Urufunguruzo rw'icumba Nelson Mandela yapfungiwemwo i Robben Island rusubijwe muri South Africa- umushikiranganji

Ahavuye isanamu, Corbis via Getty Images
Urufunguruzo rw'icumba cigeze kuba gipfungiwemwo Nelson Mandela mw'ibohero rya Robben Island rugiye gusubizwa Afrika y'Epfo aho kugurishwa camunara muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji.
Iyo camunara yari itegekanijwe kubera i New York ku wa 28 ukwezi kwa mbere gushika aho umushikiranganji ajejwe akaranga muri Afrika y'Epfo, Nathi Mthethwa, avyankiye.
Yavuze ati: "Urwo rufunguruzo n'urwo Abanya-Afrika y'Epfo".
Mandela yamaze imyaka 27 mu munyororo kubera guharanira kuvanaho intwaro y'ivanguramoko ya apartheid.
18 muri iyo myaka yayimaze muri Robben Island, izinga (ikirwa) riri hafi ya Cape Town.
Mu 1994, Mandela yabaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Afrika y'Epfo w'umwirabure inyuma y'amatora ya mbere ya demokrasi muri ico gihugu, gushika ubu akaba akiri ikimenyetso muri ico gihugu.
Mthethwa yavuze ko ikigo ca Guernsey kigurisha ibintu camunara cemeye gusubiza urwo rufunguruzo Afrika y'Epfo hamwe kandi no guhagarika igurishwa ry'ibindi bintu vyari ivya Mandela.
Ivyo birimwo igicapo ca Mandela ubwiwe, The Lighthouse, Robben Island, hamwe n'ikinga (igari) yemererwa gukoresha mu kugorora imitsi hamwe na raquette y'urukino rwa tennis y'ibohero.
Mthethwa yavuze mw'itangazo ati: "Urwo rufunguruzo n'ikimenyetso ca kahise kababaje ka Afrika y'Epfo ariko kandi ruhagarariye intsinzi y'agatima k'ubwiza bw'umuntu ku kibi."
Urwo rufunguruzo rwari rwatanzwe ngo rugurishwe na Christo Brand, uwacunga Mandela muri iryo bohero rizwi cane.
Abo babiri mu nyuma bahavuye baba abagenzi.
Iyo camunara yari iyo kurondera amafaranga yo gutunganya ikibanza c'akayaga (jardin) hamwe n'inyubwakwa ndangakaranga iruhande y'intatemwa (ahashiguwe) ya Mandela.
Mandela yavuye mw'ibohero mu 1990 igihe Afrika y'Epfo yariko irava mu ntwaro y'ivangura ya apartheid.
Yabaye umukuru w'igihugu ikiringo kimwe, ava ku butegetsi mu 1999.
Yapfuye mu 2013 afise imyaka 95.











