South Africa: Umunyeshure yihagaritse ku bikoresho vy'umwirabure yirukanywe

Abanyeshure bari mu myiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyeshure ba kaminuza ya Stellenbosch baragize imyiyerekano basaba ko hafatwa ingingo ku caha gikekwa kuba ico amacakubiri afatiye ku rukoba

Kaminuza ya Stellenbosch yirukanye umunyeshure wo mu mwaka wa mbere yari yafashwe amasanamu mu kwezi kwa gatanu ariko arihagarika ku bikoresho vy'umunyeshure w'umwirabure.

Uwo munyeshure w'umuzungu yirukanywe inyuma yo gukekwako icaha c'ivangura mu gihe iyo kaminuza yagira amatohoza kuri ico caha.

Abanyeshure benshi barihereje amabarabara basaba ko uwo munyeshure afatirwa ingingo ruhasha.

Iyo kaminuza yarakoze inama yihweza ikibazo c'inyifato (discipline) kuva kw'itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu gushika itariki 23 z'ukwezi kwa gatandatu.

Ku musi wa kane, akanama kajejwe inyifato kasanze uwo munyeshure yagirwa n'icaha co kurenga ku mategeko agenga abanyeshure ajanye n'inyifato.

Mw'itangazo, iyo kaminuza igira iti: "Ivyagaragaye vyatumye akanama kajejwe inyifato gafata ingingo ko ata kindi cokorwa atari kwirukana uwo munyeshure ubwo nyene muri kaminuza."

Uwo munyeshure afise imisi itanu yo kujurira kuri iyo ngingo.

Avuga kuri iyo ngingo yafashwe, icegera c'umukuru w'iyo kaminuza, Prof Deresh Ramjugernath yavuze ko iyo kaminuza yitaye kuri ico kibazo "ku buryo bukomeye cane".

Yagize ati:"Iyi kaminuza ntiyihanganira ivangura rifatiye ku rukoba, amacakubiri, urwanko n'inyifato iharabika agateka k'uwundi muntu."

Amatohoza y'igipolisi na yo ariko arabandanya.