DRC: Bari bagize ubwoba ko iryinyo ry'inzahabu rya Lumumba ryibwe inyuma y'isamburwa ry'intatemwa yiwe

Iryinyo ryiwe ry'inzahabu ryashinguwe muri iyi ntatemwa inyuma y'aho risubijwe muri RD Congo mu 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Iryinyo ry'inzahabu rya Patrice Lumumba ryashinguwe muri iyi ntatemwa inyuma y'aho risubijwe muri RD Congo mu 2022
    • Umwanditsi, Emery Makumeno i Kinshasa & Danai Nesta Kupemba i London
    • Igikorwa, BBC News

Iryinyo ry’inzahabu rya Patrice Lumumba, incungu y’ukwikukira kwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, riri mu mutekano kandi ntiryibwe, nk’uko umukobwa wiwe yabibwiye BBC.

Iyi nkuru ije guhumuriza iki gihugu cari gifise ubwoba bw’uko ibisigarira vy’uno yabaye umushikiranganji wa mbere w’igihugu wa mbere kandi yubashwe cane vyoba vyari vyasahuwe inyuma y’aho intatemwa yiwe iri ku mugwa mukuru Kinshasa isamburiwe ku wa mbere mw’ijoro.

Juliana Lumumba avuga ko impungenge bagize imbere y'aha ku bijanye n’umutekano w’ino ntatemwa zatumye uno muryango wimurira iryo rinyo ahantu hatekanye gusumba.

Haraciye imyaka ibiri gusa Ububirigi bwahoze butwara gikoloni iki gihugu busubije umuryango wa Lumumba iri ryinyo - rikaba ryari ryabitswe mu nyubakwa idasanzwe y’icibutso.

Lumumba yari umuntu yakundwa, atari mu gihugu ciwe gusa, ariko ku mugabane wose wa Afrika, kubera atarya umunwa mu kunegura ubukoloni - mbere akaba yabaye ikimenyetso co kurwanira iteka rya Afrika.

Yabonwa nk'ikimenyetso c'impinduka n'ivyizigiro inyuma y'imyaka y'ubugome igihugu camaze mu bukoloni bw'Ububirigi, aho amamiriyoni n'amamiriyoni y'Abakongomani bishwe canke bagakubagurwa.

Ariko haciye amezi make gusa igihugu kironse intahe yo kwikukira mu 1960 ciganzuye Ababirigi, yarabogojwe nk'umushikiranganji wa mbere.

Ku myaka 35, yarishwe arashwe muri Nzero (1) 1961, n'umurwi w'abarashi bazwi ko bari bashigikiwe n'Ububirigi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikiziga ciwe caciye giturirwa muri aside (acide), ariko umupolisi w'Umubirigi yitwa Gerard Soete, ari na we yahagarariye iki gikorwa co kuzimanganya izina rya Lumumba, yarabitse iri ryinyo nk’icibutso c’aka gahomerabunwa.

Isubizwa ry'iri ryinyo ry'inzahabu rya Lumumba muri Ruheshi (6) 2022 wabaye umunezero muri RD Congo - rikaba mbere ryarazungurukanywe muri iki gihugu cose kinini cane kugira ngo abanyagihugu bashobore guha icubahiro ino ntwari yabo.

Isamburwa ry'iyi ntatemwa ryateje uburakari bwinshi mu banyagihugu - mbere igihe umushikiranganji w’imico kama Yolande Elebe Mandembo yatangaza ku wa kabiri ko itohoza ryatanguye, benshi baragize ubwoba ko ibara rishobora kuba ryaraguye.

Amashusho yakwiragijwe yerekana ko urugi rw’ikiyo rwari rwamenaguwe kugira ngo bashobore kwinjira mu cumba carimwo isandugu ibitswemwo iri ryinyo umuntu yashobora kubona.

Ariko, umupfasoni Lumumba yarahumurije abanyagihugu ejo ku wa gatatu - aho yavuze ko iryinyo rya se wiwe ritari muri iyi ntatemwa igihe yabomorwa.

Nubwo biri uko, yabwiye BBC ko yumva "ishavu n'umubabaro" kubona imva ya se wiwe yarasuzuguwe.

Iryinyo ry'inzahabu rya Patrice Lumumba - ryafotowe mu 2016 - ryari ribitswe ahadata n'umupolisi w'Umubirigi Gerard Soete

Ahavuye isanamu, Jelle Vermeersch

Insiguro y'isanamu, Iryinyo ry'inzahabu rya Patrice Lumumba - ryafotowe mu 2016 - ryari ribitswe ahadata n'umupolisi w'Umubirigi Gerard Soete

Ku myaka 69 uno musi, yaramaze igihe kitari gito agerageza kwumvisha Ububirigi ko bwosubiza iri ryinyo.

Ati: "Patrice Lumumba yaritangiye ubwigenge n'ukwikukira kw'igihugu ciwe n'Abakongomani.

"Ibi ni ibiterasoni ku muco wacu usanzwe wubaha imva z'abakundwa bacu bapfuye".

Abategetsi b'iki gihugu bavuga ko abantu bane bamaze guhagarikwa bikekwa ko ari bo bakoze ubu bubisha, ariko amazina yabo ntiyashizwe ku mugaragaro.

Umupfasoni Lumumba avuga ko ishirahamwe Lumumba Foundation ryipfuza gufata mu minwe iyi ntatemwa kubera ubwoba bafise ku mutekano wayo, kandi rimaze igihe rigerageza kuvyumvisha reta.