Pakistani yateye Afghanistani, ni ibiki biriko biba hagati y'ibi bihugu bibiri?

Igihe co gusoma: iminota 3

Umushikiranganji wa Pakistan wo kwivuna abansi yatangaje ko iki gihugu kinjiye "icese mu ntambara" na Afghanistan, inyuma y'uko leta ya Islamabad itanguje ibitero vy'indege muri Afghanistan.

Umushikiranganji Khawaja Muhammad Asif yavuze ati: "Kwihangana kwacu kwaheze".

Ibi bitero bije inyuma y'uko leta y'Abataliban muri Afghanistan itangaje ibitero bikomeye ku birindiro vy'ingabo za Pakistan hafi y'urubibe mw'ijoro ryo kuwa kane.

Pakistani yemeje ko yakoze ibitero ku bisagara vya Afghanistani vya Kabul, umugwa mukuru, hamwe na Kandahar, mu gitero ivuga ko ari ukwishura ku bitero vy'imbere y'aha.

Ibi bitero vyakozwe amasaha makeya inyuma y'uko Pakistani itangaje ko babiri mu ngabo zayo bishwe mu gitero ca Afghanistani ku mupaka w'ibi bihugu.

Inyuma y'ibi bitero, umushikiranganji wa Pakistani ajejwe kwivuna abansi, Khawaja M Asif, mu majambo akaze, yatangaje "intambara yeruye" kuri reta y'Abatalinani muri Afghanistani.

Khawaja yanditse ku rubuga rwa X ati: "Pakistani yakoze ibishoboka vyose kugira ngo icuka kibe ciza ibicishije mu nzira y'ibiganiro bitaziguye, iciye kandi ku bihugu bigenzi.

"Ukwihangana kwacu kwarengewe. Ubu rero ni intambara yeruye hagati yacu na mwebwe".

Mosharraf Zaidi, umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, avuga ko Abatalibani 133 bishwe abandi barenga 200 barakomereka muri iki gitero cakozwe n'ingabo za Pakistani.

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, yanditse kuri X ko hari "abandi benshi cane bakomeretse" muri ibi bitero vya Pakistan muri Afghanistani ku bisagara vya Kabul, Paktia na Kandahar.

Ariko Zabihullah Mujahid, umuvugizi w'Abatalibani, na we yanditse kuri X ko ata "n'umwe yanakomeretse" muri ibi bitero vya Pakistani.

Gusa ikiriho, ibi bitigiri biragoye guhinyuzwa.

Uru rwanko rwamuka he?

Intambara hagati y'ibi bihugu bibiri ifise amamuko ku mishamirano yadutse mu mwaka wa 1947 ishingiye ku butaka hamwe no ku banyagihugu bo mu bwoko bw'aba-Pashtun barangwa ku mpande zompi z'ibi bihugu.

Ibintu vyagiye bihindagurika uko imyaka yagiye igenda, mbere igihe Amerika itera ikanomora Abatalibani ku butegetsi mu 2001 muri Afghanistani, Pakistani yagirijwe ko yahaye idaro abategetsi b'Abatalibani.

Igihe basubira gufata igihugu mu 2021, Pakistani yararyohewe cane bagishika, ariko icuka kibi nticatevye gusubira kwaduka, biturutse ku mugwi w'inyeshamba uzwi nka Tehrik i Taliban Pakistan (TTP) bivugwa ko ukoresha ubutaka bwa Afghanistani mu gukora ibitero vyawo muri Pakistani.

Muri Gitugutu (10) 2025, Pakistani yakoze igitero co mu kirere ku mugwa mukuru wa Afghanistani, Kabul, irondera umukuru w'uno muhari TTP, Noor Wali Mehsud, inyuma y'igitero cawo cahitanye abantu muri Pakistani. Ico gihe, Afghanistani yaciye yihora mu gitero cahitanye ingabo n'abasivire ku mpande zompi.

Ico gihe, ibi bihugu vyarashitse ku masezerano y'agahengwe, ariko nticabujije ko kaza karacamwo hakaduka imishamirano, ibi bitero vyo muri kano gatondo bikaba vyinjira mu rukurikirane rw'ibindi vyabaye muri iyi misi ya vuba hagati ya Pakistan na Afghanistan.

Mu ndwi iheze, Pakistani yakoze ibitero bitari bike kuri Afghanistani, Abatalibani bakavuga ko vyahitanye abantu nibura 18, harimwo abagore n'abana.

Islamabad (ubutegetsi bwa Pakistani) yemeza ko ibi bitero vyakozwe ku makambi indwi avugwa ko ari ay'inyeshamba zirwanya ubutegetsi bwa Pakistani hafi y'urubibe ibi bihugu bihana, kandi ko vyakozwe inyuma y' ibitero vy'ubwiyahuzi biheruka muri Pakistani. Ni mu gihe Kabul yoyo ivuga ko amazu y'abasivire n'amashure ari vyo vyatewe, abagore n'abana bakaba bari mu bishwe.

Abatalibani bavuga ko bakoze igitero kinini co kwishura, ejo ku wa kane bakaba bavuze ko cahitanye ingabo "zitari nke" za Pakistani, ibi bikaba bihakanwa n'umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere wa Pakistani.

Muri iki gitero co mu gaturuturu ko kuri uno wa gatanu, Mosharraf Zaidi, umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, avuga ko ibitero vy'igisirikare c'iki gihugu vyasambuye ibirindiro 27 vya gisirikare vy'Abatalibani, ibindi icenda birafatwa.

Avuga kandi ko vya bimodoka vy'intambara bitaraswa n'amasasu asanzwe (chars/tanks) birenga 80 vyasambuwe, hamwe n'ibikoho vya muzinga be n'imodoka za gisirikare zunguruza ingabo.

Yanditse kuri X ati: "Inyishu yihuta ya Pakistani ku gasotoro irabandanya".

Ni mu gihe ubushikiranganji bw'Abatalibani bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko mw'ijoro buca ari ku wa kane bwari bwafashe ibirindiro 19 hamwe n'ibigo bibiri vya gisirikare vya Pakistani. Buvuga kandi ko ingabo 55 za Pakistani zishwe.

Aya makuru aragoye kwemezwa mu gihe muri iyi mishamirayo ya vuba buri ruhande rugenda rwemera ko rwahashije urundi, mu gihe rwo ruvuga ko ata vyinshi vyononekaye.