Amerika nta na kimwe yakuye mu bitero vyayo, niko indongozi y'ikirenga ya Irani ivuga

    • Umwanditsi, Jacqueline Howard & Adam Durbin
    • Igikorwa, BBC News

Indongozi y'ikirenga ya Irani ishimangira ko Reta Zunze Ubmwe za Amerika ata "kintu na kimwe zashitseko" mu bitero vyazo ku bigo vyayo vya nikleyeri. Hari mw'ijambo rya mbere yaraye ashikirije kuva habaye amasezerano yo guhagarika intambara na Israel ku wa kabiri.

Ayatollah Ali Khamenei avuga ko ivyo bitero ata "kintu na kimwe gihambaye vyashitseko" mu guhungabanya umugambi wa nikleyeri wa Irani, aho yanavuze ko igitero co kwihora ku kigo c'igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere muri Qatar "cayibabaje bikomeye".

Mu butumwa yacishije ku rubuga X, Ayatollah Ali Khamenei yavuze ko ashimira igisirikare ca Iran "ku ntsinzi" cagize ku butegetsi bwa Israel. Ubundi butumwa bwiwe nabwo bumenyesha ko reta ya Israel "yakubiswe bikomeye n'inguvu z'Intwaro ya Kislamu" ya Iran.

Avuze ibi inyuma y'uko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ishimangiye ko isuzuma ryayo ryerekana ko ibi bitero vyahungabanije nabi cane intego za nikleyeri za Irani.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Pete Hegseth avuga ko amakuru y'igendereza yegeranijwe na Amerika hamwe na Israel yerekana ko ico gitero "cononye bikomeye umugambi wa nikleyeri, kiwusubiza inyuma imyaka itari mike".

Imbere y'aha, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yavuze ko ibigo bitatu vya nikleyeri muri Irani "vyasenyutse burundu" muri ibi bitero, anishurana uburakari ku makuru asubiramwo umutegetsi wa Amerika atavugwa izina avuga ko ivyononekaye bishobora kuba atari vyinshi nk'uko vyari vyitezwe.

Mu kiganiro n'abanyamakuru muri Pentagon (ibiro vy'ubushikiranganji bw kwivuna abansi vya Amerika) ku wa kane mu gatondo ari kumwe na jenerali Dan Caine, umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, Hegseth yavuze ko ico gitero ari "intambwe y'akataraboneka" yatumye "ibigo [vya Irani] vyo gusukura ubutare bwa uranium bitagikora".

Mu kiyago cabayemwo n'amajambo akomeye hagati ya Hegseth n'abanyamakuru, Hegseth yavuze ko Amerika ata makuru n'amwe y'igendereza yari ifise yerekena ko uranium iyunguruwe yoba yarakuwe i Fordo — ikigo kiri kure cane mu kuzimu Amerika yateye n'ibisasu bikomeye vyitwa "bunker buster bombs" — imbere y'ico gitero.

Inyuma y'imisi yari amaze ataja ahabona kuva Irani na Israel vyinjiye mu ntambara ku wa 13 Ruheshi (6), Khamenei yarasokorotse ejo ku wa kane mu masaha y'igitondo ashikiriza ijambo ryarangije agacerere kari kamaze indwi yose.

Bivugwa ko iyi ndongozi y'ikirenga yari yinyegeje mu nzu yo mu kuzimu (bunker) anagabanya itumatumanako, ivyatumye hibazwa vyinshi ku bijanye n'aho yari aherereye.

Abategetsi na Irani ntibavuga aho yari aherereye igihe yashikiriza iri jambo ejo ku wa kane, nubwo mu ntango z'ino ndwi umutegetsi wo hejuru yemeje ko yari ahantu hatekanye.

Mw'iri jambo ryiwe yacishije kuri videwo, Khamenei yagabishije ko hashobora kuba ibindi bitero ku bigo vya Amerika mu Buseruko bwo Hagati ari nka hamwe Irani yoramuka isubiye guterwa, anatangaza n'intsinzi kuri Israel na Amerika.

Khamenei yavuze ko Trump "yashikuje" mu kuvuga ivyononekaye mu bitero ku bigo vya nikleyeri vya Irani, anongerako ati: "Nta kintu na kimwe bari gushikako kandi ntibashitse ku ntego zabo".

Avuga ku gitero ku kigo ca Amerika muri Qatar, Khamenei yagize ati: "Ivyabaye birashobora gusubira muri kazoza, ari nka hamwe hoba ikindi gitero, ivyo umwansi hamwe n'abadutera botakaza nta nkeka vyoba vyinshi cane".

Nta n'umwe yishwe muri ico gitero Trump avuga ko cari camenyekanye imbere y'uko kiba. Amerika ivuga ko iki kigo ataco cabaye.

Imboneshakure CBS News ikorana na BBC muri Amerika ivuga ko Maison Blanche/White House iriko irondera iyindi mikenyuro yo kugarukana Irani ku meza y'ibiganiro, harimwo gufasha mu mugambi wa nikleyeri wa gisivire.

Hagati aho, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire yabwiye imboneshakure ya reta ko ngaha ata biganiro bitegekanijwe na Amerika.

Imishamirano itaziguye yadutse hagati ya Irani na Israel ku wa 13 Ruheshi, inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avugiye ko "ari nka hamwe itohagarikwa, Irani ishobora guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara mu kanya isase".

Umusi umwe imbere y'aha, inama nyobozi y'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gucungera ibikorwa vya nikleyeri yari yatangaje ko Irani, ku ncuro ya mbere mu myaka 20, yahonyanze amasezerano yo guhagarika ikwirakwira ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Irani ibandanya yemeza ko umugambi wayo wa nikleyeri ufise intego za gisivire gusa, kandi ko itigeze irondera guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara.

Ejo ku wa kane, Irani yaremeje integuro y'itegeko y'inama nshingamateka isaba iki gihugu guhagarika ivyo gukorana n'ishirahamwe International Atomic Energy Agency (IAEA) rigenzura ibikorwa vya nikleyeri, ibi bigasigura ko itakigendera ku mabwirizwa ayisaba kwemerera abagenzuyzi ba nikleyeri kwinjira mu bigo vyayo.

Ubushikiranganji bwa Irani bujejwe amagara y'abantu buvuga ko abantu 610 bishwe mu bitero vyo mu kirere vyamaze imisi 12, mu gihe bategetsi ba Israel bavuga ko 28 bishwe.

Amerika yinjiye muri iyi ntambara mu mpera z'indwi iheze, aho yatera ibigo vya Fordo, Natanz na Isfahan, imbere y'uko Trump yihutira kurondera kwumvikanisha Israel na Iran kugira bishike ku masezerano yo guhagarika intambara gushika ubu acubahirijwe.

Ku wa gatatu, umukuru wa IAEA Rafael Grossi yavuze ko bishoboka ko Irani yoba yari yamaze kwimura nyinshi muri uranium yayo yayunguruwe imbere y'uko ibigo vyayo biterwa.