Malawi - BBC Africa Eye: Amasanamu y'ivanguraruhu yatumye Umushinwa afatwa

Lu Ke avuga ko yakoze aya mavidewo mu ntumbero yo gukwiragiza akaranga k'Ubushinwa
Insiguro y'isanamu, Lu Ke avuga ko yakoze aya mavidewo mu ntumbero yo gukwiragiza akaranga k'Ubushinwa

Na Peter Jegwa, Lilongwe, Malawi

Umugabo akomoka mu Bushinwa akora amareresi yari asanzwe aronderwa n’ubutungane bwa Malawi mw’itohoza ku birego bijanye n’ivanguraruhu hamwe no gukoresha abana yahagaritswe.

Lu Ke yari asanzwe aba muri Malawi igihe yashirwa ahabona na BBC Africa Eye, igisata ca BBC cegeranya amakuru y’igendereza, aho avugwa ko yakoresheje abana mu gufata amashusho y’indamukanyo yihariye, amwe muri yo arimwo ibintu bishingiye kw’ivanguraruhu. 

Aya mavidewo ashobora kugurwa gushika ku madorari 70 y’abanyamerika ku mbuga hwaniro na ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa.

Lu Ke arahakana ko ata mavidewo yo gutyoza yakoze. 

Avuga ko yakoze aya mavidewo mu ntumbero yo gukwiragiza akaranga k’Ubushinwa mu banyagihugu ba Malawi.

Muri imwe muri aya mavidewo yabonywe na BBC, umurwi w’abana baririmbishwa mu rurimi rw’igishinwa ngo “Ndi igisizimwe cirabura. Mfise ubwenge buke”, bigaragara ko batari bazi ivyo bariko baravuga.

Inyuma yo gufatwa amashusho n’umunyamakuru yiyoberanije mu kwigira umuguzi, Lu Ke yaremeye mu nyuma arahakana ko atakoze iyi videwo. 

Igipolisi ca Malawi mu ndwi iheze catanguje amatohoza ariko nticashobora gushira iminwe kuri uyu mushinwa akora amavidewo kuko atabonetse. 

Umuvugizi w’igisata kijejwe abinjira n’abasohoka hamwe n’ubwenegihugu, Pasqually Zulu, aremeza ko Lu Ke yafatiwe mu gihugu kibanyi ca Zambia, mu gisagara ca Chipata kiri mu buseruko. 

Zulu avuga ko ibi bihugu vyompi biriko biravugana kugira birabe ingene uyu mushinwa arungikwa muri Malawi kugira abategetsi babandanye n’amatohoza.

Mu ndwi iheze, umutegetsi mukuru wo mu bushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire Wu Peng avuga ko yavuganye iki kibazo n’umushikiranganji wa Malawi ajejwe imidengeranire.

Avuga ko igihugu ciwe ciyamiriza ivangura.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, yanditse ati: “Ubushinwa bubandanya butuza ibi bikorwa bitemewe n’amategeko bicishwa ku mbuga ngurukanabumenyi muri iyi myaka ya vuba”. 

“Tuzobandanya dutuza aya mavidewo y’ivanguraruhu muri kazoza”.