Perezida Trump wa Amerika avuga ko ariko yihweza ingene yokora igitero ca gisirikare gitoya kuri Irani

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, Umunyamakuru muri Maison Blanche
    • Umwanditsi, Cachella Smith
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ariko arihweza ingene yokora igitero gito kuri Irani mu ntumbero yo guhatira abategetsi bayo kwemera amasezerano yo guhagarika umugambi wayo wa nikleyeri.

Yavuze ibi mu kwishura ikibazo yabajijwe n'umunyamakuru amasaha makeya inyuma y'uko hari abategetsi ba Amerika bavuze ko hashobora kuba igitero.

Ku wa kane, Trump yavuze ko isi ishobora kuzomenya "nimba kumbure nko mu misi cumi iri imbere" hashobora kuba aya masezerano, canke nimba Amerika izokoresha inguvu za gisirikare. Ni mu gihe kuva muri izi ndwi za vuba ibandanya yegeranya ingabo n'ibikoresho mu karere.

Amerika n'incuti zayo za Bulaya zikeka ko Irani iriko itera ija kw'ihingurwa ry'ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara, ivyo Irani idahengeshanya kwamirira kure.

Abategetsi ba Amerika na Irani baramaze guhurira mu Buswisi kuri iki kibazo, aho bavuga ko hari intambwe imaze gushikwako.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Abbas Araghchi yavuze ko Irani iriko irategura "integuro y'amasezerano" kandi ko izoyishikiriza intumwa idasanzwe ya Amerika Steve Witkoff mu misi mike iri imbere.

Ibi biganiro vy'i Genève mu Buswisi vyabaye mu gihe ingabo za Amerika zabandanya zishinga imizi mu micungararo ya Irani.

Mu bikoresho biriko birungikwa harimwo ubwato bw'intambara bwa mbere bunini kw'isi, buzwi nka USS Gerald R Ford, bwasa n'ubwariko bwerekeza muri ako karere.

Ubwato USS Abraham Lincoln bwikorera indege z'intambara na bwo nyene buriko burashikayo, aho busanga ayandi mato n'indege vy'intambara bibandanya vyisukira.

Amasanamu y'ibigendajuru yerekana kandi ko Irani iriko iratsimbataza ibigo vyayo vya gisirikare, mbere n'indongozi y'ikirenga y'iki gihugu, Ayatollah Ali Khamanei, akaba yasohoye ubutumwa ku mbuga hwaniro atera ubwoba ingabo za Amerika.

Bumwe muri ubu butumwa bugira buti: "Perezida wa Amerika yama avuga ngo yarungitse ubwato bw'intambara mu micungararo ya Irani. Ni vyo, ubwato bw'intambara ni kimwe mu bikoresho vya gisirikare biteza akaga".

Trump arakunze kwakira ibibazo vy'abanyamakuru incuro zitari nke buri yinga - kenshi mu biro vy'umukuru w'igihugu canke mu ndege irerura umukuru w'igihugu, Air Force One – ariko ivyo avuga si ukuvuga ko vyama bija mu ngiro, mbere kenshi biranavuguruzanya.

Arakunda kubwira abanyamakuru ko ashima kwigumizamwo ivyipfuzo vyiwe canke akabibwira akagwi gatoya k'abamwegereye kugira ngo abakeba biwe ntibamenye integuro ziwe.

"Ibi ntavyo ndagusigurira", niko yishuye umunyamakuru ku wa kane amubajije ivy'igitero. "Tuzogira amasezerano canke dushike ku masezerano mu nzira imwe canke iyindi".

Muri kahise, Trump yagiye akoresha amayeri yo gutanga amatariki ntarengwa mu ntumbero yo gukora ikintu mu buryo giturumbuka.

Nk'akarorero, igihe yatera ibigo vya nikleyeri vya Irani muri Mukakaro (7) umwaka uheze, Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yabandanya ivuga ku mugaragaro ko ibiganiro vyiza vyashoboka.

Gusa ikiriho, ni uko igitero ico ari co cose c'ubu bwa vuba gishobora kuba mu gihe atari ciza ku butegetsi bwiwe mu gihugu, aho ibiharuro vyerekana ko Abanyamerika batari bake batishimiye ingene Trump ariko yitwara ku bibazo vy'ubutunzi n'abimukira.

Ugereranije igitero c'umusi umwe kuri Irani umwaka uheze hamwe n'igitero cihuta co gufata Nicolás Maduro muri Nzero (1) uno mwaka, intambara yomara igihe kirekire na Irani ishobora gutuma Trump atakaza abanywanyi batari bake, kuko bashobora kubona ko yabahemukiye mu vyo yabemereye mu gihe c'imyiyamamazo, ko azokwirinda gushora Amerika mu matati yo mu mahanga.