France: Uwahoze ari umushoferi muri jenoside mu Rwanda yaciriwe nanone gupfungwa imyaka 14

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Paris - France
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Sentare iburanisha ivyaha bikomeye (Cour d'assise) y'i Paris mu Bufaransa yaciriye umunyororo w'imyaka 14 umugabo yahoze ari umushoferi mu Rwanda imuhamije uruhara muri jenoside.

Claude Muhayimana yari mu cumba c'iyi sentare gushika mw'ijoro umumenyashamanza atangura gusoma icemezo c'iyi sentare ya rubanda, icemezo muri sentare z'Ubufaransa kitagira iyungururizo.

Imyaka 14 y'umunyororo yaciriwe niyo yari yahawe n'iyindi sentare y'aha mu Bufaransa no mu 2021 imbere y'uko yunguruza.

Muhayimana w'imyaka 65 kandi waronse ubwenegihugu bw'Ubufaransa, yaburanye ahakana ivyaha yagirijwe.

Mu rubanza rumaze hafi indwi zine abatangabuhamya, abahinga mu vy'amateka, abahinga mu buvuzi bw'indwara zo mu mutwe, abarokotse jenoside hamwe n'abavuye i Kigali barumvirijwe.

Iyi sentare yumvirije uruhande rwa Muhayimana yumviriza n'uruhande rw'abamwagiriza rworwo rwamusabiye gupfungwa imyaka 15.

Muhayimana yagiriwe n'uruhare mu gutwara mu modoka Interahamwe zishe Abatutsi mu burengero bw'u Rwanda mu misozi ya Bisesero, n'i Nyamishaba mu cahoze ari prefecture ya Kibuye.

Umucamanza ahejeje gusoma icemezo ca Sentare, Muhayimana yunamye akororora amosozi imbere yuko abajejwe umutekano bamutwara ko mufunga.

Mu 2011 niho Reta y'Urwanda yasohora imitahe yo guhagarika Muhayimana wari warahungiye mu Bufaransa, inyuma yo kumvirizwa sentare y'iyungururizo y'i Paris yaranse ko yoherezwa i Kigali.

Mu 2013 ishirahamwe Collectif des parties civiles pour le Rwanda ryatangujwe n'umunyarwandakazi Dafroza Gauthier n'umugabo wiwe Alain Guathier ryarituye sentare kugira Muhayimana aburanishirizwe mu Bufaransa.