'Ni mwitahire tuzobakira' - Ndayishimiye abwira impunzi ziri muri Tanzania

Perezida Ndayishimiye yavuze ko ata yindi nzira ihari ku mpunzi z'Abarundi ziri muri Tanzania atari ugutaha, akabwira abafise ubwoba ko muri zo ata n'umwe akurikiranwa n'ubutungane.

Ni mu gihe uwuserukira ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi, HCR, mu Burundi Brigitte Mukanga Eno atera akamo izi mpunzi z'Abarundi zikiri mu makambi ya Nduta na Nyarugusu muri Tanzania kwiyandikisha vuba kugira ngo zitahuke mu mutekano no mu cubahiro.

Ni inyuma y'inama y'inyabutatu, hagati ya HCR ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu y'Uburundi n'ubwa Tanzania, yabaye mu ndwi iheze, aho bafashe icemezo ko bagiye kwongereza umurindi wo guhungura aba Barundi bari muri ayo makambi. .

Ico cemezo, nk'uko Brigitte Eno yabibwiye BBC Gahuzamiryango, kivuga ko kuva muri uku kwezi kwa Kigarama gutanguye, hagiye gutahukanwa abantu 3.000 ku ndwi, 2.000 bazova mw'ikambi ya Nduta irimwo abababa ibihumbi 133, hamwe na 1000 bazova i Nyarugusu irimwo Abarundi bababa ibihumbi 55.

Mu gihe hari bamwe bamwe mu Burundi bavuga ko igihugu cabo kidafise uburyo bwo kwakira ibitigiri vyinshi nk'ivyo mu kiringo gito, Brigitte Eno, arahumuriza, akavuga ko uburyo buronderwa.

Agira ati: "Ubushobozi nyene ni ukuburonderera hamwe, ego hariho reta, ariko kandi hari n'ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi, ndetse n'abari mu mashirahamwe ajejwe iterambere bafasha muri iki gikorwa.

"Si bwo bwa mbere impunzi zitahukanwa, twatanguye gukorana mu guhungura impunzi kuva mu 2017, kuva ico gihe abamaze gutaha mu Burundi barenga ibihumbi 266, mu gihe kuva mu ntango z'uno mwaka tumaze kwakira ibihumbi 13 bamaze gutaha.

"Ni igikorwa rero kizobandanya, amakungu azobandanya gufasha Uburundi aho bikenewe bivanye n'ubushobozi buzoba buhari".

Mu gihe hari impunzi zivuga ko zidashaka gutahuka, zikavuga ko Tanzania iriko ishaka kubahungura ku nguvu, Brigitte ntavuga ico bazozikoza, ariko akavuga ko nyinshi muri izo zitanga imvo zitagituma bashobora kubandanya bakingiwe n'amategeko mpuzamakungu.

Ati: "Igihe impunzi zaganirizwa buri muntu ku giti ciwe, babazwa igituma bakiri muri Tanzania… igituma badashaka gutahuka…batubwiye ibintu vyinshi bitandukanye. Hafi babiri canke batatu kw'ijana ni bo batubwiye ko bari biteguye guhatuka muri ako kanya.

"Ariko hari abandi babanje gutanga impamvu, cane cane zifatiye ku butunzi, ariko kuri benshi, izi ntizituma babandanya bahabwa uburenganzira bwo kwitwa impunzi, kuko imvo z'ubutunzi ntiziha abantu uburenganzira bwo kwitwa impunzi.

"Ni co gituma tubahamagarira kwiyandikisha vuba, bagataha mu mutekano no mu cubahiro. Ni vyo, ishirahamwe HCR ntirishigikira gukoresha agahato ngo batahe, ni co gituma dukora uko dushoboye ngo tubahe amakuru akenewe kugira ngo bo nyene bihitiremwo gutaha, ariko bigaragaye ko batabishaka, ico gihe hari ikindi gishobora gukorwa.

'None ugomba zigire gute'?- Ndayishimiye

Ku ruhande rwiwe, Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko igihugu citeguye kwakira aba Barundi bahunze indyane za poritike zadutse mu 2015, zigatuma abarundi barenga 400.000 bahunga, benshi bakaba bahungiye mu bihugu bibanyi n'Uburundi.

Mu kiganiro yaraye agiranye n'abarongoye ibinyamakuru bitandukanye bikorera mu Burundi ejo ku wa mbere, Perezida Ndayishimiye yavuze ko ata yindi nzira ihari kuri izi mpunzi atari ugutaha, agahumuriza abafise ubwoba ko mu mpunzi ziri muri Tanzania ata n'umwe akurikiranwa n'ubutungane.

"Igihugu kibahaye indaro kivuze kiti ni mutahe, none ugomba bagire gute? Twebwe rero tuvuga tuti ni mwitahire, tugira n'Imana nta n'umwe aronderwa n'ubutungane mu mpunzi ziri muri Tanzania. Nta n'umwe.

"Ivyo ari vyo vyose ni hagira ikizogorana, ubushikiranganji [bw'intwaro yo hagati ] bw'iwacu buzogira ico bubivuzeko mu nama y'inyabutatu".

Amakuru ava mw'ikambi y'i Nyarugusu avuga ko benshi mu Barundi basanzwe bahaba bariko bariyandikisha ku bwinshi, inyuma ya kano kamo baterwa kugira ngo bahunguke kugushaka kwabo, nk'uko umwe muri zo adashaka ko izina ryiwe rimenyekana yabibwiye BBC Gahuzamiryango.

Yagize ati: "Ku vyo mbona, koko bariko bariyandikisha ku bwinshi".

Abajijwe nimba batoba bariko barahatirwa kwiyandikisha, yishuye ati: "Impunzi, nta gihe na kimwe bigeze biyadikisha ku bushake, ni uko hari ibintu bagiye bakora kugira ngo abantu bashobore gutaha ku bwinshi.

"Batubwira bati vyanka bikunda mutegerezwa gusubira iwanyu, mudatashe muzokwibonerako, rero abantu rero bagira bati 'nta handi hantu dufise tuja, reka dutahe nta kundi turi bugire'."

Tanzania nta mugambi ifise wo guha ubwenegihugu impunzi

Mu misi iheze, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwa Tanzania, bwari bwateye akamo izi mpunzi ko gushika ku wa 30 Munyonyo (11) zari kuba ziyandikishije ku gushaka kwazo kugira ngo zihunguke, ivyaziteye ubwoba ko inyuma y'iyo tariki zari guca zihungurwa ku nguvu.

Avugana na BBC Gahuzamiryango, umukuru w'igisata kijejwe impunzi muri ubwo bushikiranganji, Sudi Mwakibasi, yarazihumurije, avuga ko atariko bimeze.

Hagati aho, yashimangiye ko ayo makambi ategerezwa kuzokwugarwa gushika mu mpera z'ukwa gatandatu umwaka uza wa 2026.

Mwakibasi avuga ko hafi ibice 99 kw'ijana ubu batagifise impamvu zituma bobandanya bitwa impunzi.

Ati: "Mu biyago twagiriraniye na bo, benshi wasanga bavuga ngo nta tongo bafise, abandi ngo uburyo bwo kubaho mu Burundi ntibukwiye, abandi bakavuga ngo nta nzu bafise bashikiramwo, abandi bakavuga indyane zo mu miryango, abandi ngo ntibazi aho bavuye, ni ukuvuga imvo zitakiri za mvo zatuma bahunga".

Abajijwe ikizokurikira ari nka hamwe hogira abanka burundu guhunguka, yishuye ko hazofatwa izindi ngingo hisunzwe amasezerano ya Geneva hamwe n'amategeko ya Tanzania agenga impunzi.

Ati: "Tumaze gushira amakenga koi vyo bibazo bitakiriho, igikurikira ni ugufuta uburenganzira bwo kwitwa impunzi, gufuta uburenganzira bwo kwitwa impunzi ni kimwe, inzira yo kubarungika nayo ni ikindi, kuko muri ico gihe nta mategeko mpuzamakungu aba akibakingiye.

Hagati aho, yavuze ko inyuma yaho hazoba ukubarungika hakurikijwe urutonde ruzoba rwateguwe, ariko ntabifata nko kubirukana.

"Uca utegura uburyo bwo kubarungika ata kubanza kwiyandikisha".

Hagati aho, umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Tanzania George Simbachawene, avuga ko reta y'iki gihugu ata mugambi ifise wo guha ubwenegihugu impunzi, kandi ko ata mugambi wo guhindura amategeko agenga impunzi yoziha akaryo ko kurangurira imigambi yo kwiteza imbere no kwibeshaho ziri ku butaka bwa Tanzania.

Mw'ijambo ryo kurangiza iyo nama y'inyabutatu yabera mu gisagara ca Dar es Salaam, Simbachawene yabwiye abari muri yo ko ata n'umugambi iyo reta ifise wo guhindura amakambi ngo abe ibigwati.