IKIBIRIRAHO, Nyuma y’u Rwanda na Mauritania, DR Congo na yo yatanze umukandida ku mukuru wa Francophonie

Umukobwa w'intwari ya Congo, Patrice Lumumba, ni we iki gihugu cyatanze nk'umukandida uzahatana n'abarimo Mushikiwabo na Coumba Bâ

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Samba Cyuzuzo

  1. Bwa mbere mu mateka umugore wa Perezida wa Amerika agiye kuyobora akanama gashinzwe amahoro ka Loni

    Melania Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Melaniya Trump agiye kuyobora inama y'akanama gashinzwe amahoro ka Loni akazaba yanditse amateka akomeye atarigeze akorwa n’undi mugore wa perezida wa Amerika, nk’uko umuvugizi w'Umuryango w’Abibumbye (Loni), Stephane Dujarric, yabitangarije abanyamakuru.

    Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva muri Werurwe(3) 2026, zizatangira kuyobora ku buryo bw’igihe gito Akanama gashinzwe amahoro ka Loni, kagizwe n’ibihugu 15 nk’uko byatangajwe na White House/Maison Blanche (Ibiro by'umukuru w'igihugu cya Amerika).

    Ibi bibaye mu gihe Perezida Trump yakomeje kunenga Loni, avuga kenshi ko uwo muryango mpuzamahanga ugizwe n’ibihugu 193 utaragera ku ntego n’ubushobozi byawo, ibintu byanatumye afata icyemezo cyo gukura Amerika ayoboye mu miryango imwe n’imwe ya Loni,

    Amerika kandi ifitiye United Nations amadeni abarirwa muri za miliyari z’amadolari. Kugeza mu ntangiriro z’uku kwezi, ubuyobozi bwa Trump ntibwari bwari bwishyura imisanzu yabwo iteganywa mu ngengo y’imari isanzwe ya Loni ya 2025, uretse miliyoni 160 z’amadolari yigeze gutanga, ni ukuvuga hafi 4% by’amafaranga agera kuri miliyari hafi enye z’amadolari Amerika ibereyemo Loni muri rusange, harimo n’ayagenerwaga ibikorwa byo kubungabunga amahoro.

    Umunyamabanga Mukuru wa Loni, Antonio Guterres, mu mpera z’ukwezi gushize yihanangirije ko Loni ishobora guhura n’“ihungabana rikomeye ry’imari riri hafi kuba” niba amategeko agenga imari atavuguruwe cyangwa ngo ibihugu byose bigize uwo muryango byishyure imisanzu yabyo.

    Abakurikiranira hafi ibi, baribaza uko Melania Trump azabigenza ngo akanama ka Loni gashinzwe amahoro gashobore gukorana na Board of Peace yashinzwe n’umugabo we, cyane ko bivugwa ko bashobora kuzajya bagonganira mu nshingano zo kubungabunga no kugarura amahoro. Gusa Trump we avuga ko ibyo bitazigera bibaho.

    Igihugu cyose kiyoboye Akanama mu kwezi runaka kigira ububasha bwo guhitamo insanganyamatsiko z’inama zimwe na zimwe z’ingenzi kiba giteguye.

    Dujarric yavuze ko Umuyobozi ushinzwe ibya politiki muri Loni, Rosemary DiCarlo, ari we uzatanga ibisobanuro mu izina ry’Umunyamabanga Mukuru muri iyo nama yo ku wa mbere izayoborwa n’Umufasha wa Perezida, yiswe ku mugaragaro “Abana, Ikoranabuhanga n’Uburezi mu bihe by’Intambara.”

  2. Pakistani yateye Afghanistani: 'Twagira ni nyamugigima' – umunyagihugu aba i Kabul

    Imodoka yasambuwe

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Pakistani yemeje ko yakoze ibitero ku bisagara vya Afghanistani vya Kabul, umugwa mukuru, hamwe na Kandahar, mu gitero ivuga ko ari ukwishura ku bitero vy’imbere y’aha.

    Umunyagihugu aba ahitwa Dashti Barchi mu karere District 6 i Kabul, atari kure y’ahabereye iki gitero ca Pakistani muri iki gisagara avuga ko inzu yiwe yajugumvye kubera ubukana bw’igiturika.

    Ati: “Ubwa mbere, twibaza ngo ni nyamugigima kubera hari haciye imisi ibaye muri Kabul. Mu nyuma niho twumva igiturika kinini”.

    Avuga ko ahatewe ari nko ku birometero 4 canke 5 uvuye aho aba.

    Uyu munyagihugu atavugwa izina ku mvo z’umutekano wiwe avuga ko abantu baba muri ako gace ka Dashti Barchi baciye bava mu mazu yabo ubwo nyene bakaba bagumye hanze gushika buce. “Nta muntu n’umwe yasubiye kuryama. Bose bari batekewe n’ubwoba”.

    Avuga ko inyuma y’iki giturika haciye haboneka indege z’intambara mu kirere ca Kabul.

    “Igihe twabona izi ndege hejuru yacu, twaciye tumenya ko ari iza Pakistani”.

    Ibi bitero vyakozwe amasaha makeya inyuma y’uko Pakistani itangaje ko babiri mu ngabo zayo bishwe mu gitero ca Afghanistani ku mupaka w’ibi bihugu.

    Inyuma y’ibi bitero, umushikiranganji wa Pakistani ajejwe kwivuna abansi, Khawaja M Asif, mu majambo akaze, yatangaje “intambara yeruye” kuri reta y’Abatalinani muri Afghanistani.

    Khawaja yanditse ku rubuga rwa X ati: "Pakistani yakoze ibishoboka vyose kugira ngo icuka kibe ciza ibicishije mu nzira y’ibiganiro bitaziguye, iciye kandi ku bihugu bigenzi.

    "Ukwihangana kwacu kwarengewe. Ubu rero ni intambara yeruye hagati yacu na mwebwe".

    Mosharraf Zaidi, umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, avuga ko Abatalibani 133 bishwe abandi barenga 200 barakomereka muri iki gitero cakozwe n’ingabo za Pakistani.

    Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, yanditse kuri X ko hari "abandi benshi cane bakomeretse" muri ibi bitero vya Pakistan muri Afghanistani ku bisagara vya Kabul, Paktia na Kandahar.

    Ariko Zabihullah Mujahid, umuvugizi w’Abatalibani, na we yanditse kuri X ko ata “n’umwe yanakomeretse” muri ibi bitero vya Pakistani.

    Gusa ikiriho, ibi bitigiri biragoye guhinyuzwa.

  3. Nyuma y’u Rwanda na Mauritania, DR Congo na yo yatanze umukandida ku mukuru wa Francophonie

    Mushikiwabo, Coumba na Lumumba nibo bakandida bamaze gutangwa n'ibihugu byabo
    Insiguro y'isanamu, Mushikiwabo, Coumba na Lumumba nibo bakandida bamaze gutangwa n'ibihugu byabo

    Leta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo yatanze Juliana Amato Lumumba ngo abe umukandida ku mwanya w’Umunyamabanga Mukuru w’Umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’Igifaransa, OIF.

    RD Congo ikurikiye u Rwanda na Mauritania na byo byatangaje abakandida babyo.

    Juliana, umwana wa kabiri w’intwari y’ubwigenge ya Congo Patrice Lumumba, arazwi muri politike y’iki gihugu no mu kugerageza gukomeza umurage wa se.

    Minisiteri y’itumanaho ya DR Congo ivuga ko yatanze kandidatire ya Juliana kuko afite ubunararibonye bw’imyaka “irenga 30 mu butegetsi, dipolomasi y’umuco, ubufatanye mpuzamahanga n’ubutegetsi mu by’ubukungu muri Afurika”.

    Iyi Minisiteri yongeraho ko Juliana Lumumba ari “umuntu uzwi ku rwego rwa Afurika na mpuzamahanga”.

    Lumumba yiyongereye ku bandi bakandida bamaze gutangwa n’ibihugu byabo barimo Louise Mushikiwabo watanzwe na leta y’u Rwanda mu kwezi gushize, na Coumba Bâ watanzwe na Mauritania muri uku kwezi, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Financial Afrik cyaho.

    Mushikiwabo arashaka manda ya gatatu kuri uriya mwanya yatorewe kuri manda ya mbere mu 2018, no kuri manda ya kabiri mu 2022 irangira mu mpera z’uyu mwaka.

    Amatora kuri uriya mwanya azabera mu nama rusange y’uyu muryango izabera i Phnom Penh muri Cambodge mu Ugushyingo(11).

    Ibihugu byose bigize Francophonie byemerewe gutanga abakandida kuri uriya mwanya, igihe ntarengwa cyo gutanga abakandida ni muri Mata(4).

    Juliana Lumumba yabaye Minisitiri w'umuco muri DR Congo kuri leta ya Laurent Desiré Kabila

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Juliana Lumumba yabaye Minisitiri w'umuco muri DR Congo kuri leta ya Laurent Desiré Kabila

    Juliana Lumumba ni muntu ki?

    Lumumba w’imyaka 70 yavukiye mu mujyi wa Kisangani nyuma y’amezi macye gusa se Patrice atangajwe nka Minisitiri w’intebe wa mbere wa Congo ibonye ubwingenge ku Bubiligi.

    Mbere gato y’uko se yicwa mu 1960 ubwo yari afite imyaka itanu yajyanywe mu Misiri aho Perezida Gamal Abdel Nasser wari inshuti ya Lumumba wabonaga urugamba rukomeye arimo, yemeye kwakira abana be na nyina.

    Juliana yakuriye mu Misiri ahiga amashuri abanza, ayisumbuye na kaminuza i Cairo, mbere yo kujya gukomereza amashuri i Paris mu Bufaransa n’ubuzima mu Bubiligi.

    Juliana mbere yatangaje ko mu Misiri batigeze bahabwa ibyangombwa nk’impunzi ahubwo bari abashyitsi bwite ba Perezida Nasser kandi bize mu mashuri meza kugeza barangije.

    Kuva mu 1997, Laurent Kabila wari ugeze ku butegetsi yagaruye Juliana mu gihugu amugira Minisitiri w’umuco, umwanya yamazeho imyaka itanu.

    Juliana Lumumba ni umwe mu mpirimbanyi za politike ya se kandi yabaye mu rugamba rwo kuvana mu Bubiligi igice gito cy’umurambo wa se (iryinyo) cyari cyarabitswe n’umwe mu bamwishe umubiri we bakawushyira muri acide ugashonga.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Icuka kibi hagati ya Amerika na Irani: Abahuza bavuga ko ibiganiro vy'ejo vyarangiye hatewe intambwe

    Ibiganro

    Ahavuye isanamu, Foreign Ministry of Oman

    Abategetsi ba reta Zunze Ubumwe za Amerika n’aba Irani bateye “intambwe ikomeye” mu biganiro bitoroshe ku mugambi wa Irani wa nikleyeri vyabereye i Genève mu Buswisi ejo ku wa kane, nk’uko bivugwa n’umushikirangani wa Omani ajejwe imigenderanire.

    Hagati aho, umushikiranganji Badr Albusaidi, ari na we muhuza, avuga ko amahirwe y’uko bashobora gushika ku masezerano yotuma ata ntambara yaduka akiri kure.

    Umuhuza Albusaidi avuga ko izi mpande zompi zitegekanya gusubira kwicarana “vuba” inyuma y’igikorwa c’abategetsi ba buri ruhande ukwarwo co kuvugana hagati yabo, mu nyuma hakazoba imibonano hagati y’abahinga b’izi mpande zompi mu ndwi iza i Vienne muri Autriche.

    Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Abbas Araghchi ari na we yari arongoye intumwa z’iki gihugu, avuga ko “intambwe nziza” yashitsweko, kandi ko habaye ukwumvikana ku bibazo bimwe bimwe, ariko ko hari ibindi batarumvikanako.

    Avuga ko ibindi biganiro bizoba mu kiringo kitarenga iyinga.

    Ibi biganiro vyitezwe bishobora gutuma Perezida Donald Trump ahesha mu mugambi wiwe wo gutera Irani.

    Ni mu gihe yategetse ko ingabo n’ibikoresho vyegeranirizwa mu Buseruko bwo Hagati ku rugero rutari bwigere rubaho kuva igihe haba igitero cari kirongowe na Amerika kuri Irak mu 2003, Irani nayo ikaba irahira ikarengwa ko igitero ico ari co cose cokorwa na Amerika kizokwishurwa n’inguvu zidasanzwe.

    Muri izi ndwi za vuba, Amerika yarungitse ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo n’ibwiranisho muri ako karere, ico Trump yise “armada”, harimwo amato abiri yikoreye indege z’intambara ayandi mato y’intambara, indege z’intambara hamwe n’indege zinyeshwa igitoro iziri mu kirere.

    Haraciye imyaka mirongo Amerika na Israel vyagiriza Irani ko iriko igerageza guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara (nikleyeri) mu mpisho. Irani ibandanya ibihakana, ikavuga ko umugambi wayo wa nikleyeri ari uw’amahoro, nubwo ari co gihugu conyene kidafise ibirwanisho vya nikleyeri catunganije ubutare bwa uranium ku rugero rwegereza urukenewe kugira ngo iyi uranium ihingurwemwo ikirwanisho.

    Ibi biganiro vyabaye mu biringo bibiri. Ikiringo ca mbere ni ico mu gitondo kikaba camaze amasaha atatu, ikindi gito kikaba cabaye ku mugoroba. Amerika ntaco yashotse ishikiriza ku vyavuye muri ibi biganiro.

    Ntibiratomoka neza ivyo Trump asaba kugira ngo habe amasezerano yokwizerwa, kandi nta kintu kinini arakora mu gusigurira igihugu igituma hokenerwa igitero muri kino gihe, inyuma y’amezi umunani Amerika icucagiye ibibombe ku bigo vya nikleyeri vya Irani muri ca gihe c’intambara hagati ya Israel na Irani.

    Irani ntishaka kwumva ibiganiro vyoyisaba guhagarika umugambi wayo wo guhingura ibisasu vya misire biraswa kure no kureka gushigikira imirwi isanzwe iha uburyo mu karere, harimwo Hamas muri Gaza, Hezbollah muri Libani, imirwi y’abarwanyi muri Irak, hamwe n’aba-Houthi bo muri Yemen.

    Ayandi makuru hano:

  5. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.