Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Impunzi z'Abarundi z'i Nduta na Nyarugusu zahawe igihe ntarengwa co kwiyandikisha ngo zihunguke
Impunzi z'Abarundi ziri mu makambi ya Nyarugusu na Nduta muri Tanzania zitekewe n'ubwoba inyuma y'uko zisabwe kuba ziyandikishije imbere y'uko uku kwezi kwa Munyonyo (11) kurangira kugira zihunguke.
Intonde ziherutse kumanikwa muri aya makambi zisaba abari kuri zo bose, mu mazone yose y'impunzi z'Abarundi kuba bamaze gufata ingingo yo kwiyandikisha imbere y'itariki 30 Munyonyo 2025 gusubira mu Burundi.
Ni inyuma y'igihe kitari gito abategetsi ba Tanzania basa n'abinginga izi mpunzi guhunguka, ariko bikaboneka ko zibandanya kunana.
Uno musi, zibona ko ata yandi mayeri basigaranye, ko Tanzania igiye kubarungika mu gihugu cabo, kuko nk'uko abategetsi babandanije babibamenyesha, "igihugu kiratekanye".
Ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi, riremeza ko hari "intonde z'ihunguka ry'impunzi zamanitswe na reta ya Tanzania", ariko ntaco rishima kubivugako.
Sudi Mwakibasi arongoye igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati ya Tanzania yemereye BBC Gahuza ko basohoye izi ntonde z'impunzi zose z'Abarundi muri aya makambi abiri, ariko ko ari mu ntumbero yo kubahimiriza ngo biyandikishe ngo bahunguke.
Mu masekeza yo guhimiriza izi mpunzi, abategetsi ba Tanzania bagiye bazibutsa ingene impunzi zari mw'ikambi ya Mtabila mu myaka ya 1990 zagumye zihimirizwa gutahuka mu gihugu cazo, zimwe zikanana, bikaza kurangira zirukanywe.
Impunzi zivuga ko hagiye kandi hafatwa n'ingingo zidasanzwe mu rwego rwo kuzihimiriza no kuzereka ko hageze ko zitahuka, nk'akarorero kwugara amashure, kubabuza kudandaza, ariko ziranana.
Umutwe w'izi ntonde uvuga ko iyi ngingo ifashwe inyuma y'ibiyago vyabaye aho buri mpunzi yagenda ibazwa ibibazo bijanye n'ubuzima bwiwe, ariko bamwe muri izi mpunzi bakavuga ko ibibazo bashikirije bitigeze bifatirwako.
"Nta n'umwe atari kuri izi ntonde", niko umwe muri izi mpunzi yabwiye BBC.
Uwiyita Frank ari mw'ikambi ya Nyarugusu avuga ko adashobora guhunguka kubera avuga ko icatumye ahunga kikiri ha handi.
Yabwiye BBC New Gazamuryango ati: "Jewe siniteguye gutahuka, narakorewe 'torture' [iyicarubozo] mu gihugu kandi idasanzwe, aho Imana yamfashije ngahunga, ngashika hano, iki gihugu kiranyakira.
"Ndafise n'impapuro nahawe n'abaganga zerekana ibibazo mfise kubera 'torture' nagiriwe, mbere bisaba ko ntegerezwa no kuja kuvuzwa, ariko sinigeze njanwa kuvuzwa. Ubwo rero nimba Tanzania ifashe ingingo yo kunyirukana, jewe niteguye guta nkomoka".
BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi vy'uko yakoreweho ivyo bikorwa vyo kuborezwa igufa (torture).
Ababa mw'ikambi ya Nduta bavuga ko babwiwe ko ikambi yabo izokwugarwa mu kwa gatatu kw'umwaka uza.
Umwe mu baba muri iyo kambi tutavuga izina ku mvo z'umutekano wiwe, yabwiye BBC ko intonde nk'izi zimanitse, na bo nyene bagategekwa kwiyandikisha imbere y'itariki 30 Munyonyo.
"Inyuma y'iyo tariki, ibizoba ntavyo tuzi, ariko gusa dufise ubwoba ko dushobora kuzogirirwa nabi, tugahungurwa ku nguvu", niko avuga.
Avuga ko yahunze ari umunyeshure, yiga mu mwaka w'icenda, ishure ntiyashimye kurivuga, ariko ko atashoboye kubandanya amashure yiwe.
Avuga ko kuva izi ntonde zimanitswe hari abatanguye kwiyandikisha ariko ko wewe atarota yiyandikisha. "Nzokwomoka mve muri iki gihugu", niko na we nyene avuga.
Intureka zadutse mu 2015 biturutse ku kutumvikana ku kiringo cagira gatatu c'umuhisi Perezida Petero Nkurunziza zatumye Abarundi batari bake bahungira mu bihugu bitandukanye, harimwo na Tanzania.
Abahungiye muri iki gihugu bashizwe mu makambi abiri yo mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n'Uburundi, ikambi ya Nyarugusu iri mu karere ka Kasulu, ikaba yari isanzwe irimwo impunzi z'Abakongomani, hamwe na Nduta iri mu karere ka Kibondo.
Uko hagiye haba ituze mu Burundi, niko abatari bake bagiye batahuka, ariko kandi haracasigaye abakiri muri ayo makambi, babona ko batohunguka, nubwo bagiye bahimirizwa n'abategetsi b'Uburundi na Tanzania.
Gushika ubu, ibiharuro vya UNHCR vyo gushika ku wa 31 Gitugutu 2025, vyerekana ko ikambi ya Nduta irimwo Abarundi bababa 55.800, nayo Nyarugusu ikaba irimwo abababa 10.000.
Ntibwoba ari ubwa mbere impunzi zirukanywe muri Tanzania
Kuva Uburundi bwikukira mu 1962, bwagiye burangwamwo indyane zatumye Abarundi batari bake bahungira muri Tanzania.
Gushika ubu hari Abarundi bakiri muri ico gihugu bahunze intureka zo mu 1972, mu makambi ya Mishamo, Katumba na Ulyankulu, bobo ni nk'uko batagiterwa igitsure ngo bahunguke, mu gihe muri bo hari abamaze no guhabwa ubwenegihugu.
Intureka zadutse mu 1993, inyuma y'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye ni zo zatumye iki gihugu cakira igitigiri kinini cane c'impunzi z'Abarundi, zakonganirijwe mu makambi yababa cumi, mu ntara za Kigoma na Kagera.
Amahoro agarutse, abari bananye guhunguka bahunguwe ku nguvu mu 2012 aho bari barakoranirijwe, mw'ikambi ya Mtabila yari mu karere ka Kasulu.
Inyuma y'imyaka itatu, hasubiye kwaduka izindi ntureka zatumye haba abandi Barundi bahungirayo, ubu bakaba bakonganirijwe muri aya makambi abiri, Nduta na Nyarugusu, aho bariko bategekwa guhunguka.
Bavuga ko babwirwa ko ari nka hamwe bokwanka gutaha ku neza, bazokwirukanwa nka bagenzi babo bari i Mtabila mu 2012.
Aya makambi y'Abarundi vuba arugarwa
Sudi Mwakibasi yabwiye BBC Gahuza ko reta ya Tanzania yafashe iyi ngingo yo kumanika izi ntonde mu ntumbero yo kubahimiriza ngo biyandikishe ku bwinshi.
Mwakibasi avuga ko igikorwa co guhungura impunzi mu bisanzwe catanguye mu mwaka wa 2017, ariko ko ubu zitazi ziciyandikisha ngo zitahuke.
Ati: "Mu nama y'inyabutatu twagize i Bujumbura mu kwezi kwa Kigarama (12) umwaka uheze hagati ya reta ya Tanzania, reta y'Uburundi na UNHCR, twari twumvikanye guhungura 3000 ku ndwi, ariko nokubwira ko kuva mu kwa mbere uno mwaka gushika ubu tuvugana, impunzi tumaze gutahukana ntizinashika 4000 muri aya mezi yose.
"Ni ukuvuga igitigiri twumvikanye guhungura ku ndwi ni nk'uko gushika ubu tutaragishikana".
Hagati aho, mu gihe izi mpunzi zifise ubwoba ko inyuma y'aho zishobora kuzohungurwa ku nguvu, Mwakibasi arabihakana.
Ati: "Ni hashika igenekerezo rya 30 Munyonyo tukabona ata cahindutse, tuzoca turaba iyindi nzira".
Gusa, avuga ko bategekanya kwugara aya makambi vuba, bikaba bitegekanijwe ko ikambi ya Nduta yugarwa mu kwa gatatu kw'umwaka uza, nayo uruhande rw'impunzi z'Abarundi ziri muri Nyarugusu rukazokwugarwa mu kwa gatandatu, nk'uko abivuga.