani bateye “intambwe ikomeye” mu biganiro bitoroshe ku mugambi wa Irani wa nikleyeri vyabereye i Genève mu Buswisi ejo ku wa kane, nk’uko bivugwa n’umushikirangani wa Omani ajejwe imigenderanire.
Hagati aho, umushikiranganji Badr Albusaidi, ari na we muhuza, avuga ko amahirwe y’uko bashobora gushika ku masezerano yotuma ata ntambara yaduka akiri kure.
Umuhuza Albusaidi avuga ko izi mpande zompi zitegekanya gusubira kwicarana “vuba” inyuma y’igikorwa c’abategetsi ba buri ruhande ukwarwo co kuvugana hagati yabo, mu nyuma hakazoba imibonano hagati y’abahinga b’izi mpande zompi mu ndwi iza i Vienne muri Autriche.
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Abbas Araghchi ari na we yari arongoye intumwa z’iki gihugu, avuga ko “intambwe nziza” yashitsweko, kandi ko habaye ukwumvikana ku bibazo bimwe bimwe, ariko ko hari ibindi batarumvikanako.
Avuga ko ibindi biganiro bizoba mu kiringo kitarenga iyinga.
Ibi biganiro vyitezwe bishobora gutuma Perezida Donald Trump ahesha mu mugambi wiwe wo gutera Irani.
Ni mu gihe yategetse ko ingabo n’ibikoresho vyegeranirizwa mu Buseruko bwo Hagati ku rugero rutari bwigere rubaho kuva igihe haba igitero cari kirongowe na Amerika kuri Irak mu 2003, Irani nayo ikaba irahira ikarengwa ko igitero ico ari co cose cokorwa na Amerika kizokwishurwa n’inguvu zidasanzwe.
Muri izi ndwi za vuba, Amerika yarungitse ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo n’ibwiranisho muri ako karere, ico Trump yise “armada”, harimwo amato abiri yikoreye indege z’intambara ayandi mato y’intambara, indege z’intambara hamwe n’indege zinyeshwa igitoro iziri mu kirere.
Haraciye imyaka mirongo Amerika na Israel vyagiriza Irani ko iriko igerageza guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara (nikleyeri) mu mpisho. Irani ibandanya ibihakana, ikavuga ko umugambi wayo wa nikleyeri ari uw’amahoro, nubwo ari co gihugu conyene kidafise ibirwanisho vya nikleyeri catunganije ubutare bwa uranium ku rugero rwegereza urukenewe kugira ngo iyi uranium ihingurwemwo ikirwanisho.
Ibi biganiro vyabaye mu biringo bibiri. Ikiringo ca mbere ni ico mu gitondo kikaba camaze amasaha atatu, ikindi gito kikaba cabaye ku mugoroba. Amerika ntaco yashotse ishikiriza ku vyavuye muri ibi biganiro.
Ntibiratomoka neza ivyo Trump asaba kugira ngo habe amasezerano yokwizerwa, kandi nta kintu kinini arakora mu gusigurira igihugu igituma hokenerwa igitero muri kino gihe, inyuma y’amezi umunani Amerika icucagiye ibibombe ku bigo vya nikleyeri vya Irani muri ca gihe c’intambara hagati ya Israel na Irani.
Irani ntishaka kwumva ibiganiro vyoyisaba guhagarika umugambi wayo wo guhingura ibisasu vya misire biraswa kure no kureka gushigikira imirwi isanzwe iha uburyo mu karere, harimwo Hamas muri Gaza, Hezbollah muri Libani, imirwi y’abarwanyi muri Irak, hamwe n’aba-Houthi bo muri Yemen.
Ayandi makuru hano:
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.