South Africa: Umunyeshure w’umuzungu yafashwe amashusho yihagarika ku matungo y’umwirabure

Ahavuye isanamu, TWITTER
Umunyeshure w'umuzungu muri Afrika y'Epfo yahagaritswe vy'agateganyo kw'ishure kaminuza yagirijwe kwihagarika ku matungo y'umunyeshure w'umwirabure kw'ishure kaminuza ya Stellenbosch, nk'uko iki kigo cabibwiye BBC ku wa mbere.
Iyi kaminuza ivuga ko amatohoza ariko arakorwa kandi ko uyu munyeshure azofatirwa ingingo harimwo kwirukanwa no gushengezwa imbere y'ubutungane, bivanye n'ico amatohoza azokwerekana.
Abanyeshure batari bake bakoze imyiyerekano kw'ishure kaminuza ya Stellenbosch ku wa mbere basaba ko uyu munyeshure wo mu mwaka wa mbere afatirwa ibihano.
Iyi kaminuza - co kimwe n'abandi babonye iyi videwo izunguruka ku mbuga hwaniro - ivuga ko aka kabi gasa n'ako urwanko rufatiye kw'ivangura rishingiye ku rukoba.
Mw'itangazo, umuvugizi w'ishure kaminuza ya Stellenbosch Martin Viljoen avuga ko iri shure "ryiyamiriza ryivuye inyuma aka kabi kabishe gashingiye kw'ivangura".
Uwabikorewe aracari mu mubabaro yiyumvira ivyabaye, nk'uko iyi kaminuza ibivuga.
Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, uwo munyeshure w'umwirabure yari aryamye hanyuma yikangura yumvise ko hari umuntu ari mu cumba ciwe.
Muri iyo videwo, yumvikana abaza uyo munyeshure w'umuzungu igituma ariko arasoba ku bintu vyiwe.
Ivyabaye bishize ahabona ingene urugamba rwo kurwanya ivangura rishingiye ku rukoba muri Afrika y'Epfo rutararangira - inyuma y'imyaka mirongo ubutegetsi bw'ivangura bwa apartheid busenyutse.













