Abakozi 10 ba FBI bakoze amatohoza kuri Trump birukanywe ata nsiguro

Igihe co gusoma: iminota 2

FBI yirukanye abakozi bagera hafi ku 10, bose bari bagize uruhara mu matohoza yerekeye ingene Donald Trump yacunze inyandiko z'ibanga inyuma y'ukuva ku butegetsi mu kiringo ciwe ca mbere.

Iryo yirukanwa ryabaye ku wa Gatatu ryemejwe na CBS News, umufatanyabikorwa wa BBC muri Amerika.

Vyatangajwe haheze akanya gatoyi umuhuzabikorwa mukuru wa FBI Kash Patel abwiye Reuters ko abajejwe umutekano b'igihugu bari basavye indinganizo z'ukuntu telefone yiwe yakoreshejwe igihe yari umunyagihugu asanzwe, mu matohoza yerekeye izo nyandiko.

Susie Wiles, ubu asanzwe ariwe atwara abakozi mu biro vy'umukuru w'igihugu , na we nyene indinganizo z'ukuntu telefone yiwe yakoreshejwe zari zasabwe igihe yari umuntu asanzwe, mu bijanye n'ayo matohoza.

Patel nta kimenyetso na kimwe yatanze cerekana ko abo bakozi ba FBI birukanywe bari bagize amakosa.

Inyuma y'aho Trump aviriye ku butegetsi mu 2021, umushikirizamanza adasanzwe Jack Smith yaruguruye amatohoza abiri kuri prezida Trump. Amwe muri yo yari ajanye n'ukumenya nimba Trump yagerageje guhindura ivyavuye mu matora yo mu 2020.

Ayandi yari yerekeye impapuro z'ibanga Trump yazanye mu rugo rwiwe rwa Mar-a-Lago muri Florida hamwe n'utwigoro twiwe two kubuza ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Amerika kuzitora.

Abakozi ba FBI bahagaritswe ku musi wa gatatu bose bagize uruhara muri urwo rubanza rw'ibanga.

BBC yasavye FBI kugira ngo igire ico ibivugako.

Umugwi uharanira agateka ka zina muntu uhagarariye abakozi ba FBI b'ubu n'abahoze ari abakozi bariyamirije ukwo kwirukanwa. Bagie bati : "Ivyo bikorwa bigabanya inguvu za FBI kuko bikuraho ubunararibonye bw'ingenzi kandi bigateza umutekano muke mu bakozi, bigatuma icizere ku butegetsi kigabanuka kandi bigashira mu bibazo ubushobozi bw'ivyo biro gushika ku migambi yayo yo kwinjiza abakozi bashasha , hanyuma ivyo bigashira igihugu mu kaga gakomeye."

Trump na bagenzi biwe babiri bagirizwa mu 2023, inyuma y'amatohoza ya Smith kuri izo mpapuro z'ibanga.

Mu mwaka w'2024, umucamanza wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Florida yarahevye urubanza rwa Trump, amaze kubona ko Smith yashinzwe mu buryo butemewe n'amategeko.

Uyu mwaka, sentare y'iyungururizo ya Georgia yarahevye urubanza rw'abaregwa babiri ba nyuma bisabwe n'igisata c'ubutungane ca Trump. Kuva Trump asubiye ku butegetsi, igisata c'ubutungane na FBI vyarirukanye abakozi bari mu bikorwa vy'ugutohoza ubutegetsi bwiwe.

Igisata c'ubutungane kandi caragerageje gukurikirana ibirego vy'uwahoze ari umuyobozi wa FBI James Comey, uwo Trump yirukanye mu kiringo ciwe ca mbere mu 2017, n'umuvugizi mukuru wa New York Letitia James, yarongoye urubanza rw'ubusuma rwagirizwamwo Trump.