South Africa: Prezida Ramaphosa agabisha kwirinda ivanguramoko inyuma y'itana mu mitwe kw'ishure

Abagabo bariko bararwana

Ahavuye isanamu, Esa Alexander

Insiguro y'isanamu, Abavyeyi n'abatuye hafi y'iryo shure bari imbere yaryo ku wa mbere imbere y'uko imyiyerekano yari yateguwe itangura

Itana mu mitwe ryabereye imbere y'ishure hagati y'abatuye hafi yaryo n'abaharanira agateka bo mu mugabwe Economic Freedom Fighters (EFF) bapfa ivyagiriji vy'ivanguramoko rifatiye ku rukoba.

Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yagabishije ko ibintu nk'ivyo bishobora gukwega indyane zikomeye zifatiye ku rukoba.

Umugambwe EFF wavuze ko abanywanyi bawo batewe "n'abahezanguni badashima amahinduka" igihe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ibirori vyo guheza amashure vy'abazungu gusa.

Iryo shure ryo mu muji wa Cape Town ryavuze ko ata ruhara ryagize mu gutegura ivyo birori.

Intwaro y'abazungu b'inkehwa muri Afrika y'epfo yaheze mu 1994.

Mu rwandiko, Bwana Ramaphosa yavuze ko "kubona abavyeyi n'abari mu myiyerekano bashika aho baterana ingumu kw'irembo ry'ishure ari ibintu bidashobora kwihanganirwa".

Cyril Ramaphosa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, President Cyril Ramaphosa yavuze ko itana mu mitwe kuri iryo shure ari ikintu kibabaje cibutsa kahise kabishe

"Ivyabaye... vyibutsa ibihe bibi vya kahise tutokwifuza na gato ko vyogaruka."

Yahamagariye impande zombi kwihangana no guheza uruhagarara mu mutekano.

Ivanguramoko rifatiye ku rukoba ryari ryemewe n'amategeko, rizwi nka apartheid, ryakuweko imbere y'amatora ya mbere ya demokrasi mu 1994, igihe amako yose yatoye.

Abagabo bariko bararwana

Ahavuye isanamu, Esa Alexander

Insiguro y'isanamu, Abatuye hafi y'ishure n'abari mu myiyerekano batanguye guterana amajambo imbere y'uko bashira mu migere

Inyigisho z'amacakubiri afatiye ku moko muri ico gihe cabaye ikintu cahuje abarwanya apartheid bose.

Kuwa mbere, bitewe n'akamo k'umugambwe utavuga rumwe na leta EFF ko kuza mu myiyerekano imbere y'ishure Brackenfell High, abatuye hafiye yaryo, abavyeyi hamwe n'abarinda umutekano bahuriye hanze y'ishure, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Cape Argus.

Amafoto na za video vyashizwe kuri internet vyerekana abanywanyi ba EFF bariko baratukwa, haca haduka itana mu mitwe, igipolisi birakigora kubanguranya.

Umugabo umwe yafashwe yagirizwa kurasa hejuru.