Gutanga iryinyo rya Patrice Lumumba, mwishwawe ati 'ni intambwe ikomeye'

Patrice Lumumba

Ahavuye isanamu, Congo Museum

Insiguro y'isanamu, Patrice Lumumba yagandaguwe mu kwezi kwa mbere 1961 haciye amezi makeya Congo ironse intahe y'ukwikukira ku wa 30/06/1960

Na Marc Niyonkuru/ BBC Gahuzamiryango

Sentare yo mu Bubiligi yategetse ko umuryango wa Patrice Emery Lumumba afatwa nk'intwari muri Afrika, usubizwa iryinyo ryiwe.

Umuryango wiwe uvuga ko ari "intambwe ikomeye".

Patrice Lumumba yabaye umushikiranganji wa mbere wa Congo imaze kuronka intahe y'ukwikukira mu 1960, yagandaguwe mu kwezi kwa mbere 1961.

Leta y'Ububiligi yagize uruhara mw'igandagurwa ryiwe kandi mu 2002 yasavye ikigongwe Congo mu buryo bw'inyandiko.

Abasumyi b'urusaku b'Abongereza n'Abanyamerika nabo bivugwa ko babigizemwo uruhara.

Iryinyo rya Patrice Lumumba bivugwa ko ryatwawe n'umupolisi w'Umubiligi yageze ku kiziga ciwe ahejeje kugandagurwa nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Jean Jacques Lumumba, umwishwa wa Emery Lumumba, yabwiye BBC ko kuba sentare yo mu Bubiligi yemeje ko umuryango wabo uhabwa iryo ryinyo ari intambwe ikomeye.

Jean Jacques avuga ko umuryango wabo userukiwe n'umukobwa Emery Lumumba yitwa Juliana Lumumba, mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka wandikiye umwami w'Ububiligi umumenyesha ko ukeneye kumenya ukuri ku rupfu rwa Lumumba.

Jean Jacques avuga ko umupolisi yitwa Gérard Soete yagumanye iryinyo rya Lumumba akaba yari akirifise gushika aryambuwe n'abategetsi.

Mu 2000, Gérard Soete yari mu kigero c'imyaka hejuru ya 80 ico gihe yavuze ko ikiziga ca Lumumba bagicagaguye bagashira muri aside (acide) hagasigara amenyo makeya.

Bwana Soete yari yaragumanye rimwe muri ayo menyo aza kuryamburwa na leta. Soete yapfuye hashize imyaka micye atanze ubwo buhamya.

Emery Lumumba yagandaguwe hamwe n'abandi bagenzi biwe babiri. Yari afise imyaka 35.

Jean Jacques avuga ko iki gikorwa c'Ububiligi co kubaha iryinyo ryiwe kizotuma ukuri ku rupfu rw'abo bagenzi ba Lumumba babiri, nabo yita "intwari", kumenyekana.

Emery Lumumba yaharaniye ukwikukira kwa Congo imbere y'Ububiligi, ni we mushikiranganji wa mbere wa Congo yatowe mu matora rusangi.

Afatwa nk'intwari muri Afurika.

Jean Jacques Lumumba avuga ko umuryango wabo uzobandanya kurondera ukuri kw' igandagurwa rya Lumumba na bagenzi biwe.